Ifoto tuyikesha Stringer/Getty Images
NUGUME URI MASO!
Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’intambara iriko irabera mu bihugu vy’Abarabu?
Abantu hirya no hino kw’isi barahagaritse umutima kubera ukutumvikana kuri hagati ya Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Isirayeli be na Irani. Ibintu vyoba bizorushiriza kumera nabi ku buryo iyo ntambara ishika no mu bindi bihugu? Intwaro zoba zishobora gutuma bumvikana maze amahoro akaboneka kw’isi?
Abakunze gusoma ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bokwibaza nimba intambara iriko irabera mu bihugu vy’Abarabu ishobora kuba ari intango y’intambara ya Harumagedoni ivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe.
None Bibiliya ibivugako iki?
Intwaro zoba zizoshobora guhagarika intambara iriko irabera mu bihugu vy’Abarabu?
Bibiliya ivuga iti: «Ntimwizigire umunyacubahiro, canke umwana w’umuntu adashobora gutanga ubukiriro.»—Zaburi 146:3.
Ntituzi ko intwaro zizoshobora kugarukana amahoro muri ivyo bihugu. Yamara Bibiliya iratomora neza ko abategetsi, intwaro z’abantu canke umugwi w’abantu badashobora guheza intambara maze bagatuma kw’isi harangwa amahoro. Imana yo nyene ni yo ishobora ‘guhagarika intambara kw’isi yose.’—Zaburi 46:9.
Kugira umenye n’ibindi nusome Umunara w’Inderetsi uvuga ngo «Intambara zizohera gute?»
Intambara iriko irabera mu bihugu vy’Abarabu yoba yari yaravuzwe muri Bibiliya?
Bibiliya ivuga iti: «Muzokwumva intambara n’amakuru y’intambara. . . . Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubwami butere ubundi bwami.»—Matayo 24:6, 7.
Intambara iriko irabera mu bihugu vy’Abarabu ni ikimenyetso «c’iherezo ry’ivy’iyi si» kandi ni ikimenyamenya cerekana ko tubayeho «mu misi ya nyuma.» (Matayo 24:3; 2 Timoteyo 3:1) Intambara ziriko ziraba muri iki gihe zirerekana ko Imana igiye guhagarika intambara no gukuraho ingorane zishikira abantu.
Kugira umenye n’ibindi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Ni ikimenyetso ikihe c’“imisi ya nyuma” canke “imisi y’iherezo”?»
Harumagedoni yoba izotangurira mu bihugu vy’Abarabu?
Bibiliya ivuga iti: «Abakoraniriza ahantu hitwa Harumagedoni mu giheburayo.»—Ivyahishuwe 16:16.
Intambara ya Harumagedoni si intambara iba hagati y’intwaro z’abantu nk’iyiriko irabera mu bihugu vy’Abarabu. Ni intambara izoba hagati y’intwaro zose z’abantu hamwe n’Imana.
Kugira umenye n’ibindi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Intambara ya Harumagedoni ni iki?»
Ni ibiki vyogufasha kwihanganira ibihe bitoroshe?
Bibiliya ivuga iti: «Ntimwiganyire ku kintu na kimwe. Ahubwo mu bihe vyose, ivyo mukeneye gusaba mubimenyeshe Imana mu gusenga, mu gutakamba no mu gukenguruka.»—Abafilipi 4:6.
Yehovaa Imana ashaka ko tumusenga. Kubera ko Imana itubabaye, izokwumva amasengesho yacu kandi izodufasha kwihanganira ibituraje ishinga. (1 Petero 5:7) Ivyo ibigira mu kudufasha gutahura igituma intambara ziguma zongerekana, ivyo izokora kugira izo ntambara zihagarare hamwe n’ukuntu izodukuriraho ingorane zidushikira.—Ivyahishuwe 21:3, 4.
Kugira umenye n’ibindi ku bijanye n’ukuntu Imana idufasha, nusome ikiganiro kivuga ngo «Noba noshobora kuronka ivyiyumviro vyondemesha muri Bibiliya?»
a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.—Zaburi 83:18.