26 NZERO–1 RUHUHUMA
YESAYA 28-29
Ururirimbo rwa 28 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. Nutere iteka Yehova mu vyo uvuga no mu vyo ukora
(Imin. 10)
Yesaya yarahambariye cane abakuru b’idini bo mu gihe ciwe kubera ubwiyorobetsi bwabo (Yes 29:13; ip-1 299 ing. 23)
Yezu yarerekanye ko ivyo Yesaya yavuze vyariko birarangukira ku bakuru b’idini bo mu gihe ciwe (Mt 15:7-9; w21.05 9 ing. 7)
Yehova yipfuza ko abasavyi biwe ‘bamugamburukira bivuye ku mutima’ (Rm 6:17; w24.06 10 ing. 8)
Igihe ivyo dukora bisa n’ivyo twigisha, Yehova arabibona kandi arabishima
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
Yes 29:1—Kubera iki bibereye kuba Yeruzalemu yitwa Ariyeli? (it «Ariël» ing. 1; it «Ariël» No. 3)
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Yes 29:13-24 (th icigwa ca 2)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 2) AKARYO KIZANYE. Nurondere kumenya ivyoshimisha uwo muntu. Nimuvugane ingene muzosubira kuganira. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 5)
5. Gukurikirana abashimishijwe
(Imin. 3) INZU KU NZU. Numwishure ikibazo yakubajije ubuheruka. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 3)
6. Guhindura abantu abigishwa
(Imin. 2) INZU KU NZU. Numusabe mwige Bibiliya. (lmd icigwa ca 10 iciyumviro ca 3)
7. Guhindura abantu abigishwa
Ururirimbo rwa 89
8. «Nama nkora ibimuhimbara»
(Imin. 8) Guhana ijambo.
Igihe kimwe Yezu yavuze ati: «Nama nkora [ibihimbara Yehova].» (Yoh 8:29) Na twebwe turigana Yezu, tukihatira gukora ibihimbara Yehova. Naho bitama vyoroshe, biravamwo ivyiza.
Nimurabe IVIDEWO Nukore ibintu nk’uko Yehova ashaka. Nuce ubaza uti:
Wize iki ku bijanye no gukora ibintu nk’uko Yehova ashaka igihe uri mu ruhamo, igihe wohejwe kuja mu buhumbu canke igihe uguye mu mutego w’ubwibone?
9. Ibikenewe iwanyu
(Imin. 7)
10. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) lfb icigwa ca 56, intangamarara y’igihimba ca 10, n’icigwa ca 57