ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb26 Nzero rup. 12-13
  • 16-22 Ruhuhuma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 16-22 Ruhuhuma
  • Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
mwb26 Nzero rup. 12-13

16-22 RUHUHUMA

YESAYA 36-37

Ururirimbo rwa 150 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. «Ntutinye kubera amajambo wumvise»

(Imin. 10)

Rabushake yaragiye i Yeruzalemu gutera ubwoba abasavyi ba Yehova (Yes 36:​1, 2; it «Hizqiya» No. 1 ing. 14)

Yaragerageje gutuma babona ko ata nguvu igisirikare cabo gifise kandi ko ata wari kubafasha (Yes 36:8; ip-1 387 ing. 10)

Yarabacokoye kubera bizigira Yehova na Hezekiya umwami wabo (Yes 36:​7, 18-20; ip-1 388 ing. 13-14)

Rabushake ariko arasemerera ahagaze mu mukogote imbere y’impome za Yeruzalemu. Abasoda bariko baramwumviriza bahagaze ku ruhome.

Abasavyi ba Yehova ntibakwiye gutinya ababatera ubwoba ngo bareke kwizigira Yehova.—Yes 37:​6, 7

ICO MWOKORA MU GUSENGA KWO MU MURYANGO: Nimurabe IVIDEWO “Ewe Yehova, . . . ni wewe nizigiye”, muce muganira ku vyigwa muyikuyemwo.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Yes 37:29—Kuba Yehova yashize imigozi hagati y’iminwa y’umwami Senakeribu bisobanura iki? (it «Bride, mors» ing. 4)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

(Imin. 4) Yes 37:​14-23 (th icigwa ca 2)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Numubwire ukuri ukuye mu nyongera ya A mu gatabu Nukunde abantu. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 4)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 5)

6. Gusigura ivyo wemera

(Imin. 5) Umwerekano. ijwbq ikiganiro 110 ing. 1-4—Umutwe: Ibatisimu ni iki? (th icigwa ca 17)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 118

7. «Ivyizigiro vyawe bishingiye ku ki?»

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Hoba hari uwumaze kugucokora kubera wemera Imana, kubera wemera Bibiliya, canke kubera uri Icabona ca Yehova? Nimba vyarashitse, ushobora kuba warahagaritse umutima. Ivyo abandi bavuga birashobora no gutuma ugira inkeka. None wokora iki kugira ntugire inkeka?

Soma Yesaya 36:4. Nuce ubaza uti:

  • Kubera iki bihambaye ko tujijuka cane ku vyo twemera?

Nimurabe IVIDEWO Ubuyabaga bwanje—Vyoba vyumvikana kwemera ko Imana ibaho? Nuce ubaza uti:

  • Elibaldo na Crystal bakoze iki kugira bajijuke ku vyo bemera?

  • Ni igiki kikujijura ko Imana ibaho?

  • Ni ivyanditswe ibihe bikujijura . . .

    ko Yehova agukunda?

    ko Yehova azokwama agufasha?

    ko uri mu basavyi b’Imana b’ukuri?

Umuvukanyi akiri muto ari mw’ishure ariko arazirikana mu gihe umwigisha wiwe afise ishusho y’agahanga imeze ukuntu ahagaze imbere y’abanyeshure. Benshi mu banyeshure barakirije.

Nshaka kwiyigisha cane kugira ndushirize kujijuka . . .

Wokora iki kugira urushirize kujijuka ku vyo wemera?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

(Imin. 30) lfb icigwa ca 62-63

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 9 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika