ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 32
  • Niwirinde amakuru y’ikinyoma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwirinde amakuru y’ikinyoma
  • Ibindi biganiro
  • Ivyo bijanye
  • Abana n’imbuga hwaniro—Igice ca 1: Umwana wanje yoba akwiye gukoresha imbuga hwaniro?
    Icofasha umuryango
  • Imbuga hwaniro ziriko zingirako ingaruka izihe?
    Urwaruka ruribaza
  • Imbuga hwaniro zoba ziriko ziragirira nabi umwana wawe? Ingene Bibiliya yofasha abavyeyi
    Ibindi biganiro
  • Umuyobozi mukuru mu rwego rwitaho amagara y’abantu aragabisha ko imbuga hwaniro zishobora kugira ingaruka mbi ku bakiri bato: Bibiliya ibivugako iki?
    Ibindi biganiro
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 32
Umuntu ariko ararimbura amakuru avuye ahantu hatandukanye.

Niwirinde amakuru y’ikinyoma

Ubu kuruta ikindi gihe, biroroshe kuronka amakuru, harimwo n’ayashobora kudufasha kubaho dutekanye kandi dufise amagara meza. Ariko igihe uriko urarondera amakuru, urakeneye kuba maso ku makuru y’ikinyoma nk’aya:

  • Amakuru y’uruhendo

  • Amaraporo atari ay’ukuri

  • Amakuru y’ibihuha

Nk’akarorero, mu gihe c’ikiza ca korona, umunyamabanga mukuru wa ONU yarerekanye ko dukeneye kwirinda amakuru atariyo kandi ateye akaga yariko arakwiragizwa. Yavuze ati: «Impanuro zijanye n’ivy’amagara y’abantu zitari zo hamwe n’ubuvuzi butari bwo, biriko birakwiragira. Abantu bariko barakwiragiza inkuru z’ibihuha. Ayo makuru atagira ishingiro niyo yuzuye kuri internet. Biramenyerewe ko abantu banka cane canke binuba abo batameze kumwe canke badasangiye ivyiyumviro.»

Ni ivy’ukuri ko ibijanye no kuvuga amakuru y’ikinyoma atari bishasha. Ariko rero Bibiliya iratubwira ko muri kino gihe cacu «abantu b’ababisha be n’abiyorobetsi [borushirije] kuba babi, bazimiza bongera bazimizwa.» (2 Timoteyo 3:1, 13) Internet iratuma turonka amakuru atari yo mu buryo bworoshe kandi bunyaruka kuruta uko vyahora, hanyuma tukayakwiragiza twibaza ko ari ay’ukuri. Ivyo bituma turonka amakuru agoretse canke arimwo ukuri kudakwiye biciye kuri e-mail, ku mbuga hwaniro canke mu twuma twacu.

Ni gute wokwirinda amakuru y’ikinyoma hamwe n’ay’ibihuha? Nurabe impanuro zo muri Bibiliya zishobora kugufasha.

  • Umuntu ariko arazirikana ku bintu yabonye kandi yumvise.

    Ntiwemere ibintu vyose ubona canke wumva

    Ico Bibiliya ivuga: «Umuntu atagira ubwenge yemera ivyo bamubwiye vyose, ariko umuntu yiyubara aritondera intambuko ziwe.»​—Imigani 14:15.

    Tutabaye maso biroroshe ko duhendwa. Rimbura nk’akarorero amafoto ariko amajambo canke utuvidewo tugufitugufi bikwiragizwa kuri internet canecane ku mbuga hwaniro. Ibintu nk’ivyo abantu benshi bakunze kuvyita «mèmes» kandi kenshi babitunganya bafise intumbero yo gutwenza abantu. Yamara, biroroshe cane ko abantu bahindura amafoto canke amavidewo bakayakoresha bafise intumbero itandukanye n’iyo uwayasohoye ubwa mbere yari afise. Abantu barashobora no gutunganya amavidewo y’abantu bazwi bagashiramwo ibintu batigeze bavuga canke bakora.

    «Abantu benshi bagira ubushakashatsi ku bijanye n’amakuru y’ikinyoma, basanze amavidewo canke amafoto ashirwa ku mbuga hwaniro, nk’ama mèmes, aba arimwo amakuru adakwiye.»​—Vyakuwe ku rubuga rwitwa Axios Media.

    Niwibaze uti: «Yoba ari amakuru y’ukuri canke ni ama mèmes?»

  • Ikiyo rugagamisha.

    Nusuzume aho amakuru yavuye n’ico avuga

    Ico Bibiliya ivuga: «Musuzume ibintu vyose»​—1 Abatesalonika 5:21.

    Naho inkuru yoba izwi cane canke yarasubiwemwo cane mu makuru, imbere y’uko uyemera canke uyirungika, nubanze gusuzuma ko ari ukuri. Uti wobigenza gute?

    Nusuzume nimba aho yavuye ari aho kwizigirwa. Ibimenyeshamakuru canke ayandi mashirahamwe birashobora kuvuga inkuru kugira bishigikire inyungu zabo canke iza politike. Amakuru wabonye mu kimenyeshamakuru kimwe nuyagereranye n’ayari mu bindi bimenyeshamakuru. Rimwe na rimwe abagenzi bawe barashobora kukurungikira batabiciye n’ikanda amakuru atari yo biciye kuri e-mail canke bakayashira ku mbuga hwaniro. Naho ari ukwo, ntiwizigire inkuru iyo ari yo yose utabanje gusuzuma aho yavuye.

    Niwiyemeze ko ibiri muri ayo makuru bihuye n’igihe kandi ari ivy’ukuri. Nurabe ko ayo makuru yatanzwe ahuye n’amatariki kandi afise ivyemeza ko ari ay’ukuri. Uraba maso canecane igihe amakuru arimwo ibintu vyinshi bayasiguye mu buryo bworoshe cane canke butuma ugira aho uhengamiye.

    «Gusuzuma nimba amakuru ari ay’ukuri bisigaye bihambaye cane nko gukaraba iminwe.»​—Vyavuzwe na Sridhar Dharmapuri, ajejwe ibijanye n’ugufungura neza mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

    Niwibaze uti: «Iyi nkuru yoba ari iy’ukuri canke itanga amakuru y’igice?

  • Urutonde rw’ivyo gusuzuma.

    Niwisunge amakuru y’ukuri, ntiwisunge ivyo wikundira

    Ico Bibiliya ivuga: «Uwizigira umutima wiwe aba ari ikijuju.»​—Imigani 28:26.

    Akenshi usanga bitworohera kwizigira amakuru ahuye n’ivyo twikundira. Vyongeye, amashirahamwe y’ivya internet ahanini akurungikira amakuru yisunze ivyo ukunda n’ivyo wama urondera kuri internet. Naho ari uko, ivyo twikundira si vyo tuba dukeneye vy’ukuri.

    «Abantu barafise ubushobozi bwo kwiyumvira no kubona ko ikintu cumvikana, ariko akenshi ivyo twipfuza, ivyo twizigiye, ibidutera ubwoba be n’imvo dukorana ibintu bituma twemera ko ikintu ari ukuri igihe tubona ko gihuye n’ivyo twemera.»​—Vyavuzwe na Peter Ditto, umuhinga mu vy’inyifato y’abantu mu kibano.

    Niwibaze uti: «Noba nizigira aya makuru kubera gusa ahuye n’ivyo nipfuza?»

  • Amakuru y’ikinyoma atawe mu kintu batamwo umwavu.

    Nuhagarike gukwiragiza amakuru atari yo

    Ico Bibiliya ivuga: «Ntugakwiragize inkuru y’ikinyoma.»​—Kuvayo 23:1.

    Niwibuke ko amakuru urungikira abandi ashobora guhindura ukuntu babona ibintu n’ukuntu bigenza. N’igihe nyene bishitse ukarungikira umuntu amakuru y’ikinyoma utabishaka, ntareka kumugirira nabi.

    «Ikintu gihambaye ukwiye gukora imbere y’uko urungikira abandi amakuru ni ukwibaza uti: “Aya makuru noba ndayizigiye ku buryo noyarungikira abandi?” Iyaba abantu bose bokora ico kintu, amakuru y’ikinyoma akwiragizwa kuri internet yogabanuka cane.»​—Vyavuzwe na Peter Adams, icegera c’uwurongoye ishirahamwe ryitwa News Literacy Project.

    Niwibaze uti: «Noba ndungikiye abandi aya makuru kubera nzi ko ari ay’ukuri?»

Ukuri ku vyerekeye amakuru y’ibihuha

Umushakashatsi mu bijanye n’inyifato y’abantu yitwa Shauna Bowes avuga ati: «Muri iki gihe, amakuru y’ibihuha asigaye ahindura cane ingene abantu babona ibintu n’ukuntu bigenza kuruta uko vyahora.» Raba ivyo ukeneye kumenya ku bijanye n’amakuru y’ibihuha.

Amakuru y’ibihuha n’iki? Amakuru y’ibihuha ni amakuru yerekana ko hari umugwi w’inkozi z’ikibi kandi ukomeye uriko urategekanya kugira igitero mu mpisho.

Ni kubera iki ateye akaga? Amakuru y’ibihuha arashobora gutuma abantu batacizigira ahantu hava amakuru yizigiwe, hari n’ayandi atuma abantu banka gukurikiza impanuro zijanye no kubungabunga amagara canke izijanye no kwikingira. Amakuru mwene ayo arashobora gutuma abantu binuba abakwiragije ayo makuru y’ibihuha bakongera bakabagirira nabi.

Kubera iki asigaye akwiragizwa cane? Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopaedia Britannica) kivuga ko amakuru y’ibihuha akunda gukwiragizwa mu gihe hari ibintu bihagarika umutima abantu, iyo batazi uko ibintu bizogenda canke bari mu ngorane nk’igihe hari intambara, ubukene canke bariko barashikirwa n’ingaruka z’ivyago vy’ivyaduka nk’ibisebuzi bita tsunami, vya nyamugigima be n’ibiza. Muri ivyo bihe bigoye, abantu baremera amakuru y’ibihuha kubera aba ahuza n’ukuntu babona ibintu canke kubera ko atuma batahura igituma ibintu bibi biriko birashika.

Bibiliya yogufasha gute kwirinda amakuru y’ibihuha? Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro zodufasha kudahagarika umutima cane mu bihe bitesha umutwe. Irerekana igituma ingorane ziriko zirashika be n’ukuntu zizotorerwa umuti. Kugira umenye vyinshi, nurabe ividewo ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika