Bibiliya yari yaravuze ukudahuza kuri mu vya politike muri iki gihe
Muri iki gihe, usanga abantu batabona kumwe ibijanye na politike. Ntibahuriza ku mategeko azogira ico ahinduye ku buzima bwabo. Mbere barashimika cane ko ibintu vyokorwa nk’uko bo bashaka. Mu ntwaro, abashingamateka hamwe n’abandi bategetsi akenshi ntibumvikana kandi usanga ata n’umwe ashaka kwemera ivyiyumviro vy’uwundi. Ukwo kutumvikana kw’abanyapolitike kurashobora gutuma intwaro zidakora ivyo ziyemeje.
Ariko rero, ukudahuza mu vya politike kuri muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika be no mu Bwongereza ntigusanzwe. Kubera iki? Kubera ko Bibiliya yari yaravuze ko ivyo vyobaye muri ivyo bihugu bibiri be n’uko muri ico gihe intwaro y’Imana yociye ihindura ibintu kw’isi.
Ukudahuza mu vya politike mu «misi y’iherezo»
Bibiliya yaravuze ubuhanuzi butangaje buri mu gitabu ca Daniyeli. Muri ubwo buhanuzi, Imana yarahishuriye Daniyeli kwandika «ibizoba mu misi y’iherezo.» Mu kuvuga imisi y’iherezo, yariko irerekeza ku kiringo co muri kazoza cobayemwo ibintu bidasanzwe kw’isi.—Daniyeli 2:28.
Imana yaratumye umwami wa Babiloni arota indoto irimwo ubwo buhanuzi. Muri iyo ndoto, umwami yabonye igishusho kinini cane gikozwe mu butare butandukanye. Mu nyuma, umuhanuzi Daniyeli yarasiguye ico gishusho cose kuva ku mutwe waco gushika ku birenge ko kigereranya intwaro zikomeye zogiye ziraganza isi.a Amaherezo, ico gishusho cojanjaguwe n’ibuye rigereranya Ubwami bw’Imana, ni ukuvuga intwaro yoshizweho n’Imana.—Daniyeli 2:36-45.
Nk’uko ubwo buhanuzi buvyerekana, Ubwami bw’Imana bwosubiriye intwaro zose z’abantu. Ubwo Bwami ni bwa bundi Yezu yigisha abigishwa biwe gusenga basaba bati: «Ubwami bwawe nibuze.»—Matayo 6:10.
Ariko none, ni hehe muri ubwo buhanuzi Bibiliya ivuga ibijanye n’ukudahuza mu vya politike? Niwibuke ko ibirenge vya ca gishusho vyari bigizwe «n’icuma kivanze n’ibumba.» (Daniyeli 2:33) Nta kindi gice c’ico gishusho kigizwe n’ubutare buvanze n’ikindi kintu. Ivyo vyerekana ko mu ntwaro zikomeye zoganje isi, hari imwe yobaye itandukanye n’izindi. None ni gute yobaye itandukanye n’izindi? Ubuhanuzi bwa Daniyeli burabisigura buti:
Ubu buhanuzi burerekana ko intwaro iganza isi igereranywa n’ibirenge vy’ico gishusho yobayemwo ukudahuza mu vya politike. Abatwarwa b’iyo ntwaro bokoze ibintu bituma itaguma ikomeye.
Uko ubuhanuzi bwa Daniyeli buriko buraranguka muri iki gihe
Ibirenge vy’ico gishusho bigereranya intwaro ikomeye iriko iraganza isi muri iki gihe ikaba igizwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Ubwongereza. Ibiriko biraba muri kino gihe bishigikira gute ico ciyumviro?
Ibirenge vy’ico gishusho bigizwe «n’icuma kivanze n’ibumba,» akaba ari co gituma ivyo birenge bidakomeye. (Daniyeli 2:42) Muri iki gihe, intwaro ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Ubwongereza iratakaza ububasha ifise kubera ukutumvikana kuri hagati y’abanyagihugu bayo. Nk’akarorero, muri ivyo bihugu vyompi hariho imigwi y’abanyagihugu usanga irwanya iyindi. Vyongeye, abantu baraja mu migumuko baharanira agateka kabo. Abategetsi abanyagihugu bitoreye akenshi barananirwa gushitsa ivyo biyemeje. Kubera ko abanyagihugu bo muri ivyo bihugu badahuza, bica bituma izo ntwaro zidashobora gushika ku migambi zishingiye.
Ukudahuza mu vya politike kuri mu ntwaro ya Amerika n’iyo mu Bwongereza vyari vyaravuzwe muri Daniyeli ikigabane ca 2
Reka turabe n’ibindi bintu bivugwa mu gitabu ca Daniyeli n’ukuntu biriko biraranguka muri iki gihe:
Ubuhanuzi: «Ubwo bwami na bwo nyene buzoba bugabuye, ariko buzoba bufise akantu k’ubukomezi bw’icuma.»—Daniyeli 2:41.
Ico bisobanura: Haba muri leta ya Amerika eka mbere no mu Bwongereza, hariho ukutumvikana mu vya politike. Naho ari ukwo, ivyo bihugu vyompi bifise igisirikare gikomeye. Ivyo bituma bagira ububasha ku bindi bihugu vyo kw’isi, gutyo bakaba berekanye ko bafise ubukomezi nk’ubw’icuma.
Ingene biriko biraranguka
Urutonde ruriko ingene ibihugu vyagiye birakoresha amahera mu vya gisirikare mu 2023, rwerekana ko Ubwongereza hamwe na Amerika vyakoresheje amahera menshi mu bijanye na gisirikare kuruta ayo ibihugu 12 bikurikira kuri urwo rutonde vyakoresheje muri uwo mwaka.—Ikigo cegeranya amakuru citwa Stockholm International Peace Research.
«Ubwongereza na Amerika . . . birafashanya cane mu bijanye n’igisirikare kandi bigakoresha ibijanye n’ubuhinga bwa none bugezweho. . . . Nta bindi bihugu bifashanya nk’uku. Turakorana kandi tugashigikirana.»—Vyavuzwe n’igisata c’Ubushikiranganji bwo kwivugana abansi bwo mu Bwongereza, muri Ndamukiza 2024.
Ubuhanuzi: «Ko amano yari agizwe n’icuma kivanze n’ibumba, ubwo bwami igice kimwe buzokomera, ikindi gice na co bugoyagoye.»—Daniyeli 2:42.
Ico bisobanura: Naho Leta Zunze Ubumwe za Amerika be n’Ubwongereza bafise igisirikare gikomeye, ntibashobora gukora ibintu vyose bipfuza kubera ukuntu intwaro zabo za demokrasi zitunganijwe. Igihe izo ntwaro zifashe ingingo ariko ntizishigikirwe na benshi, rimwe na rimwe birazigora kuzishira mu ngiro.
Ingene biriko biraranguka
«Abahinga bamwebamwe mu vya politike bavuga ko kudahuza kuri muri leta ya Amerika kuriko kuratuma biyigora gukora ivyo isi yose ibitezeko nko mu bijanye n’umutekano canke ivy’ubudandaji.»—Vyavuzwe n’ikinyamakuru «The Wall Street Journal.»
«Mu Bwongereza harabaye ingorane nyinshi mu vya politike zitari bwigere zihaba muri ico gihugu. Izo ngorane zarahungabanije abanyapolitike bituma leta idakora ivyo yari yemereye abanyagihugu.»—Vyavuzwe n’ishirahamwe Institute for Government.
Ubuhanuzi: «Ico gice gikomeye [ni ukuvuga iyo ntwaro] kizovangana n’abanyagihugu batobato, ariko ntibizofatana ngo binywane.»—Daniyeli 2:43, akajambo k’epfo.
Ico bisobanura: Mu ntwaro za demokrasi, abanyagihugu barashobora gutanga ivyiyumviro kandi leta ikabikorerako, ariko n’ubundi leta imaze kubikorerako, nya banyagihugu be n’abategetsi ubwabo ntibashime ivyavuyemwo.
Ingene biriko biraranguka
«Muri iki gihe, Abanyamerika benshi ntibabona neza ibijanye na politike eka mbere n’abategetsi.»—Vyavuzwe n’ikigo Pew Research Center.
«Abongereza ntibacizigira intwaro yabo be n’Abanyapolitike nk’uko babigira mu myaka 50 iheze.»—Vyavuzwe n’ikigo «National Centre for Social Research.»
Ukuntu ubuhanuzi bwa Daniyeli buzoranguka muri kazoza
Twisunze ubuhanuzi bwa Daniyeli, intwaro ikomeye kw’isi igizwe n’Ubwongereza na Amerika ni yo izoba iganza igihe Ubwami bw’Imana buzosubirira intwaro z’abantu.—Daniyeli 2:44.
Ubuhanuzi buvuga ibijanye n’ico kintu dusanga mu gitabu c’Ivyahishuwe, bwari bwaravuze ko «abami bo kw’isi yose» bazoja hamwe kugira barwanye Yehovab Imana «ku ntambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose,» yitwa Harumagedoni. (Ivyahishuwe 16:14, 16; 19:19-21) Muri iyo ntambara, Yehova azokuraho intwaro zose z’abantu, ivyo bikazotuma ata ntwaro n’imwe ikomeye mu zivugwa muri bwa buhanuzi bwa Daniyeli izoba igisigaye.
Kugira umenye n’ibindi nusome ikiganiro kivuga ngo «Intambara ya Harumagedoni ni iki?»
Ingene ubuhanuzi bwa Daniyeli buvuga ibijanye n’ukudahuza mu vya politike bwokugirira akamaro
Bibiliya yari yaravuze ibijanye n’ukudahuza mu vya politike biboneka mu ntwaro ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika no mu Bwongereza. Vyongeye, kubimenya birashobora kugufasha guhindura ukuntu ubona ibiriko biraba muri iki gihe.
Uzotahura igituma Yezu yasavye abigishwa biwe kutagira aho bahengamira mu vya politike. (Yohani 17:16) Vyongeye, uzotahura igituma Yezu, uwo Imana yahisemwo ngo abe ari we aba Umwami w’Ubwami bwayo, yavuze ati: «Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.»—Yohani 18:36.
Uzoremeshwa no kumenya ko Ubwami bw’Imana bugiye gukuraho ingorane zose maze Imana ishitse ivyo yasezeraniye abantu.—Ivyahishuwe 21:3, 4.
Uzohumurizwa no kumenya ko ingorane zo mu vya politike ziri hirya no kw’isi zitazotuma iyi si yacu ivaho.—Zaburi 37:11, 29.
Ubuhanuzi bwa Daniyeli burerekana ko Intwaro y’Abanyamerika n’Abongereza, iyigereranywa n’ibirenge vya ca gishusho, izoba ari yo ntwaro ya nyuma ikomeye izoganza kw’isi. Hazoca hakurikira intwaro nziza izoganza iri mw’ijuru na yo ikaba ari intwaro y’Imana.
Kugira umenye ivyo ubwami bw’Imana buzokorera abantu, nurabe ividewo ivuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?
a Raba uruzitiro ruvuga ngo «Intwaro zikomeye zoganje isi zivugwa mu buhanuzi bwa Daniyeli ni izihe?»
b Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»