23-29 NTWARANTE 2026
URURIRIMBO RWA 18 Dukenguruke incungu
Wokwerekana gute ko ukenguruka incungu?
« «Urukundo Kristu afise ru[ra]tugobera.»—2 KOR. 5:14.
ICIYUMVIRO NYAMUKURU
Turaza kubona ingene umwe wese muri twebwe yokwerekana ko akenguruka incungu.
1-2. Urukundo Yezu yadukunze mu kuducungura rukwiye kutugobera gukora iki, kandi kubera iki? (2 Abakorinto 5:14, 15) (Raba n’ifoto.)
HAMWE umuntu yokurokora akagukura munsi y’inzu yagusenyukiyeko, uwo muntu womubona gute? Naho hoba hariho n’abandi yarokoye, nta nkeka ko woshima kumukengurukira ku giti cawe kugira ngo werekane ko uha agaciro ico kintu yagukoreye.
2 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, ubwacu ntidushobora kwikiza ingaruka z’igicumuro twarazwe. Ariko incungu ya Yezu iradukiza izo ngaruka mu buryo butandukanye: (1) iratuma tubabarirwa ibicumuro dukora, (2) iratuma twizigira gukurwako agasembwa burundu, (3) iratuma dusubiza hamwe n’Imana. Iyo ncungu rero iratuma twizigira ko tuzobaho ibihe bidahera mw’isi nshasha. Mu vy’ukuri, incungu irerekana ko Yezu adukunda cane, kandi yadukunze n’imbere y’uko aza ng’aha kw’isi. (Imig. 8:30, 31) Intumwa Pawulo yavuze ko «urukundo Kristu afise rutugobera.» (Soma 2 Abakorinto 5:14, 15.) Ivyo bisobanura ko dukwiye kwerekana ko dukenguruka urukundo Yezu adukunda be n’uko duha agaciro incungu yadutangiye.
Uwurokowe mu bihomvagurike vy’inzu, arashimira uwamurokoye. Hari akantu uwarokowe mu buja bw’icaha n’urupfu (Raba ingingo ya 1-2)
3. Ni igiki coshobora gutuma abantu bakenguruka incungu mu buryo butandukanye?
3 Wewe wokwerekana gute ko ukenguruka incungu? Inyishu utanga kuri ico kibazo yoshobora gutandukana n’iy’uwundi yotanga. Raba aka karorero kadufasha kubitahura. Dufate ko abantu batatu bipfuza gufata urugendo berekeza mu gisagara kimwe, ariko bakaba bari mu turere dutandukanye. Umwe wese muri bo azojana inzira yisangije. Muri ubwo buryo nyene, abantu boshobora gufata ico twokwita inzira zitandukanye zibashikana ku gukenguruka incungu, bivanye n’ubucuti umwe wese afitaniye na Yehova. Iki kiganiro rero kiza gushimika ku migwi itatu y’abantu: (1) abariko bariga Bibiliya, (2) abamaze kubatizwa, (3) abagiye kure ya Yehova.
ABARIKO BARIGA BIBILIYA
4. Yehova yitaho gute abariko bariga Bibiliya?
4 Nimba uriko uriga Bibiliya, zirikana kuri iki kintu: Ingene wakira inkuru nziza birerekana ko uri mu bantu Yehova yipfuza kugira abagenzi biwe. (Yoh. 6:44; Ivyak. 13:48) ‘Yehova arasuzuma imitima.’ Ivyo bisobanura ko abona utwigoro ugira mu kwiga ibimwerekeye kandi ko ahimbarwa no kubona uriko uragira ivyo uhinduye ngo ubeho uhuza n’ingingo ngenderwako ziwe. (Imig. 17:3; 27:11) Incungu ni yo ituma ushobora kugiranira ubugenzi somambike na Yehova. (Rom. 5:10, 11) Ni co gituma udakwiye kwigera uyifata minenerwe.
5. Abariko bariga Bibiliya boshira mu ngiro gute impanuro dusanga mu Bafilipi 3:16?
5 Nimba uriko uriga Bibiliya, wokwerekana gute ko ukenguruka incungu? Kimwe mu vyo wokora ni ugukurikiza impanuro Pawulo yahaye Abafilipi igira iti: «Aho tugeze hose mu gutera imbere, tubandanye kugendera muri iyo nzira nyene mu rutonde.» (Flp. 3:16) Hari iyindi Bibiliya ihindura uwo murongo iti: «Dutegerezwa kuguma tugendera mu nzira turimwo ubu.» Twisunze iyo mpanuro, ntureke ngo hagire ikintu na kimwe cokubuza kuguma ugendera muri ya nzira ijana mu buzima.—Mat. 7:14; Luka 9:62.
6. Abariko bariga Bibiliya bokora iki hamwe vyoba bibagora kwemera canke gushira mu ngiro ivyo biga? (Gusubira mu vyagezwe 30:11-14) (Raba n’ifoto.)
6 Wokora iki hamwe vyoba bikugora kwemera inyigisho yo muri Bibiliya uheruka kwiga? Nugire ubushakashatsi wongere usenge Yehova umusaba ngo agufashe kurushiriza kuyitahura. (Zab. 86:11) Igumye ikugora gutahura, nube urayihojeje gato mugabo ntuhagarike kwiga Bibiliya. Kumbure uzoyitahura mu nyuma. Bite hoho hamwe vyoba biriko birakugora guheba ingeso Bibiliya yanka? Niwibuke ko twebwe abantu b’abanyagasembwa Yehova atigera adusaba ibintu tudashoboye. Urashobora kubaho ukora ivyo agomba. (Soma Gusubira mu vyagezwe 30:11-14.) Vyongeye, Yehova asezerana ko azogufasha. (Yes. 41:10, 13; 1 Kor. 10:13) Ntucike intege rero. Aho kugumiza ubwenge kuri ivyo bintu bitariko birakworohera, nugume nyabuna uzirikana ku vyiza Yehova amaze kugukorera, canecane ku ncungu yagutangiye. Urukundo ukunda Yehova nirwarushiriza gukomera, uzobona ko ‘amabwirizwa yiwe ataremereye.’—1 Yoh. 5:3.a
Yehova ntiyigera adusaba gukora ivyo tutoshobora. Azodufasha kubaho dukora ivyo agomba (Raba ingingo ya 6)
7. Ni igiki abakiri bato bariko bakurira mu kuri bozirikanako?
7 Tuvuge iki kuri mwebwe bakiri bato muriko mukurira mu kuri? Na mwebwe muri inyigisho za Bibiliya. Nkako, ni mwebwe nyigisho za Bibiliya nyamukuru abavyeyi banyu bafise. Bibiliya ivuga iti: «Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.» (Yak. 4:8; 1 Ngo. 28:9) Iyo ukoze ibintu bituma wiyegereza Yehova, na we aca akwiyegereza. Yehova ntiyiyegereza mu kivunga abagize umuryango, ahubwo yiyegereza umwumwe wese mu bawugize. Ni igiki none catumye bishoboka ko wewe ugiranira ubugenzi na Yehova? Ni incungu, kandi ni ikintu udakwiye kwigera ufata minenerwe. (Rom. 5:1, 2) Uko rero witegurira Icibutso c’uyu mwaka, nufate umwanya wo kuzirikana ku vyo Yehova na Yezu bagukoreye. Nuce ureka ivyo bintu bikuvyurire umutima wo gutera iyindi ntambwe yerekana ko ukenguruka incungu Yehova yagutangiye biciye ku Mwana wiwe.b
ABAMAZE KUBATIZWA
8. Ni mu buryo ubuhe ababatijwe baba bamaze kwerekana ko bakenguruka incungu?
8 Nimba warabatijwe, uramaze kwerekana ko ukenguruka incungu mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, warateye intambwe zituma wiyegereza Yehova, kandi ukabaho ukora ivyo agomba. Warabwiye abandi inkuru nziza, gutyo uba ugamburutse itegeko Yezu yatanze ryo guhindura abantu abigishwa. Wariyeguriye Yehova wongera urabatizwa. Abandi bashobora kuba baranakurwanije kubera yuko uriko urakorera Yehova. (2 Tim. 3:12) Kuba uguma wihangana udahemuka, birerekana ko ukunda Yehova kandi ko ukenguruka kubona yaratanze Umwana wiwe ngo agucungure.—Heb. 12:2, 3.
9. Ni igiki abamaze kubatizwa bakwiye kwiyubarako?
9 Abamaze kubatizwa hariho ikintu bakwiye kwiyubarako. Uko haca igihe, turashobora gutangura gufata minenerwe incungu. Uti ivyo bishoboka gute? Raba akarorero k’abakirisu b’i Efeso bo mu kinjana ca mbere. Yezu amaze kuzuka yarabakeje kubera ukwihangana kwabo. Ariko ahejeje kubakeza yaciye yongerako ati: «Ariko hariho ikintu ndakunegura: warahevye urukundo wari ufise mu ntango.» (Ivyah. 2:3, 4) Ayo majambo Yezu yavuze arerekana ko buhorobuhoro ugusenga kw’umukirisu gushobora gucika ukwo guheza umwuga. Yoshobora kuba asenga, yitaba amakoraniro, aja kwamamaza inkuru nziza, mugabo akama abigira nk’uwikurayo gusa, atabitumwe n’urukundo. None wokora iki hamwe wobona ko urukundo ukunda Yehova rutagikomeye nka kera?
10. Woshira mu ngiro gute impanuro Pawulo yahaye Timoteyo yo ‘kuzikirana’ no ‘gucokera’ mu bintu vy’impwemu? (1 Timoteyo 4:13, 15)
10 Intumwa Pawulo yabwiye Timoteyo ‘kuzirikana’ no ‘gucokera’ mu bintu vy’impwemu. (Soma 1 Timoteyo 4:13, 15.) Nushire mu ngiro iyo mpanuro mu kwiyumvira ibintu bitandukanye wokora kugira ngo uryohore ugusenga kwawe maze ugume ‘ururumba impwemu.’ (Rom. 12:11) Nk’akarorero, gutegura amakoraniro neza birashobora gutuma urushiriza kuyungukirako. Canke na ho kuza uraja ahantu hiherereye hagufasha kuzirikana ku vyo wiga, birashobora gutuma kwiyigisha birushiriza kukuryohera. Kurya nyene umuriro ukeneye inkwi kugira ngo ugume waka, ni ko no gukora ivyo bintu bishobora gutuma uguma ukenguruka ivyo Yehova yagukoreye vyose ushizemwo n’incungu yagutangiye. Vyongeye, muri izi ndwi zisigaye ngo Icibutso kibe, nufate akanya ko kuzirikana ku mihezagiro wironkera kubera ko uri Icabona ca Yehova. Nta nkeka ko ivyo bizotuma urushiriza gukenguruka incungu, yo yatumye bishoboka ko ugiranira ubucuti na Yehova.
11-12. Hamwe vyoshika ntube ugikorera Yehova n’umwete nka kera, vyoca bisobanura ko utagifise impwemu y’Imana? Sigura. (Raba n’ifoto.)
11 Hamwe vyoshika ntube ugikorera Yehova n’umwete nk’uko wavyipfuza, ntucike intege canke ngo wiyumvire ko utagifise impwemu y’Imana. Niwibuke ivyo intumwa Pawulo yabwiye Abakorinto ku bijanye n’igikorwa yarangurira Umukama. Yavuze ati: «Naho nobikora ku gahato, na ho nyene mba ngifise ibanga njejwe.» (1 Kor. 9:17) None yashaka kuvuga iki?
12 Rimwe na rimwe vyarashika Pawulo ntagire icipfuzo co kwamamaza inkuru nziza. Naho ari ukwo, yari yariyemeje kuguma akora ico gikorwa yaba avyiyumvamwo canke atavyiyumvamwo. Na wewe urashobora kumwigana. Niwiyemeze kuguma ukora ikibereye naho woba utavyiyumvamwo. Nugume rero usenga Imana uyisaba «icipfuzo co gukora ivyo igomba n’ububasha bwo kubikora.» (Flp. 2:13) Nugume ukora ibintu bituma wiyegereza Yehova. Niwabigenza gutyo, nta nkeka ko urwo ukunda Yehova ruzosubira gukomera, maze umukorere n’umwete.
Nugume ukora ibikorwa bigufasha kwiyegereza Yehova naho woba utavyiyumvamwo (Raba ingingo ya 11-12)
13. Twoguma twisuzuma gute ko ‘turi mu kwizera’?
13 Turakwiye kuza turafata akanya ko kwisuzuma nk’uko bivugwa mu 2 Abakorinto 13:5, ahagira hati: «Nimugume musuzuma yuko muri mu kwizera, mugume mwisuzuma ngo mwerekane ico mwebwe ubwanyu muri.» Nk’akarorero, uko haciye igihe turakwiye kuza turibaza duti: «Mu buzima bwanje, noba ndiko ndashira imbere ivyungura Ubwami?» (Mat. 6:33) «Ukuntu nisamaza vyoba vyerekana ko nanka ikibi?» (Zab. 97:10) «Noba ndemesha ubumwe n’amahoro mu bo dusangiye ukwemera?» (Ef. 4:2, 3) Icibutso ni ikiringo ciza cane co kuzirikana ku ncungu Yehova yadutangiye. Kiraturonsa akaryo ko kwisuzuma kugira ngo turabe nimba turiko tubaho tunezereza Kristu aho kubaho twinezereza.c
ABAGIYE KURE YA YEHOVA
14. Ni ibiki bishobora gutuma abakirisu bamwebamwe baja kure ya Yehova?
14 Abakirisu bamwebamwe barahagaritse kwifatanya n’ishengero naho bari bamaze igihe kirekire bakorera Yehova badahemuka. None vyavuye ku ki? Bamwebamwe baratwawe n’«amaganya y’ubu buzima.» (Luka 21:34) Abandi na bo baratsitajwe n’ivyo babwiwe n’uwo basangiye ukwemera canke ivyo yabakoreye. (Yak. 3:2) Abandi na bo usanga barakoze igicumuro gikomeye mugabo bagatinya gusaba imfashanyo. Icoba carabitumye cose, wokora iki nimba waragiye kure ya Yehova? Incungu ikwiye kukuvyurira umutima wo gukora iki?
15. Yehova yerekana gute ko yitaho intama zagiye kure yiwe? (Ezekiyeli 34:11, 12, 16)
15 Zirikana ku kuntu Yehova abona intama zagiye kure yiwe. Ntaca aziheba, ahubwo aragenda kuzirondera, akazigaburira akongera akazifasha kugaruka kuri we. (Soma Ezekiyeli 34:11, 12, 16.) Vyoba ari vyo Yehova ariko arakugirira nawe? Ego cane! Kubona uriko urasoma iki kiganiro vyerekana yuko ucipfuza gukora ibimuhimbara. Yehova yagukwegereye mu kuri kubera ivyiza yakubonyemwo, kandi n’ubu aracabikubonamwo. None ubwo aka ntikoba ari ko karyo ariko arakoresha kugira ngo umugarukeko?
16. Ni ibiki vyofasha abagiye kure ya Yehova kugira ngo bamugarukeko? (Raba n’ifoto.)
16 Agatabu Nugaruke kuri Yehova karimwo aya majambo aremesha agira ati: «Numenye neza ko Yehova azogufasha igihe uzoba uriko urarondera kugaruka kuri we. Azogufasha kwihanganira amaganya, gutuma umubabaro ufise uhera no kuronka amahoro yo mu muzirikanyi no mu mutima ava ku kugira ijwi ryo mu mutima ryiza. Gutyo woshobora kwumva usubiye kuvyurirwa umutima wo gusukurira Yehova uri kumwe n’abasavyi biwe bagenzawe.» Niwibuke kandi ko abakurambere na bo nyene bipfuza cane kugufasha. Barashobora kukubera «nk’ahantu ho kwikinga umuyaga, nk’ahantu ho kwugama imvura y’igihuhusi.» (Yes. 32:2) Mu kwerekana ko ukenguruka incungu, niwibaze uti: «Nokora iki kugira ngo ‘ntunganye ibibazo’ biri hagati yanje na Yehova?» (Yes. 1:18; 1 Pet. 2:25) Nk’akarorero, ubona wokwitaba ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami? Ubona wokwitura umukurambere kugira ngo agufashe, kumbure akanatunganya ko hagira uwukwigisha Bibiliya? Nuhere amazinda ko Yehova azohezagira utwigoro uzogira kugira ngo umugarukeko, gutyo ube werekanye ko ukenguruka incungu ya Yezu.
Niwibaze uti: «Nokora iki kugira ngo ‘ntunganye ibibazo’ biri hagati yanje na Yehova?» (Raba ingingo ya 16)
UZOKORA IKI?
17-18. Twokoresha neza gute umwanya wacu imbere y’uko Icibutso kiba?
17 Yezu yavuze ko yatanze incungu «kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera.» (Yoh. 3:16) Incungu ya Yezu ni yo ntunganyo Yehova yashizeho kugira ngo adukize icaha n’urupfu. Nta n’umwe rero muri twebwe akwiye kuyifata minenerwe. (Rom. 3:23, 24; 2 Kor. 6:1) Imisi y’imbere y’Icibutso iraturonsa akaryo ko kuzirikana ku rukundo Yehova na Yezu badukunda. Kandi urwo rukundo rurakwiye kutugobera kwerekana ko dukenguruka ivyo badukoreye.
18 None uzokwerekana gute ko ukenguruka incungu? Inyishu utanga kuri ico kibazo yoshobora kudasa n’iy’uwundi. Naho ari ukwo, numenye neza ko Yehova azohezagira utwigoro ugira cokimwe n’abandi basavyi biwe amamiliyoni ‘batakibaho ku bwabo, ahubwo babaho ku bw’umwe yabapfira hanyuma akazurwa.’—2 Kor. 5:15.
URURIRIMBO RWA 14 Shemeza Umwami mushasha w’isi
a Kugira ngo ushire mu ngiro ivyo wiga, nukoreshe uruzitiro ruvuga ngo «Umugambi wokwishingira», ruri mu mpera ya buri cigwa co mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera.
b Nimba wipfuza ibindi vyiyumviro vyogufasha gutera imbere, raba ikiganiro kivuga ngo «Rwaruka, ‘mugume mushitsa ubukiriro bwanyu’», mu Munara w’Inderetsi wo muri Kigarama 2017.
c Nimba wipfuza ibindi vyiyumviro vyogufasha kuguma ufise umutima wo gukenguruka, raba ikiganiro kivuga ngo «Ni igiki gituma dukorera Imana?», mu Munara w’Inderetsi mu gifaransa wo ku wa 15 Ruheshi 1995.