ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb26 Ntwarante rup. 2
  • 2-8 Ntwarante

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2-8 Ntwarante
  • Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
mwb26 Ntwarante rup. 2

2-8 NTWARANTE

YESAYA 41-42

Ururirimbo rwa 8 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. «Ntutinye»

(Imin. 10)

Yehova yozanye «umuntu amukuye i burasirazuba» kandi uwo muntu yotumye abantu bajugumira (Yes 41:​2, 5; ip-2 20 ing. 10)

Abasavyi ba Yehova ntibogize ubwoba (Yes 41:10; ijwbv ikiganiro 5 ing. 4-7)

Yehova yobafashije (Yes 41:13)


IVYO KUZIRIKANAKO: Ubuhanuzi buvugwa muri Yesaya ikigabane ca 41 buremesha gute abakirisu muri iki gihe?—w16.07 18 ing. 4-5.

Abagize umuryango bariko barigira hamwe Bibiliya mu gihugu igikorwa cacu kibujijwe. Sebibondo ariko arabira mw’idirisha, inabibondo na we akaba ariko arasoma Bibiliya ari kumwe n’abakobwa babo babiri.

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Yes 41:8—Yehova yerekanye gute ko Aburahamu yari umugenzi wiwe? (w01 1/10 20 ing. 3)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

(Imin. 4) Yes 42:​1-13 (th icigwa ca 11)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) INZU KU NZU. Arakira ubutumire bw’Icibutso kandi agashimishwa. (lmd icigwa ca 6 iciyumviro ca 4)

5. Gutanguza ikiyago

(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Nutumire incuti yawe ku Cibutso, uce uraba kuri jw.org aho kizobera hafi yiwe. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 5)

6. Gusigura ivyo wemera

(Imin. 5) Insiguro. ijwbq ikiganiro 60—Umutwe: Ni igiki cogufasha kudatinya urupfu? (th icigwa ca 1)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 19

7. Isekeza ry’Icibutso rizotangura ku wa gatandatu itariki 7 Ntwarante

(Imin. 5) Insiguro ishikirizwa n’umuhagarikizi w’umurimo. Nuvuge uko mwatunganije ibintu ng’aho iwanyu ku bijanye n’isekeza, insiguro idasanzwe be n’Icibutso. Nuremeshe bose kwongereza umwete mu ndimiro muri Ntwarante na Ndamukiza. Abamamaji barashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha 15.

8. Ibirangurwa n’ishirahamwe vyo muri Ntwarante

(Imin. 10) Guhana ijambo.

Nimurabe IVIDEWO. Nuce ubaza ibibazo biboneka muri iyo videwo.

9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

(Imin. 30) lfb icigwa ca 66-67

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 110 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika