ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 25
  • Amahoro azoza kw’isi gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amahoro azoza kw’isi gute?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Amahoro Nyakuri—Ava kw Isôko Nyabaki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Rondera Amahoro Nyakuri Kandi Uyakurikire!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 25
Abantu baturuka mu mihingo itandukanye

Amahoro azoza kw’isi gute?

Inyishu Bibiliya itanga

Utwigoro tw’abantu si two tuzozana amahoro kw’isi, ahubwo azozanwa n’Ubwami bw’Imana, bukaba ari intwaro yo mw’ijuru irongowe na Kristu Yezu. Raba ingene Bibiliya itwigisha ibijanye n’ico cizigiro ciza igitangaza:

  1. Imana “[izo]hagarika intambara gushika ku mpera y’isi,” ibe ishikije umuhango yatanze wo kuzana ‘amahoro kw’isi mu bantu ishima.’—Zaburi 46:9; Luka 2:14.

  2. Ubwami bw’Imana buzotegeka isi yose buri mw’ijuru. (Daniyeli 7:14) Kubera ko buzoba ari intwaro iganza isi yose, buzokuraho ivyo gukunda igihugu birenze urugero, ari na vyo bituma haba amatati menshi.

  3. Yezu, we Mutware w’Ubwami bw’Imana, yitwa “Umuganwa w’amahoro,” akaba azokwitwararika ivy’uko haba ‘amahoro atagira iherezo.’—Yesaya 9:6, 7.

  4. Abantu bafise agatima ko kurwana bakaba kandi badashaka guhinduka ntibazokwemererwa kubaho mu gihe c’ubwo Bwami, kuko “uwo wese akunda ubukazi umutima [w’Imana] uramwanka koko.”—Zaburi 11:5; Imigani 2:22.

  5. Imana irigisha abo itwara kubaho mu mahoro. Mu kudondora ivyiza bivamwo, Bibiliya igira iti: “Inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra. Nta hanga rizobangurira inkota irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana.”—Yesaya 2:3, 4.

Ivyabona vya Yehova amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bariko barigishwa n’Imana kuba indemeshamahoro. (Matayo 5:9) Naho duturuka mu moko atandukanye tukaba kandi tuba mu bihugu birenga 230, turanka gufata ibirwanisho ngo turwanye abantu nkatwe.

Ivyabona vya Yehova bariko bariga kubana mu mahoro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika