ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb26 Ntwarante rup. 14-15
  • 27 Ndamukiza–3 Rusama

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 27 Ndamukiza–3 Rusama
  • Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
Agatabu k’ikoraniro ry’ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2026
mwb26 Ntwarante rup. 14-15

27 NDAMUKIZA–3 RUSAMA

YESAYA 56-57

Ururirimbo rwa 12 n’isengesho | Intangamarara (Umun. 1)

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

1. Turahimbawe kubona dukorera Yehova

(Imin. 10)

Ibigirwamana nta co bimarira ababisenga (Yes 57:13; ip-2 269 ing. 14-16)

Abantu badakorera Yehova ntibatekanye kandi nta bumwe bafise (Yes 57:20; w18.06 7 ing. 16; it «Terre» ing. 21)

Nta mahoro ku babisha (Yes 57:21; it «Paix» ing. 3)

Abadada babiri bariko barakorana mu ndimiro bahimbawe.

NIWIBAZE UTI: Kuba mfitaniye ubucuti bwiza na Yehova ni gute bituma ngira ubuzima bwiza?

2. Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Imin. 10)

  • Yes 56:​6, 7—Ubwo buhanuzi buriko buranguka gute? (w07 15/1 10 ing. 3; w06 1/11 27 ing. 1)

  • Ni ibiki wize mu gisomwa ca Bibiliya c’ino ndwi?

3. Igisomwa ca Bibiliya

(Imin. 4) Yes 56:​4-12 (th icigwa ca 5)

NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO

4. Gutanguza ikiyago

(Imin. 3) AKARYO KIZANYE. Numubwire ivyo wize kw’ikoraniro riheruka. (lmd icigwa ca 2 iciyumviro ca 4)

5. Gusigura ivyo wemera

(Imin. 5) Insiguro. ijwbq ikiganiro 90—Umutwe: Vyoba ari ngombwa ko umuntu aja mw’idini? (th icigwa ca 16)

6. Guhindura abantu abigishwa

(Imin. 4) lff icigwa ca 19 iciyumviro ca 4 (lmd icigwa ca 11 iciyumviro ca 3)

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Ururirimbo rwa 58

7. Ntureke kuvuga ivyerekeye Yehova

(Imin. 15) Guhana ijambo.

Abantu batazi Yehova ntibagira ikibayobora, ubuzima bwabo nta ntumbero bufise, nta n’icizigiro bafise. Ariko benshi baranka ubutumwa bw’Ubwami kubera batazi ukuntu kumenya ukuri vyobagirira akamaro. Ng’izi imvo zimwezimwe zituma tudacika intege canke ngo duhagarike kwamamaza n’igihe abantu boba batatwumviriza.—Ums 11:6.

  • Abantu bo mu cibare cacu baguma bimuka. Abantu batashimishijwe barashobora kwimuka, hakaza abandi boshima kutwumviriza

  • Igihe tudodoye ku muhana turashobora gusanga haje uwundi muntu kutwakira. Hashobora kuza umuvyeyi yitereye mu myaka, umwana yakuze, umuntu aheruka kwimukira ng’aho canke umushitsi

  • Abantu barahinduka. (1Tm 1:13) Ibintu biguma vyunyuka kuri ino si canke ingorane zishikira umuntu birashobora gutuma ahindura agatima akatwakira

  • Urukundo dukunda Yehova rutuma tuguma tumuvugira.—Lk 6:45; 1Yh 5:3

Ifoto yakuwe mw’ividewo «Yehova “ntari kure.”» Umudada ahaye agapapuro k’inkuru nziza umugore umwe muri kafetariya.

Nimurabe IVIDEWO Yehova “ntari kure.” Nuce ubaza uti:

  • Wigiye iki kuri iyo videwo ku bijanye no kudaheba kwamamaza?

8. Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero

(Imin. 30) lfb icigwa ca 80-81

Amajambo yo gusozera (Imin. 3) | Ururirimbo rwa 28 n’isengesho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika