ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb26 Nzero rup. 8-9
  • 26 Nzero–1 Ruhuhuma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 26 Nzero–1 Ruhuhuma
  • Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
mwb26 Nzero rup. 8-9

26 NZERO–1 RUHUHUMA

YESAYA 28-29

Ururirimbo rwa 28 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Nutere iteka Yehova mu vyo uvuga no mu vyo ukora

(Imin. 10)

Yesaya yarahambariye cane abakuru b’idini bo mu gihe ciwe kubera ubwiyorobetsi bwabo (Yes 29:13; ip-1 299 ing. 23)

Yezu yarerekanye ko ivyo Yesaya yavuze vyariko birarangukira ku bakuru b’idini bo mu gihe ciwe (Mt 15:​7-9; w21.05 9 ing. 7)

Yehova yipfuza ko abasavyi biwe ‘bamugamburukira bivuye ku mutima’ (Rm 6:17; w24.06 10 ing. 8)

Udufoto: 1. Umuvukanyi ariko arashikiriza ikiganiro mw’ikoraniro. Iruhande yiwe hari televiziyo iriko ishusho y’umuryango uriko uragira ugusenga kwo mu muryango. 2. Wa muvukanyi n’umuryango wiwe bari mu gusenga kwo mu muryango.

Igihe ivyo dukora bisa n’ivyo twigisha, Yehova arabibona kandi arabishima

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Yes 29:1—Kubera iki bibereye kuba Yeruzalemu yitwa Ariyeli? (it «Ariël» ing. 1; it «Ariël» No. 3)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

(Imin. 4) Yes 29:​13-24 (th icigwa ca 2)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 2) AKARYO KIZANYE. Nurondere kumenya ivyoshimisha uwo muntu. Nimuvugane ingene muzosubira kuganira. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 5)

5. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 3) INZU KU NZU. Numwishure ikibazo yakubajije ubuheruka. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 3)

6. Guhindura abantu abigishwa

(Imin. 2) INZU KU NZU. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 10 iciyumviro ca 3)

7. Guhindura abantu abigishwa

(Imin. 4) lff icigwa ca 18 iciyumviro ca 6-7 (lmd icigwa ca 11 iciyumviro ca 3)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 89

8. «Nama nkora ibimuhimbara»

(Imin. 8) Guhana ijambo.

Igihe kimwe Yezu yavuze ati: «Nama nkora [ibihimbara Yehova].» (Yoh 8:29) Na twebwe turigana Yezu, tukihatira gukora ibihimbara Yehova. Naho bitama vyoroshe, biravamwo ivyiza.

Udufoto: Amafoto yakuwe mw’ividewo «Nukore ibintu nk’uko Yehova ashaka.» 1. Joel Adams. 2. Garrick Diaz. 3. Lars Carlsen.

Nimurabe IVIDEWO Nukore ibintu nk’uko Yehova ashaka. Nuce ubaza uti:

  • Wize iki ku bijanye no gukora ibintu nk’uko Yehova ashaka igihe uri mu ruhamo, igihe wohejwe kuja mu buhumbu canke igihe uguye mu mutego w’ubwibone?

9. Ibikenewe iwanyu

(Imin. 7)

10. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

(Imin. 30) lfb icigwa ca 56, intangamarara y’igihimba ca 10, n’icigwa ca 57

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 55 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika