Ismail Sen/Anadolu Agency via Getty Images
NUGUME URI MASO!
Ibinyamugigima bikomeye vyarateye muri Tirkiya no muri Siriya—Bibiliya ibivugako iki?
Ku wa mbere, itariki 6 Ruhuhuma 2023, ibinyamugigima bikomeye vyarateye muri Tirkiya no muri Siriya.
“Ku wa mbere, nyamugigima ikomeye cane yarishe abantu barenga 3.700 mu gice kinini ca Tirkiya no mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya. Ivyo vyashitse mu gihe hari hakanye cane, bica bituma abantu benshi bakomerekeye muri iyo nyamugigima hamwe n’abataye izabo batoroherwa. Ukwo kuntu hari hakanye vyatumye kandi birushiriza kugorana kurondera abantu boba bakiri bazima.”—Vyavuzwe n’ikinyamakuru citwa Reuters, ku wa 6 Ruhuhuma 2023.
Turumva tubabaye cane igihe dusomye ivyago nk’ivyo. Mu bihe nk’ivyo, turaronka imfashanyo ivuye kuri Yehova, ya “Mana y’uruhoza rwose.” (2 Abakorinto 1:3) Araduha “uruhoza ruva mu Vyanditswe [kugira] tugire icizigiro.”—Abaroma 15:4.
Bibiliya iradufasha kumenya:
Ivyari vyaravuzwe ku vyerekeye vya nyamugigima.
Aho twokura indemesho n’icizigiro.
Ukuntu Imana izokuraho imibabaro yose.
Kugira umenye ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ivyo vyiyumviro, nusome ibiganiro bikurikira:
“Ni ibiki Bibiliya yari yaravuze ku bijanye na vya nyamugigima bikomeye?” (Mu gifaransa.)
“Nokura hehe icizigiro?” (Mu gifaransa.)
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Zaburi 83:18.