ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb26 Nzero rup. 14-16
  • 23 Ruhuhuma–1 Ntwarante

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 23 Ruhuhuma–1 Ntwarante
  • Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
mwb26 Nzero rup. 14-16

23 RUHUHUMA–1 NTWARANTE

YESAYA 38-40

Ururirimbo rwa 4 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Umwungere apfumbatiye agatama abigiranye urukundo.

Umwungere wo muri Isirayeli ya kera apfumbatiye agatama

1. «Kurya kw’umwungere, azokwitaho ubusho bwiwe»

(Imin. 10)

Yehova yaraduhaye Ijambo ryiwe Bibiliya yongera ararikingira kugira ridufashe kumwiyegereza (Yes 40:8; w23.02 2-3 ing. 3-4)

Aratwitwararika abigiranye urukundo (Yes 40:11; cl 70 ing. 7)

Aratuzi umwe wese ku giti ciwe kandi aradufasha kwihanganira ingorane zidushikira (Yes 40:​26-29; w18.01 8 ing. 4-6)

Abakurambere babiri bagiye kuraba umudada n’abana biwe babiri muhira iwabo.

IVYO KUZIRIKANAKO: Ukuntu muri Yesaya 40:11 hadondora umwungere bituma ubona gute Yehova?

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Yes 40:3—Ayo majambo yarangutse gute mu kinjana ca mbere? (ip-1 400 ing. 7)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

(Imin. 4) Yes 40:​21-31 (th icigwa ca 11)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 2) AKARYO KIZANYE. Nurondere akaryo ko kubwira uwo muntu ivyo wize kw’ikoraniro riheruka. (lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 3)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 2) AKARYO KIZANYE. Nurondere akaryo ko kubwira uwo muntu ibijanye n’igikorwa ukora co kwigisha Bibiliya. (lmd icigwa ca 4 iciyumviro ca 4)

6. Gukurikirana abashimishijwe

(Imin. 2) INZU KU NZU. (lmd icigwa ca 7 iciyumviro ca 5)

7. Guhindura abantu abigishwa

(Imin. 5) lff icigwa ca 18: Incamake, Wize iki? na Umugambi wokwishingira. Nukoreshe ikiganiro wakuye mu gice «Rondera n’ibindi» kugira ufashe uwo wigisha gutahura urukundo rurangwa mu Vyabona vya Yehova. (lmd icigwa ca 11 iciyumviro ca 3)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 160

8. Raporo y’umwaka w’umurimo

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Mumaze gusoma ikete rivuye ku biro vy’ishami rijanye na raporo y’umwaka w’umurimo, nubaze abumviriza akabazo kari aho musi kugira bavuge ibindi bintu bishimishije biri muri Raporo yo kw’isi yose y’Ivyabona vya Yehova: Umwaka w’umurimo wa 2025. Nubaze ibibazo abamamaji wacaguye imbere y’igihe bafise ibintu biremesha biboneye mu ndimiro mu mwaka uheze.

Udufoto: Abavukanyi n’abadada bo hirya no hino kw’isi bariko baramamaza. 1. Umudada ariko arigisha Bibiliya umugore umwe mu gitabu «Kwiberaho ibihe bidahera.» 2. Umugabo n’umugore wiwe bariko basomera Bibiliya umugabo basanze ku muhana bariko baramamaza inzu ku nzu. 3. Umudada ariko arabwira inkuru nziza umugore umwe. 4. Umudada ari muri bisi ahaye agakarata ka jw.org umugore bicaranye.» 5.Umugabo n’umugore wiwe bariko barigisha Bibiliya umugabo umwe mu gatabu «Kwiberaho ibihe bidahera.». 6. Umudada ariko arereka ividewo umugore umwe. 7. Umugabo n’umugore wiwe bariko barabwira inkuru nziza umugore umwe mu rurimi rw’ibimenyetso bamwereka n’ividewo.

Urupapuro rwa 15: Based on NASA/Visible Earth imagery

Mu 2025, Ivyabona vya Yehova barabandanije kwitwararika cane igikorwa co kwamamaza inzu ku nzu no kuyobora inyigisho za Bibiliya

  • Ni ibintu bishimishije ibihe wabonye kuri Raporo y’umwaka w’umurimo wa 2025?

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

(Imin. 30) lfb icigwa ca 64-65

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 161 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika