9-15 NTWARANTE 2026
URURIRIMBO RWA 45 Ivyo umutima wanje uzirikana
Urashobora kurwanya ivyiyumviro bica intege
«Ewe jewe ndagowe!»—ROM. 7:24.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ivyo twokora kugira turwanye ivyiyumviro bica intege.
1-2. Rimwe na rimwe intumwa Pawulo yumva amerewe gute, kandi ivyamushikiye bihuye gute n’ibidushikira? (Abaroma 7:21-24)
IYO bavuze intumwa Pawulo uca ubona iki mu bwenge? Woba uca ubona umumisiyonari w’umunyamwete, umwigisha w’umuhanga, canke uwanditse ibitabu vyinshi vyo muri Bibiliya? Muri ivyo vyose nta na hamwe woba wihenze. Naho ari ukwo, vyarashika Pawulo akagira ivyiyumviro bica intege, cokimwe n’abatari bake muri twebwe.
2 Soma Abaroma 7:21-24. Mw’ikete Pawulo yandikiye Abaroma, yaravuze ibintu vyamushikira bisa n’ibishikira abantu benshi muri twebwe. Naho yakorera Yehova adahemuka, hari urugamba yaguma arwana. Yaripfuza gukora ivyo Imana igomba, ariko kubera ko atari atunganye ntivyamworohera. Uretse urwo rugamba, vyaranashika Pawulo akagira ivyiyumviro bica intege kubera amakosa yari yarakoze kera no kubera ingorane kanaka yari amaranye igihe kirekire.
3. Twihweza ibiki muri iki kiganiro? (Raba n’«Insiguro y’amajambo.»)
3 Naho Pawulo yama muri urwo rugamba, ntiyaretse ngo ivyiyumviro bica integea bimurengere. Muri iki kiganiro, tugiye kwihweza ibi bibazo: Ni ibiki vyatuma Pawulo yumva ko ‘agowe’? Ni ibiki vyamufashije kurwanya ivyiyumviro bica intege? Twokora iki kugira turwanye ivyiyumviro biduca intege?
IVYATUMA PAWULO AGIRA IVYIYUMVIRO BICA INTEGE
4. Ni ibiki vyatuma Pawulo agira ivyiyumviro bica intege?
4 Ivyo yakoze muri kahise. Imbere y’uko Pawulo aba umukirisu, yarakoze ibintu bibi. Ico gihe yitwa Sawuli. Nk’akarorero, ni ho yari ari igihe Sitefano yicishwa amabuye kandi yari ashigikiye iyicwa ryiwe. (Ivyak. 7:58; 8:1) Vyongeye, Sawuli yarafashe iya mbere mu guhama abakirisu bimwe bikomeye.—Ivyak. 8:3; 26:9-11.
5. Ivyo Pawulo yakoze muri kahise vyamugizeko ingaruka izihe?
5 Pawulo amaze kuba umukirisu, vyarashika akicuza kubera ivyo yakoze muri kahise. Uko imyaka yagiye irahaca, biboneka ko ibibi yakoreye abakirisu vyarushirije kumubuza amahoro. Nk’akarorero, mw’ikete rya mbere yandikiye Abakorinto nko mu 55 inyuma ya Kristu, yavuze ati: «Simbereye kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana.» (1 Kor. 15:9) Haciye nk’imyaka itanu, mw’ikete yandikiye Abanyefeso yidondoye ko ari «uwo hasi mu bo hasi mu beranda bose.» (Ef. 3:8) Mw’ikete yandikiye Timoteyo na ho, yavuze ko kera ‘yahora avuga nabi Imana, agahama abantu bayo, akaba n’umuntu atisonera.’ (1 Tim. 1:13) Woba ushobora kwiha ishusho y’ingene Pawulo yumva amerewe igihe yaba agendeye ishengero kanaka, maze agahura n’abo yahora ahama canke imiryango yabo?
6. Ni ikindi kintu ikihe catuma Pawulo agira umubabaro? (Raba n’akajambo k’epfo.)
6 Ihwa mu mubiri. Hari ikintu cashikiye Pawulo, kiramutera umubabaro mwinshi ku buryo yakigereranije n’«ihwa mu mubiri.» (2 Kor. 12:7) Naho Pawulo atavuze icamuteye iryo hwa, turavye iyo mvugo yakoresheje duca tubona ko cari ikintu camubabaza cane. Ishobora kuba yari indwara, canke ivyamutera amaganya, canke ikindi kintu.b
7. Kubera iki Pawulo bitamworohera gukora iciza? (Abaroma 7:18, 19)
7 Agasembwa kiwe. Pawulo yama arwana n’agasembwa kiwe. (Soma Abaroma 7:18, 19.) Naho yipfuza gukora iciza, ntivyamworohera kuko yari umunyagasembwa. Yariyemereye ko hama intambara hagati y’umubiri wiwe n’icipfuzo yari afise co gukora iciza. Naho ari ukwo, yarakoze uko ashoboye kwose kugira agire ivyo aryohoye. (1 Kor. 9:27) Iyumvire ukuntu ategerezwa kuba yaracika intege bishitse aka kera kakavyuka.
IVYAFASHIJE PAWULO KURWANYA IVYIYUMVIRO BICA INTEGE
8. Turavye ivyo Pawulo yanditse mu makete yiwe, ni ibiki vyamufashije kuryohora kamere ziwe?
8 Amakete Pawulo yanditse arerekana ko yemera adakeka yuko impwemu y’Imana ishobora kumufasha we n’abo basangiye ukwizera kurwanya impengamiro yo gukora icaha. (Rom. 8:13; Gal. 5:16, 17) Pawulo yarerekanye neza ingeso zitabereye be n’ivyipfuzo bitabereye abakirisu bakwiriye kurwanya. (Gal. 5:19-21, 26) Ivyo birerekana neza ko yazirikanye ku bugoyagoye yari afise, ararondera impanuro zo mu Vyanditswe, kugira ngo abone ivyo yokora kugira aryohore kamere ziwe. Emwe, twokwemera tudakeka ko impanuro yaha abandi yazishira mu ngiro.
9-10. Ni ibiki vyafashije Pawulo kurwanya ivyiyumviro bica intege? (Abanyefeso 1:7) (Raba n’amafoto.)
9 Naho vyashika Pawulo agacika intege, yarashoboye kugumana icizere. Nk’akarorero, yararyoherwa igihe yaba yumvise amakuru meza abwiwe n’abo bari basangiye igikorwa. (2 Kor. 7:6, 7) Yarahimbarwa kandi kubera ubucuti yari afitaniye n’abo basangiye ukwizera. (2 Tim. 1:4) Vyongeye, yari azi ko Yehova amushima. Emwe, Pawulo yari ahimbawe kubera ko yakorera Imana afise «ijwi ryo mu mutima ridahumanye.» (2 Tim. 1:3) Mbere n’igihe yari apfungiwe i Roma, yahimirije abavukanyi biwe ‘kunezerwa kubera Umukama.’ (Flp. 4:4) Turavye ayo majambo ya Pawulo, turabona ko atari umuntu yama acitse intege. Biraboneka ko igihe cose yaba agize ivyiyumviro bica intege, yakora uko ashoboye kwose kugira asubire guhimbarwa.
10 Ikindi kintu cafashije Pawulo kurwanya ivyiyumviro bica intege ni ukwemera ko incungu ari ingabire yatanzwe ku bwiwe. (Gal. 2:20; soma Abanyefeso 1:7.) Ivyo vyatumye ahera amazinda ko Yehova yamubabariye biciye ku ncungu ya Yezu Kristu. (Rom. 7:24, 25) Ivyo bintu vyose vyarafashije Pawulo kuguma ‘akorera Imana igikorwa ceranda’ ahimbawe, naho yari yarakoze amakosa kera kandi akaba adatunganye.—Heb. 9:12-14.
Naho Pawulo vyashika akiyagiriza kubera ivyo yari yarakoze muri kahise, kuzirikana ku ncungu vyaramufashije kurwanya ivyo vyiyumviro bica intege (Raba ingingo ya 9-10)
11. Kubera iki akarorero ka Pawulo katuremesha?
11 Cokimwe na Pawulo twoshobora kwumva umengo hari intambara tuguma turwana muri twebwe. Ishobora kuba ari intambara yo kwirinda kwiyumvira, gukora canke kuvuga ibidahimbara Imana. Twoshobora kwumva natwe tumeze nka Pawulo igihe yavuga ngo: «Ewe jewe ndagowe!» Mushiki wacu umwe yitwa Elizac w’imyaka 26, aravuga ingene ahora yumva amerewe. Avuga ati: «Birandemesha igihe nzirikanye ku karorero ka Pawulo. Ndahumurizwa no kumenya ko atari jewe jenyene mpora niyumva ukuraho. Ico ni ikindi kimenyamenya cerekana ko Yehova azi ibishikira abasavyi biwe.» Twokora iki none kugira ngo tugumane umunezero be n’ijwi ryo mu mutima ryiza, naho vyoshika tugacika intege nka kumwe kwa Pawulo?
INGENE TWORWANYA IVYIYUMVIRO BICA INTEGE
12. Kugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu, vyodufasha gute kurwanya ivyiyumviro bica intege?
12 Nugumane urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu. Kugira urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu biradufasha kugumiza umutima ku bintu vyiza. Urutonde nk’urwo tworugereranya n’ibintu umuntu akora kugira agumane amagara meza. Igihe dufungura neza, tukama tugira siporo, kandi tukaryama bihagije, biratuma tugira amagara meza. Muri ubwo buryo nyene, twese turamaze kwibonera ingene tumererwa neza igihe dusomye Ijambo ry’Imana tudahorereza, tugategura amakoraniro, tukayitaba, tukayagiramwo uruhara, kandi tukaja mu ndimiro. Ibikorwa nk’ivyo, biradufasha kurwanya ivyiyumviro bica intege.—Rom. 12:11, 12.
13-14. Kugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu vyafashije gute abavukanyi na bashiki bacu bamwebamwe?
13 Raba akarorero k’umuvukanyi yitwa John, yatowe kanseri itamenyerewe afise imyaka 39. Akibimenya yaracitse intege. Yaribajije ati: «Bishoboka gute ngo ndware indwara nk’iyi nkiri muto gutya?» Ico gihe, agahungu kiwe ni ho kari kagikwiza imyaka itatu. Ni ibiki none vyamufashije kutarengerwa n’ivyo vyiyumviro bica intege? Avuga ati: «Naho nama numva ndushe, naritwararika ko umuryango wanje ugumana urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu. N’igihe bitaba vyoroshe, twaritaba amakoraniro yose, tukaja mu ndimiro buri ndwi, kandi tukama tugira ugusenga kwo mu muryango.» John asubije amaso inyuma, avuga ati: «Naho mu bihe bitoroshe usanga mu ntango uvunika umutima, uko imisi igenda uribonera ingene Yehova aguha inkomezi be n’ingene agukunda cane. Yehova arashobora kugukomeza nk’uko na jewe yankomeje.»
14 Umwe Eliza twavuga na we, agira ati: «Igihe cose mba nitavye amakoraniro kandi nkiyigisha, biranyibutsa ko Yehova anyumva kandi ko ankunda vy’ukuri. Ivyo bica bituma nsubira kugira umunezero.» Umuhagarikizi umwe w’umuzunguruko yitwa Nolan wo muri Afrika, aravuga igihora kimufasha we n’umugore wiwe Diane, agira ati: «Mbere n’igihe tuba ducitse intege, tuguma dusenga, twiyigisha Bibiliya, twitaba amakoraniro, kandi tukaja kwamamaza. Iyo tubigize, Yehova yama adufasha gusubirana umunezero. Tuguma tugerageza kwibuka ko Yehova azodufasha be n’uko azoduhezagira, naho tutaba tuzi uko azobigenza.»
15. Ni ikindi kintu ikihe twokora kugira turwanye ivyiyumviro bica intege? Tanga akarorero.
15 Uretse ivyo bintu vy’ishimikiro duhejeje kuvuga, hariho n’ibindi twoshobora gukora kugira turwanye ivyiyumviro bica intege. Raba aka karorero. Dufate ko ufise ububabare mu mugongo. Kugira ngo buhere, vyoshobora gukenerwa ko ukora n’ibindi uretse gusa kuza urikanda buri musi. Kugira ngo umenye ico buvako woshobora kugira ubushakashatsi canke mbere ukitura umuganga. Muri ubwo buryo nyene, kugira ubushakashatsi muri Bibiliya no mu bitabu vyacu canke kwitura umukirisu ahumuye, birashobora kudufasha igihe tuguma tugira ivyiyumviro bica intege. Raba ibindi vyodufasha mu bihe nk’ivyo.
16. Ni igiki cogufasha kumenya ibituma ucika intege? (Zaburi 139:1-4, 23, 24)
16 Nusenge Imana uyisaba ngo igufashe gutahura ivyo ukeneye koko. Umwami Dawidi yaratahura ko Yehova yari amuzi neza. Ni co gituma yasavye Yehova ngo amufashe kumenya intandaro y’ivyari ‘bimuraje ishinga.’ (Soma Zaburi 139:1-4, 23, 24.) Na wewe urashobora gusaba Yehova ngo agufashe gutahura ibituma ugira ivyiyumviro bica intege no kumenya ingene wobirwanya. Woshobora no kwibaza ibibazo bimwebimwe nk’ibi: «Ni igiki kindaje ishinga? Ni igiki gihora kiba intandaro yavyo? Iyo ngize iciyumviro gica intege, noba ndakigumizako ubwenge aho kurondera kucikuramwo?»
17. Ni ibiki wokwiyigisha vyogufasha kuguma wiyumvira ibintu biremesha? (Raba n’ifoto)
17 Niwiyigishe ibihuye n’ivyo ukeneye. Rimwe na rimwe, kwiyigisha ibijanye na kamere za Yehova birashobora kugufasha cane. Nk’akarorero, kuzirikana ku ncungu no ku mbabazi za Yehova vyarafashije cane intumwa Pawulo. Na wewe urashobora kwigana Pawulo mu kwiyigisha ibihuye n’ivyo ukeneye. Nukoreshe ca Gitabu c’ubushakashatsi c’Ivyabona vya Yehova canke ibindi bitabu biboneka mu rurimi rwanyu, kugira ngo wiyigishe witonze ibijanye n’imbabazi z’Imana be n’urukundo rwayo rudamehuka. Umaze kuronka ibiganiro vyokugirira akamaro, nuce ugira urutonde rwavyo. Nuce urushira aho ushobora kuza urarubona kandi uze urasoma ivyo biganiro igihe cose wumva ko utanguye gucika intege. Nugerageze gushira mu ngiro ivyo wasomye, wisunze uko ivyawe vyifashe.—Flp. 4:8.
Igihe wiyigisha, nuhitemwo ibizogufasha kurwanya ivyiyumviro bica intege (Raba ingingo ya 17)
18. Ni ibiki abakirisu bamwebamwe biyigishije?
18 Mu kwiyigisha kwiwe, umwe Eliza twavuga yituniye ku nkuru ya Yobu. Agira ati: «Ingorane z’urutavanako zanshikiye zatumye niga inkuru ya Yobu. Na we nyene yarashikiwe n’ingorane z’urutavanako. Ariko n’igihe yari yacitse intege cane, ntiyigeze areka kwizigira Yehova naho atari azi igituma yariko ashikirwa n’izo ngorane.» (Yobu 42:1-6) Umwe Diane na we, avuga ati: «Twe n’umugabo wanje turiko twiyigisha igitabu Niwiyegereze Yehova. Turashima cane ingene Yehova ariko aratubumbabumba nka kurya nyene umubumvyi abumbabumba ibumba. Aho kwibanda ku makosa dukora, tugerageza nyabuna kubona ingene Yehova ariko aratubumbabumba kugira ngo atume tuba abantu beza. Ivyo bituma turushiriza kumwiyegereza.»—Yes. 64:8.
NUHERE AMAZINDA KO YEHOVA AZOGUFASHA
19. Ni igiki tutokwitega, ariko kandi ni igiki twokwizigira tudakeka?
19 Naho twoba dufise urutonde rwiza rwo mu vy’impwemu kandi tukama twiyigisha ibihuye n’ivyo dukeneye, ntitwokwitega ko ivyiyumviro bica intege bizoca bihera burundu. Mu misi imwimwe, koshobora kuzocamwo tukumva ducitse intege cane. Ariko nivyashika, Yehova azotuba hafi adufashe kutarengerwa. Turizigira ko tuzobaho dufitaniye ubucuti bwiza na Yehova, turyoherewe ubuzima be n’igikorwa tumurangurira.
20. Wiyemeje gukora iki?
20 Nimuze twiyemeze kutareka ngo ingorane zacu, ivyo twaciyemwo muri kahise canke amakosa dukora bitubuze kuryohererwa ubuzima. Igihe tugize ivyiyumviro bica intenge, Yehova arashobora kudufasha gutekana. (Zab. 143:10) Vuba turiteze kuzobaho igihe ata muntu azosubira kugira ivyiyumviro bibi. Ico gihe, buri musi tuzovyuka ata kintu na kimwe kidutera amaganya, dushashaye gukorera ya Mana yacu y’urukundo Yehova.
URURIRIMBO RWA 34 Tugendere mu gutungana
a INSIGURO Y’AMAJAMBO: Imvugo ngo «ivyiyumviro bica intege» ikoreshwa muri iki kiganiro, yerekeza ku vyiyumviro gacamwo bikatubabaza canke bishobora gutuma duhungabana. Ntiyerekeza ku kugira akabonge kadahera, iyo akaba ari indwara isaba kwitura umuganga.
b Ivyo Pawulo yanditse vyerekana ko yari afise ingorane y’amaso, iyishobora kuba yaratumye atoroherwa no kwandika amakete no gukora igikorwa ca Yehova yorohewe. (Gal. 4:15; 6:11) Canke na ho ashobora kuba yariko yerekeza ku maganya yaterwa n’abigisha bamwebamwe b’ikinyoma. (2 Kor. 10:10; 11:5, 13) Ico yashaka kwerekezako cose, ico tuzi co ni uko camuhagarika umutima.
c Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa.