2-8 NTWARANTE
YESAYA 41-42
Ururirimbo rwa 8 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. «Ntutinye»
(Imin. 10)
Yehova yozanye «umuntu amukuye i burasirazuba» kandi uwo muntu yotumye abantu bajugumira (Yes 41:2, 5; ip-2 20 ing. 10)
Abasavyi ba Yehova ntibogize ubwoba (Yes 41:10; ijwbv ikiganiro 5 ing. 4-7)
Yehova yobafashije (Yes 41:13)
IVYO KUZIRIKANAKO: Ubuhanuzi buvugwa muri Yesaya ikigabane ca 41 buremesha gute abakirisu muri iki gihe?—w16.07 18 ing. 4-5.
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
Yes 41:8—Yehova yerekanye gute ko Aburahamu yari umugenzi wiwe? (w01 1/10 20 ing. 3)
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Yes 42:1-13 (th icigwa ca 11)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 3) INZU KU NZU. Arakira ubutumire bw’Icibutso kandi agashimishwa. (lmd icigwa ca 6 iciyumviro ca 4)
5. Gutanguza ikiyago
(Imin. 4) AKARYO KIZANYE. Nutumire incuti yawe ku Cibutso, uce uraba kuri jw.org aho kizobera hafi yiwe. (lmd icigwa ca 3 iciyumviro ca 5)
6. Gusigura ivyo wemera
(Imin. 5) Insiguro. ijwbq ikiganiro 60—Umutwe: Ni igiki cogufasha kudatinya urupfu? (th icigwa ca 1)
Ururirimbo rwa 19
7. Isekeza ry’Icibutso rizotangura ku wa gatandatu itariki 7 Ntwarante
(Imin. 5) Insiguro ishikirizwa n’umuhagarikizi w’umurimo. Nuvuge uko mwatunganije ibintu ng’aho iwanyu ku bijanye n’isekeza, insiguro idasanzwe be n’Icibutso. Nuremeshe bose kwongereza umwete mu ndimiro muri Ntwarante na Ndamukiza. Abamamaji barashobora gukora ubutsimvyi bwo gufasha bw’amasaha 15.
8. Ibirangurwa n’ishirahamwe vyo muri Ntwarante
(Imin. 10) Guhana ijambo.
Nimurabe IVIDEWO. Nuce ubaza ibibazo biboneka muri iyo videwo.
9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) lfb icigwa ca 66-67