Bibiliya yoba yari yaravuze ibijanye n’ukuntu abantu biyumvira be n’ukuntu bigenza muri iki gihe?
Inyishu Bibiliya itanga
Bibiliya yari yaravuze ko abantu muri rusangi bohindutse bakarushiriza kumera nabi muri iki gihe cacu. Yari yaravuze ko abantu benshi bokwirengagije ivyo kwigenza runtu hamwe n’imico ifasha abantu kubana neza n’abandi.a (2 Timoteyo 3:1-5) Ariko kandi Bibiliya yari yaravuze ko hari abantu bamwebamwe batokurikiye iyo ngendo mbi. Ahubwo Imana yobafashije kwirinda izo nyifato zitabereye maze bakihatira kwiyumvira no kwigenza mu buryo buhimbara Imana.—Yesaya 2:2, 3.
Ng’ibi ivyo tugiye kubona muri iki kiganiro:
Twovyifatamwo gute igihe tubonye ukuntu abantu baguma bamera nabi?
Abantu boba bazokwigenza nabi ku buryo mu kibano hasigara harangwa akajagari be n’ubukazi?
Ni ibiki Bibiliya yari yaravuze ku bijanye n’ukuntu abantu biyumvira be n’ukuntu bigenza muri iki gihe?
Bibiliya irerekana inyifato n’ingeso mbi vyokwiraye bivuye ku bwikunzi. Abantu bobaye «batigumya,» «bikunda,» kandi «bakunda ivyo kwinezereza aho gukunda Imana.»—2 Timoteyo 3:2-4.
Nk’uko ubwo buhanuzi buvyerekana, abantu muri iki gihe biyumvira gusa ibiberekeye, ibizogirira akamaro bo ubwabo, ibizotuma bahimbarwa, ibituma bumva ko hari ico bamaze hamwe n’ibindi. Abantu benshi usanga bitaho cane ivyabo ku buryo «badakunda iciza,» ni ukuvuga ko badashobora mbere no gukunda inyifato nziza. Benshi usanga ari «intashima,» rero babona ko bidakenewe gushima ivyo bafise canke mbere gushimira abandi ku vyo babakorera.—2 Timoteyo 3:2, 3.
Ubwikunzi ni bwo butuma haba izindi nyifato mbi ziranga iki gihe cacu, na zo akaba ari nk’izi:
Umwina. Abantu benshi «ba[ra]kunda amahera.» Babona ko amahera canke ivyo batunze ari vyo bituma baroranirwa.—2 Timoteyo 3:2.
Ubwibone. Abantu benshi usanga «bishima, bibona,» kandi «bivyimvya.» (2 Timoteyo 3:2, 4) Abantu nk’abo usanga biyemera mbere bakarenza urugero ku bijanye n’ivyo bashoboye, kamere nziza bafise canke ubutunzi.
Kwambika ibara abandi. Muri iki gihe, usanga benshi «bavuga nabi Imana n’abantu» kandi «ba[ka]mbika ibara abandi.» (2 Timoteyo 3:2, 3) Izo mvugo zerekeza ku bantu batukana, batuka Imana canke babeshera abandi.
Kudadaza. Abantu benshi usanga ari «ibihemu,» «badashaka kwumvikana na gato,» «bagirira nabi abagenzi babo» bakaba kandi ari «intumva.» (2 Timoteyo 3:2-4) Bagaragaza izo kamere igihe banka kwumvikana, gutorera umuti ibibazo canke bakanka gushitsa amasezerano bagiraniye n’abandi.
Ubukozi bw’ikibi. Abantu benshi muri iki gihe usanga ari «inkazi,» bihutira gushavura, ivyo kenshi bigatuma haduka amahane no kwigenza bunyamaswa.—2 Timoteyo 3:3.
Ubugarariji. Yezu yari yaravuze ko muri iki gihe «ubugarariji [bwokwongerekanye].» (Matayo 24:12) Vyongeye, yaravuze ko «imigumuko» canke «imivurungano» yokwigaragaje hose.—Luka 21:9, akajambo k’epfo.
Kudakunda abo mu muryango. Kubera ko benshi «bagambararira abavyeyi» bakaba kandi «badakunda ababo,» bituma mu miryango myinshi habaho abantu batitwararikwa, bafatwa nabi canke bakubagurwa.—2 Timoteyo 3:2, 3.
Uburyarya mu madini. Abenshi «basa n’abantu bubaha Imana.» (2 Timoteyo 3:5) Ariko aho kwisunga ivyo Imana igomba, bakurikira indongozi z’amadini zibabwira ivyo bashaka kwumva.—2 Timoteyo 4:3, 4.
Abantu bikunda bogize ingaruka izihe ku bandi?
Kubera ko abantu benshi bikunda cane bituma igitigiri c’abagira ingorane zidasanzwe zo mu mutwe kandi bakavunika umutima ciyongera. (Umusiguzi 7:7) Nk’akarorero, abantu bakunda amahera usanga barya imitsi abandi. Abantu batiyumvamwo abandi usanga bakubagura abo mu miryango yabo bigatuma haba abarwara akabonge canke bakiyahura. Abantu bahemukira abandi batuma abo bahemukiye basigarana intuntu nyinshi kandi ivyo bikamara igihe kirekire.
Kubera iki abantu muri rusangi barushiriza kumera nabi?
Bibiliya iravuga imvo nyamukuru zituma abantu bahinduka, nazo ni izi:
Urukundo abantu bakunda Imana na bagenzi babo rwaragabanutse. (Matayo 24:12) Ivyo bica bituma ubwikunzi bwongerekana.
Shetani wa Mubesheranyi yarirukanywe mw’ijuru ubu akaba ari kw’isi. (Ivyahishuwe 12:9, 12) Kuva ico gihe, yaratumye abantu barushiriza kugira ubwikunzi.—1 Yohani 5:19.
Twovyifatamwo gute tubonye ukuntu abantu baguma bamera nabi?
Ijambo ry’Imana rivuga riti: «Abo bantu . . . ubace kure.» (2 Timoteyo 3:5, Bibiliya Nyeranda) Ivyo ntibisobanura ko dukwiye kwitandukanya n’abandi bantu. Ahubwo, dukwiye kwirinda kugiranira ubugenzi somambike n’abantu bafise ubwikunzi kandi badakora ivyo Imana igomba.—Yakobo 4:4.
Abantu bose boba borushirije kumera nabi?
Oya. Bibiliya yari yaravuze ko hobayeho abantu «baniha bakongera bakaboroga kubera ibintu vyose bishisha [bikorwa]» (Ezekiyeli 9:4) Bokwiyamirije ubwikunzi maze bakabaho bisunga amategeko y’Imana. Ivyo bavuga n’ivyo bakora vyokwerekanye neza ko batandukanye n’abandi bantu muri rusangi. (Malaki 3:16, 18) Nk’akarorero, bokwihatiye kubana amahoro n’abandi bakongera bakirinda ubukozi bw’ikibi be no kuja mu ntambara.—Mika 4:3.
Abantu boba bazokwigenza nabi ku buryo mu kibano hasigara harangwa akajagari be n’ubukazi?
Oya. Abantu ntibazokwigera baba babi cane ku buryo akajagari be n’ubukazi biba ari vyo gusa vyigaragaza. Ahubwo riho, Imana vuba igiye gukuraho abantu bose bahisemwo kuyigambararira. (Zaburi 37:38) Izoshiraho «isi nshasha» izoba igizwe n’abantu bagamburukira Imana, bakazokwiberaho kw’isi mu mahoro kandi ibihe bidahera. (2 Petero 3:13; Zaburi 37:11, 29) Ico cizigiro si indoto. No muri iki gihe, Bibiliya iriko irafasha abantu guhinduka maze bakabaho bisunga ivyo Imana igomba.—Abanyefeso 4:23, 24.
a Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya be n’ukuntu ibintu vyifashe kw’isi birerekana ko turi «mu misi y’iherezo,» iyoranzwe n’«ibihe bigoye.» (2 Timoteyo 3:1; Bibiliya Yera) Wipfuza kumenya n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo «Ni ikimenyetso ikihe c’“imisi ya nyuma” canke “imisi y’iherezo”?»