ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwfq ikiganiro 10
  • Ni nde yashinze idini ryanyu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni nde yashinze idini ryanyu?
  • Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
  • Ivyo bijanye
  • Ubwami bw’Imana buvuka mw’ijuru
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ivyabona vya Yehova—Ingene ukwizera kwabo kwagaragariye mu bikorwa, Igice ca 1: Bava mu mwiza
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • ‘Mana, Nurungike Se Umuco Wawe’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
Ibibazo bikunze kubazwa ku bijanye n’Ivyabona vya Yehova
ijwfq ikiganiro 10
Yezu ariko yigisha abigishwa biwe

Ni nde yashinze idini ryanyu?

Ishirahamwe ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu gihe ca none ryatanguye mu mpera z’ikinjana ca 19. Ico gihe, umugwi mutoyi w’abitwa Abatohoji ba Bibiliya baba hafi y’i Pittsburgh, i Pennsylvania muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, baratanguye gusuzuma Bibiliya bitonze. Barafata inyigisho zigishwa mu madini bakazigereranya n’ivyo vy’ukuri Bibiliya yigisha. Ivyo bize baciye batangura kubisohora mu bitabu, mu bimenyeshamakuru no mu kinyamakuru ubu citwa Umunara w’Inderetsi—Utangaza Ubwami bwa Yehova.

Mu bari bagize uwo mugwi w’abatohoji ba Bibiliya b’inziraburyarya harimwo uwitwa Charles Taze Russell. Naho Russell yari ahagarikiye igikorwa co kwigisha Bibiliya ico gihe kandi akaba yari umwanditsi mukuru w’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi, ntiyashinze idini rishasha. Intumbero ya Russell na bagenziwe yari iyo kumenyekanisha inyigisho za Yezu Kristu no kwisunga ukuntu ibintu vyagenda mw’ishengero ry’abakirisu bo mu kinjana ca mbere. Kubera ko Yezu ari we yashinze ubukirisu, tubona ko ari we yashinze ishirahamwe ryacu.—Abakolosayi 1:18-20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika