16-22 RUHUHUMA
YESAYA 36-37
Ururirimbo rwa 150 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. «Ntutinye kubera amajambo wumvise»
(Imin. 10)
Rabushake yaragiye i Yeruzalemu gutera ubwoba abasavyi ba Yehova (Yes 36:1, 2; it «Hizqiya» No. 1 ing. 14)
Yaragerageje gutuma babona ko ata nguvu igisirikare cabo gifise kandi ko ata wari kubafasha (Yes 36:8; ip-1 387 ing. 10)
Yarabacokoye kubera bizigira Yehova na Hezekiya umwami wabo (Yes 36:7, 18-20; ip-1 388 ing. 13-14)
Abasavyi ba Yehova ntibakwiye gutinya ababatera ubwoba ngo bareke kwizigira Yehova.—Yes 37:6, 7
ICO MWOKORA MU GUSENGA KWO MU MURYANGO: Nimurabe IVIDEWO “Ewe Yehova, . . . ni wewe nizigiye”, muce muganira ku vyigwa muyikuyemwo.
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
Yes 37:29—Kuba Yehova yashize imigozi hagati y’iminwa y’umwami Senakeribu bisobanura iki? (it «Bride, mors» ing. 4)
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Yes 37:14-23 (th icigwa ca 2)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 3) INZU KU NZU. Numubwire ukuri ukuye mu nyongera ya A mu gatabu Nukunde abantu. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 4)
5. Gutanguza ikiyago
(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 5)
6. Gusigura ivyo wemera
(Imin. 5) Umwerekano. ijwbq ikiganiro 110 ing. 1-4—Umutwe: Ibatisimu ni iki? (th icigwa ca 17)
Ururirimbo rwa 118
7. «Ivyizigiro vyawe bishingiye ku ki?»
(Imin. 15) Guhana ijambo.
Hoba hari uwumaze kugucokora kubera wemera Imana, kubera wemera Bibiliya, canke kubera uri Icabona ca Yehova? Nimba vyarashitse, ushobora kuba warahagaritse umutima. Ivyo abandi bavuga birashobora no gutuma ugira inkeka. None wokora iki kugira ntugire inkeka?
Soma Yesaya 36:4. Nuce ubaza uti:
Kubera iki bihambaye ko tujijuka cane ku vyo twemera?
Nimurabe IVIDEWO Ubuyabaga bwanje—Vyoba vyumvikana kwemera ko Imana ibaho? Nuce ubaza uti:
Elibaldo na Crystal bakoze iki kugira bajijuke ku vyo bemera?
Ni igiki kikujijura ko Imana ibaho?
Ni ivyanditswe ibihe bikujijura . . .
ko Yehova agukunda?
ko Yehova azokwama agufasha?
ko uri mu basavyi b’Imana b’ukuri?
8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) lfb icigwa ca 62-63