ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb14 rup. 168
  • Twari twiyemeje gusukurira Yehova

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twari twiyemeje gusukurira Yehova
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Ivyo bijanye
  • Narakunze Sierra Leone
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Igikorwa co guhindura abantu abigishwa caratumye ngira intumbero nziza mu buzima
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ikintu gisumba kure n’iyo diyama
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
  • Twaravuye mu vyara vy’abasoda b’abaroberi
    Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
Ibindi
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2014
yb14 rup. 168

SIERRA LEONE NA GUINÉE

Twari twiyemeje gusukurira Yehova

Philip Tengbeh

  • YAVUTSE 1966

  • YABATIJWE 1997

  • IVYIWE MURI MAKE Impunzi yafashije kwubaka Ingoro z’Ubwami zitanu.

MU 1991, twe n’umukenyezi wanje Satta twarahunze igihe abasoda b’abaroberi bigarurira igisagara twabamwo ca Koindu, muri Sierra Leone. Mu myaka umunani yakurikiye, twarabaye mu makambi y’impunzi menshi atandukanye. Ng’aho twarihanganiye inzara n’indwara kandi twari dukikujwe n’ubuhumbu bwakorwa n’abo twabana mu makambi.

Mw’ikambi imwimwe yose twarasaba abategetsi ikibanza co kwubakamwo Ingoro y’Ubwami. Rimwe na rimwe twarahabwa ico kibanza, ikindi gihe na ho ntitugihabwe. Naho vyari ukwo, twama dutunganya ingene tworonka aho kugirira amakoraniro ku bwo gusenga. Twari twiyemeje gusukurira Yehova. Amaherezo, twarubatse Ingoro z’Ubwami zine muri ayo makambi.

Igihe intambara yarangira, ntitwashobora gusubira i muhira. Intambara yamaze imyaka yatumye Koindu icika umusaka. Rero, twaciye turungikwa mu yindi kambi y’impunzi yari hafi y’i Bo. Ng’aho, dukoresheje amahera twarungikiwe n’ibiro vy’ishami, twarubatse Ingoro y’Ubwami igira gatanu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika