20-26 NDAMUKIZA
YESAYA 54-55
Ururirimbo rwa 86 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)
1. Ni ibiki wokwemera guheba kugira wigishwe na Yehova?
(Imin. 10)
Yehova yarasezeranye kwigisha abana biwe (Yes 54:13; w09 15/9 21 ing. 3)
Tubwirizwa kwemera guheba umwanya wacu kugira tugure ukuri (Yes 55:1, 2; w18.11 4 ing. 6-7)
Gutega yompi bisaba akigoro, ariko birashobora kudukiza (Yes 55:3; be 14 ing. 2-4)
NIWIBAZE UTI: «Noryohora gute ukuntu niyigisha?»
2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
(Imin. 10)
Yes 54:17—Igice ca mbere c’uyu murongo kitwibutsa ibintu bitatu bihambaye ibihe? (w19.01 6 ing. 14-15)
Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?
3. Igisomwa ca Bibiliya
(Imin. 4) Yes 54:1-10 (th icigwa ca 11)
4. Gutanguza ikiyago
(Imin. 2) INZU KU NZU. Numubwire ukuri ukuye mu nyongera ya A mu gatabu Nukunde abantu. (lmd icigwa ca 1 iciyumviro ca 4)
5. Gutanguza ikiyago
(Imin. 2) KU MUGARAGARO. Numubwire ukuri ukuye mu nyongera ya A mu gatabu Nukunde abantu. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 3)
6. Gukurikirana abashimishijwe
(Imin. 2) KU MUGARAGARO. Numuhe agakarata kamenyekanisha ibijanye no kwiga Bibiliya. (lmd icigwa ca 9 iciyumviro ca 3)
7. Insiguro
(Imin. 5) be 28 ing. 3–31 ing. 2—Umutwe: Uburyo bwo kwiga. (th icigwa ca 14)
Ururirimbo rwa 97
8. Gutsinda intambamyi zotuma utiyigisha
(Imin. 15) Guhana ijambo.
Hari ibintu vyinshi vyoshobora gutuma umuntu atumira ku rutonde rwo kwiyigisha. Nufate ko uriko uragerageza kuremesha umukirisu mugenzawe bitariko birorohera ko agira urutonde rwo kwiyigisha no gusoma Bibiliya buri musi. Akubwiye ko intambamyi zikurikira ari zo zibituma. Ku ntambamyi imwimwe yose, niwandike n’imiburiburi iciyumviro kimwe comufasha, ingingo ngenderwako yo mu Vyanditswe canke amayagwa umushumba yasohoye yomufasha.
«Sinzi gusoma neza»
«Sinkunda kwiga»
«Sinzi aho nohera gusoma Bibiliya canke ivyo nosoma buri musi uko bingana»
«Hamaze gusohoka ibintu vyinshi. Ni ibiki nokwiga buri ndwi?»
«Mfise ibikorwa vyinshi ku buryo ntoronka umwanya wo kwiyigisha»
«Birangora kwitunira ku vyigwa kandi birashika sinibuke n’ivyo mpejeje gusoma»
Nimurabe IVIDEWO Kwiyigisha mu buryo kirumara. Nuce ubaza uti:
Ni ivyiyumviro ibihe washimye muri iyo videwo vyofasha umuntu kwiyigisha mu buryo kirumara?
9. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero
(Imin. 30) lfb icigwa ca 78-79