ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 11
  • Abahinga boba bemera ko Yezu yabayeho?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abahinga boba bemera ko Yezu yabayeho?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • 3 Numenye ukuri ku vyerekeye Yezu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yezu Kirisitu—Ibimenyamenya vy’uko yabayeho kw’isi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Nitumenye “Ivyiyumviro vya Kristo”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Inyishu z’ibibazo twibaza kuri Yezu Kristu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 11
Yezu yambaye urugori rw’amahwa

Abahinga boba bemera ko Yezu yabayeho?

Abahinga barafise imvo yumvikana yo kwemera yuko Yezu yabayeho. Ku bijanye n’ivyo abahinga mu vya kahise bo mu kinjana ca mbere n’ica kabiri bavuze ku vyerekeye Yezu be n’abakirisu bo mu ntango, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) casohowe mu 2002, kivuga giti: “Izo nkuru zigenga ziremeza ko mu bihe vya kera, n’abarwanya ubukirisu batigeze bakekeranya ivy’uko Yezu yabayeho koko, ivyo bikaba vyatanguye guharirwako ari ryo rya mbere kandi bivuye ku mvo ata ho zishingiye mu mpera z’ikinjana ca 18, mu kinjana ca 19 be no mu ntango z’ikinjana ca 20.”

Mu 2006, igitabu kimwe (Jesus and Archaeology) cavuze giti: “Nta ncabwenge n’imwe yo kwizigirwa muri iki gihe iharira ko Umuyuda yitwa Yezu mwene Yozefu yabayeho; benshi bariyemerera ko ubu tuzi vyinshi cane ku bijanye n’ivyo yakoze no ku bijanye n’inyigisho ziwe z’ishimikiro.”

Bibiliya irerekana ko Yezu ari umuntu yabayeho koko. Iravuga amazina ya ba sekuruza biwe n’ay’abo mu rugo iwabo. (Matayo 1:1; 13:55) Iravuga kandi amazina y’abatware bakomakomeye babayeho mu gihe ca Yezu. (Luka 3:1, 2) Ayo makuru arafasha abashakashatsi gusuzuma yuko inkuru zo muri Bibiliya zitagiramwo amakosa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika