16-22 NTWARANTE 2026
URURIRIMBO RWA 20 Watanze ca kinege cawe
Igituma dukeneye incungu
«Ni nde azonkiza umubiri unjana kuri urwo rupfu?»—ROM. 7:24.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene incungu ituma tubabarirwa ibicumuro, ingene izotuma tuba abatagira agasembwa, n’ingene ituma dusubiza hamwe n’Imana.
1-2. Ni igiki dukeneye gukizwa, kandi kubera iki? (Abaroma 7:22-24) (Raba n’ifoto.)
NIWIHE ishusho y’inzu isenyukiye ku muntu. Uwo muntu aracari muzima, mugabo ntashobora kwikura munsi y’ivyo bihomvagurike. Nta kindi yokora uretse gukoma induru atabaza ngo hagire uwoza kumukiza.
2 Umwe wese muri twebwe amerewe gutyo nyene. Uti gute? Igiye Adamu yagarariza Yehova yaciye aba umucumuzi. Mu nyuma, yahavuye araga igicumuro abana biwe. Cokimwe na wa muntu inzu yagwako, ivyo vyatumye abantu bose baganzwa n’igicumuro, bakaba rero bakeneye uwobakura mu vyara vyaco. Mw’ikete intumwa Pawulo yandikiye Abaroma, yaradondoye neza ingaruka igicumuro kitugirako. (Soma Abaroma 7:22-24.) Yarisabiye mbere gukizwa ‘umubiri umujana kuri urwo rupfu.’ Pawulo yumva ko yari yaracakiwe n’igicumuro twarazwe na Adamu, akaba ata handi gishikana atari ku rupfu. (Rom. 6:23) Na twebwe ivyacu vyifashe gutyo nyene, akaba ari co gituma dukeneye uwodukiza.
Kurya nyene umuntu yaguweko n’inzu akeneye uwomutabara, na twebwe turakeneye gutabarwa icaha twarazwe (Raba ingingo ya 1-2)
3. Incungu ishobora kudukiza mu buryo butandukanye ubuhe?
3 Igihe Pawulo yavuga ibijanye n’igicumuro, yasozereye ku majambo atanga icizere. Ahejeje kubaza ati: «Ni nde azonkiza umubiri unjana kuri urwo rupfu», ubwiwe yaciye yishura ati: «Imana ishimwe biciye kuri Yezu Kristu Umukama wacu!» (Rom. 7:25) Ng’aho, Pawulo yariko yerekeza ku ncungu ya Yezu.a Iyo ncungu irashobora kudukiza mu buryo butandukanye: (1) iratuma tubabarirwa ibicumuro, (2) iratuma twizigira gukurwako agasembwa, (3) iratuma dusubiza hamwe n’Imana. Guca irya n’ino ivyo vyiyumviro, biraza gutuma turushiriza gukunda Yehova, «ya Mana itanga icizigiro.» (Rom. 15:13) Biraza no gutuma turushiriza gukengurukira Yezu, ‘uwatanze iyo ncungu ituma tubohorwa.’—Kol. 1:14.
INCUNGU IRATUMA TUBABARIRWA IBICUMURO
4-5. Kubera iki umwe wese muri twebwe akeneye incungu? (Umusiguzi 7:20)
4 Turakeneye incungu kugira ngo tubabarirwe ibicumuro vyacu. Umuntu w’umunyagasembwa wese aracumura haba mu mvugo canke mu ngiro. (Soma Umusiguzi 7:20.) Ibicumuro bimwebimwe usanga bikomeye kuruta ibindi. Nk’akarorero, mu gihe c’amategeko ya Musa, uwarenga ibigo canke uwica umuntu yategerezwa kwicwa. (Lew. 20:10; Guh. 35:30, 31) Ego ni ko ivyaha vyinshi usanga bidakomeye ku rugero rumwe nk’ivyo. Naho ari ukwo, biguma ari ivyaha. Nk’akarorero, umwanditsi w’amazaburi Dawidi yavuze ati: «Nzokwiyubara kugira sincumure n’ururimi rwanje.» (Zab. 39:1) Ivyo birerekana ko dushobora gucumura mbere no mu majambo tuvuga.—Yak. 3:2.
5 Zirikana ku vyo woba warigeze kuvuga canke gukora. Hoba hari uwo wigeze kubwira ikintu mu nyuma ugasanga ntiwari ukwiye kukivuga? Hoba hari uwo wakoreye ikintu mu nyuma ukicuza? Nta nkeka ko ivyo vyose vyagushikiye. Bibiliya ivuga iti: «Iyo tuvuze ngo ‘nta gicumuro dufise’, tuba turiko turibesha kandi nta kuri kuba kuri muri twebwe.»—1 Yoh. 1:8.
6-7. Yehova atubabarira ibicumuro vyacu yisunze iki? (Raba n’ifoto.)
6 Yehova atubabarira ibicumuro vyacu yisunze incungu. (Ef. 1:7) Ariko rero, ivyo ntibisobanura ko arenza uruho rw’amazi ku bicumuro dukora, nk’aho umenga nta co bitwaye. Yehova aranka igicumuro. (Yes. 59:2) Kubera ko ari Imana y’ubutungane ntangere, vyari ngombwa ko habanza kuboneka ico yokwisunga kugira ngo ababarire abantu ibicumuro.
7 Kugira ngo Abisirayeli babarirwe ibicumuro, amategeko ya Musa yabasaba gutanga ibimazi vy’ibitungwa. (Lew. 4:27-31; 17:11) Ivyo bimazi vyagereranya ikimazi gikomeye cotanzwe na Yezu be n’imihezagiro myinshi abantu bokwironkeye bivuye kuri co. Ico kimazi ca Yezu cotumye Yehova aronka ico afatirako kugira ngo atubabarire ibicumuro. Ivyo Pawulo yandikiye abakirisu b’i Korinto, birerekana ko yatahura ivyiza abantu bokwironkeye bivuye ku rupfu rwa Yezu. Ahejeje kudondagura ingeso mbi bahoze bagenderamwo, yababwiye ati: «Mwarogejwe, murezwa, mwitwa abagororotsi mw’izina ry’Umukama Yezu Kristu biciye no ku mpwemu y’Imana yacu.»—1 Kor. 6:9-11.
Ibimazi vy’ibitungwa Abisirayeli batanga kugira bababarirwe ibicumuro vyagereranya incungu Yezu yotanze be n’imihezagiro yovuye kuri yo (Raba ingingo ya 6-7)
8. Ni igiki ukwiye kuzirikanako uko witegurira Icibutso c’uyu mwaka?
8 Uko witegurira Icibutso c’uyu mwaka, nufate umwanya wo kuzirikana ku kuntu wungukira ku mbabazi za Yehova. Nk’akarorero, incungu irakwiye gutuma utaguma wiyagiriza ku bicumuro wakoze muri kahise kandi waravyigaye. Bite hoho nimba bikikugora kwemera ko wababariwe? Kumbure wibwira uti: «Ndatahura ko Yehova ashobora kumbabarira, ariko jewe mbona ntabibereye.» Nimba ari ko wiyumvira, niwibuke iki kintu: Yehova ni we atanga imbabazi, ivyo guca urubanza na vyo yabishinze Umwana wiwe. Rero yaba wewe canke uwundi muntu wese, nta n’umwe Yehova yahaye ububasha bwo gushinga uwubereye imbabazi ziwe canke uwutazibereye. Bibiliya ivuga iti: «Nimba tugendera mu muco nk’uko [n’Imana] iri mu muco, . . . amaraso ya Yezu Umwana wayo aratwoza ibicumuro vyose.» (1 Yoh. 1:6, 7) Turakwiye kwemera ico kintu tudakeka, nka kurya nyene twemera iyindi nyigisho iyo ari yo yose yo muri Bibiliya. Incungu yaratumye Yehova aronka ico yofatirako kugira ngo atugirire imbabazi, kandi Ijambo ryiwe rivuga ko «[yi]teguriye kubabarira.»—Zab. 86:5.
INCUNGU IRATUMA TWIZIGIRA GUKURWAKO AGASEMBWA
9. Uretse gukora ikintu kibi, ni ikindi kintu ikihe ijambo igicumuro ryerekezako? (Zaburi 51:5 n’akajambo k’epfo)
9 Muri Bibiliya, ijambo «igicumuro» ntiryerekeza gusa ku kintu kibi umuntu akora, ahubwo kandi ryerekeza ku gasembwa tuvukana. (Soma Zaburi 51:5 n’akajambo k’epfo.) Ako gasembwa ntigatuma gusa dukora ibibi, ariko karanatuma tugira intege nke zituma turwara, tugasaza kandi tugapfa. Ni co gituma n’uruyoya rukivuka, rutarakora icaha na kimwe usanga rurwara canke mbere rugapfa. Ni co gituma kandi n’abantu babi canke beza usanga barwara, no gupfa bagapfa. Umuntu wese yakomotse kuri Adamu yararazwe ako gasembwa.
10. Adamu na Eva bamaze gucumura vyabagizeko ingaruka izihe?
10 Zirikana ku ngaruka zashikiye Adamu na Eva igihe bacumura maze bagacika abanyagasembwa. Baciye batangura guhungabana mu mutima. Bamaze gucumura, ubwo nyene baciye batangura kwibonera ingaruka zo kurenga kw’itegeko ry’Imana, itegeko ryari ‘ryanditse mu mitima yabo.’ (Rom. 2:15) Barumvise ko hari ikintu gihindutse muri bo, batangura kwiyumva nabi. Baciye bumva ko bategerezwa gupfuka ibihimba bimwebimwe vy’umubiri wabo, be n’uko bokwinyegeza Umuremyi wabo. (Ita. 3:7, 8) Ari bwo bwa mbere mu buzima bwabo, Adamu na Eva baratanguye kwiyagiriza, kugira amaganya, kubura amahoro, kugira umubabaro, no kwumva ibimaramare. Kandi rero, bogiye bariyumva gutyo gushika bapfuye.—Ita. 3:16-19.
11. Agasembwa katugirako ingaruka izihe?
11 Agasembwa katugirako ingaruka nka zimwe nyene kagira ku bavyeyi bacu ba mbere. Intuntu n’umubabaro tugira biva kuri ako gasembwa nyene. Naho twokwihata gute ngo dutume ubuzima bwacu burushiriza kumera neza, hari ibizokwama bitunanira. Kubera iki? Kubera ko Bibiliya ivuga yuko ivyaremwe «vyabwirijwe kugira ubuzima ata co buvamwo.» (Rom. 8:20) Ivyo ni ko biri ku muntu umwumwe ku giti ciwe, eka no ku bantu bose muri rusangi. Zirikana nk’akarorero utwigoro abantu bagize kugira ngo bakingire ibidukikije, barwanye ubukozi bw’ikibi, bakureho ubukene, batume n’ibihugu bibana mu mahoro. Utwo twigoro twose twabaye impfagusa. None incungu ishobora gute gutuma dukira agasembwa twarazwe?
12. Incungu ituma tugira icizigiro ikihe?
12 Incungu iratuma tugira icizigiro c’uko «ivyaremwe . . . bizokurwa mu buja bw’ukubora.» (Rom. 8:21) Ivyo bisigura ko nitwamara gukurwako agasembwa mw’isi nshasha tutazosubira kurwara canke kugira intuntu. Nta n’umuntu azosubira kwiyagiriza, kugira amaganya, kubura amahoro, kugira umubabaro canke kwumva ibimaramare. Vyongeye, utwigoro twose tuzogira kugira ngo dutunganye isi neza kandi tubeho mu mahoro, ntituzoba impfagusa igihe tuzoba dutwarwa na Yezu Kristu wa «Mutware w’amahoro.»—Yes. 9:6, 7.
13. Uko witegurira Icibutso c’uyu mwaka, ni ikindi kintu ikihe wozirikanako?
13 Zirikana ku vyiza uzokwironkera niwamara kuba umuntu atagira agasembwa. Iyumvire ingene bizoba bimeze kuvyuka buri musi wumva umeze neza, ata bwoba bw’uko wewe canke abawe mushobora gusonza, kurwara canke gupfa. Mbere n’ubu, naho ivyo bitararanguka, urashobora kwumva utekanye hamwe ‘wogumya ico cizigiro, ikimeze nk’inanga y’ubuzima bwacu. Ni ic’ukuri kandi kirakomeye.’ (Heb. 6:18, 19) Nka kurya nyene inanga igumya ubwato ngo ntibuhungabane, icizigiro cawe kirashobora kugumya ukwizera kwawe kandi kikagufasha kwihanganira ingorane zose zogushikira muri iki gihe. Emwe, nuhere amazinda ko Yehova ‘azohemba abamuronderana umwete.’ (Heb. 11:6) Iyo mpumurizo wifitiye ubu be n’icizigiro ca kazoza ufise, vyose bishoboka gusa kubera incungu.
INCUNGU IRATUMA DUSUBIZA HAMWE N’IMANA
14. Igicumuro cagize ingaruka gute ku bucuti dufitaniye n’Imana, kandi kubera iki?
14 Igihe Adamu na Eva bacumura, abantu baciye batandukanywa n’Imana. Bibiliya ivuga mbere ko umuryango w’abantu wose watandukanijwe n’Imana. (Rom. 8:7, 8; Kol. 1:21) Kubera iki? Kubera ko Yehova atunganye, akaba rero adashobora kurenza uruho rw’amazi ku gicumuro. Ku bijanye na Yehova, Bibiliya ivuga iti: «Ufise amaso atyoroye rwose ku buryo utokwitegereza ikibi, kandi ntushobora kwirengagiza ububisha.» (Hab. 1:13) Igicumuro rero ni nk’aho casenyuye ikiraro gihuza Imana n’abantu. Nta n’umwe yoshoboye kugiranira ubucuti n’Imana, kiretse ico kiraro gisanuwe maze kigasubira kuduhuza n’Imana. Incungu ni yo yabaye ico kiraro gituma dusubiza hamwe n’Imana.
15. Ni mu buryo ki incungu yatumye abantu basubiza hamwe n’Imana?
15 Bibiliya ivuga ko Yezu ari «ikimazi c’ibicumuro vyacu gituma dusubiza hamwe n’Imana.» (1 Yoh. 2:2) Ni mu buryo ki none incungu yatumye abantu basubiza hamwe na Yehova? Urupfu rwa Yezu rwaratumye Imana yacu y’ubutungane ironka ikintu gihuje n’amategeko ifatirako kugira ngo isubire kugiranira ubucuti n’abantu. (Rom. 3:23-26) Mbere n’abasavyi bayo b’abizerwa babayeho imbere y’uko Yezu apfa yarabise abagororotsi. (Ita. 15:1, 6, akajambo k’epfo) None yisunze iki? Yisunze incungu yari gutangwa muri kazoza. Yehova yari izi adakeka ko Umwana wiwe Yezu yokwemeye gutanga iyo ncungu. (Yes. 46:10) Iyo ncungu rero yaratumye bishoboka ko abantu basubiza hamwe n’Imana.
16. Ni ikindi kintu ikihe wozirikanako uko witegurira Icibutso c’uyu mwaka? (Raba n’ifoto.)
16 Nuzirikane ku vyiza wironkera kubera ko wasubije hamwe n’Imana. Nk’akarorero, Yehova urashobora kumwita «Dawe» nk’uko Yezu yabituremesheje. (Mat. 6:9) Hari n’igihe mbere woshobora kumwita «Umugenzi» wawe. Ariko rero igihe tumwita «Dawe» canke «Umugenzi» wacu, dukwiye kubigirana icubahiro kigera kure be n’ukwicisha bugufi. Uti kubera iki? Kubera ko turi abacumuzi, ntitwari tubereye kwitwa abagenzi b’Imana. Incungu ni yo yonyene ituma dushobora kugiranira ubucuti n’Imana. Imana ibicishije kuri Yezu yaratumye «ibindi bintu vyose bisubiza hamwe na yo, . . . mu kugarukana amahoro biciye ku maraso [Yezu] yasheshe ku giti co kubabarizwako.» (Kol. 1:19, 20) Ni co gituma mbere n’ubu dushobora kugiranira ubugenzi n’Imana, naho tukiri abacumuzi.
Urupfu rwa Yezu ni rwo rwonyene rwatumye Yehova aronka ico afatirako kugira ngo asubire kugiranira ubucuti n’abantu (Raba ingingo ya 16)
INCUNGU IREREKANA IMBABAZI ZA YEHOVA
17. Incungu yerekana gute imbabazi za Yehova? (Abanyefeso 2:4, 5)
17 Incungu irerekana ko Yehova afise «imbabazi nyinshi.» «[Yatugize] bazima hamwe na Kristu, n’igihe nyene twari twarapfiriye mu makosa yacu.» (Soma Abanyefeso 2:4, 5.) «Abafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera» baratabaza Imana ngo ibarokore mu vyara vy’icaha n’urupfu, nka kumwe kw’umuntu yaguweko n’inzu. (Ivyak. 13:48) Yehova yishura ukwo gutabaza kwabo biciye ku nkuru nziza y’Ubwami, iyibafasha kumumenya we n’Umwana wiwe Yezu. (Yoh. 17:3) Nimba Shetani yariyumviriye ko ubugarariji bwa Adamu na Eva bwari gutuma umugambi w’Imana uhagarara, yarihenze cane.
18. Igihe tuzirikana ku ncungu, ni igiki dukwiye kuguma twibuka?
18 Igihe tuzirikana ku vyiza twironkera kubera incungu, turakwiye kuguma twibuka imvo nyamukuru yatumye Yehova ayitanga. Aho kubona ko yayitanze kugira gusa aducungure, dukwiye nyabuna kwibuka ko yayitanze kugira ngo abeshuze ibinyoma Shetani yavuze mw’itongo rya Edeni. (Ita. 3:1-5, 15) Biciye kuri iyo ncungu, Yehova areza izina ryiwe, akarikurako iceyi ryasizwe. Aradukiza kandi icaha n’urupfu, gutyo akaba yerekanye ko adukunda cane. Vyongeye, kubera ubuntu buhebuje bwiwe, aradutera iteka ryo kugira uruhara mu kwishura ibinyoma vya Shetani naho turi abacumuzi. (Imig. 27:11) None wokwerekana gute ko ukenguruka iyo ncungu? Ico kibazo kizokwishurwa mu kiganiro gikurikira.
URURIRIMBO RWA 19 Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba
a INSIGURO Y’AMAJAMBO: Incungu ni ikiguzi gitangwa kugira ngo umuntu abohorwe. Urupfu rwa Yezu rero ni incungu kuko rubohoza abantu bagamburuka bakava mu buja bw’icaha n’urupfu.