ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb22 Ntwarante rup. 13
  • Nta mvura idahita

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nta mvura idahita
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ivyo bijanye
  • Yehova aradufasha iyo turi mu ngorane
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Nubandanye kwihangana
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Nurindire Yehova wihanganye
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Woba uzorindira wihanganye?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
mwb22 Ntwarante rup. 13
Udufoto: Ishusho yakuwe mw’ividewo ivuga ngo “Abantu bunze ubumwe mw’isi irimwo ukwicamwo imice.” 1. Isinzi ry’abavukanyi b’abirabure gusa bari kw’iteraniro. 2. Umugwi w’abakurambere b’abirabure n’abazungu hamwe n’abagore babo bariko barifotoza. 3. Bashiki bacu babiri batanganya imyaka kandi badasangiye ibara ry’urukoba bariko baramamaza ku mugaragaro.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nta mvura idahita

Ibigeragezo birashobora kuduca intege bitagoranye na canecane igihe bimaze igihe kirekire. Dawidi yari azi ko ibigeragezo yarimwo kubera Umwami Sauli amaherezo vyorangiye maze akaba umwami nk’uko Yehova yari yarabisezeranye. (1Sm 16:13) Ukwizera kwa Dawidi kwaramufashije kwihangana no kurindira Yehova.

Iyo turi mu bigeragezo, turashobora gukoresha ukwiyubara, ubumenyi canke ubushobozi bwo kwiyumvira kugira turabe ko hari ico twohindura. (1Sm 21:12-14; Img 1:4) Ariko rero, ingorane zimwezimwe zirabandanya n’igihe tuba twakoze ivyo dushoboye vyose mu buryo buhuye n’ingingo ngenderwako za Bibiliya. Mu bihe nk’ivyo, tubwirizwa kwihangana tukarindira Yehova. Vuba azokuraho ingorane zose yongere ‘ahanagure amosozi yose’ ku maso yacu. (Ivy 21:4) Ikigeragezo caba giheze kubera Yehova yahaserutse canke bivuye ku zindi mvo, ico twomenya co ni iki: Nta mvura idahita. Ukwo kuri kuratuma turema ku rugero kanaka.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABANTU BUNZE UBUMWE MW’ISI IRIMWO UKWICAMWO IMICE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni ingorane izihe zashikiye abakirisu bamwebamwe bo mu bumanuko bwa Amerika?

  • Berekanye gute ukwihangana n’urukundo?

  • Ni gute babandanije kwitunira ku “bihambaye kuruta ibindi”?​—Fp 1:10

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika