ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 41
  • Bibiliya ivuga iki ku guterwa amaraso?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ivuga iki ku guterwa amaraso?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ubuzima n’Amaraso—Woba Ubona ko Bikwiye Gusonerwa?
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Nitubone ubuzima nk’uko Imana ibubona
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Ingabirano yawe y’ubuzima nuyihe agaciro nk’uko bikwiriye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 41

Bibiliya ivuga iki ku guterwa amaraso?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya idutegeka kutinjiza amaraso mu mubiri. Ku bw’ivyo ntidukwiye kwemera gufungura canke guterwa amaraso canke ibihimba nyamukuru biyagize. Ehe ivyanditswe bijanye n’ico kintu:

  • Itanguriro 9:4. Inyuma ya wa Mwuzure, Imana yarahaye Nowa n’umuryango wiwe uburenganzira bwo kurya n’inyama z’ibikoko ariko ibabuza kurya amaraso. Yabwiye Nowa iti: “Gusa, inyama zirimwo ubuzima bwazo, ari bwo maraso yazo, ntimuze muzirye.” Iryo tegeko riraraba abantu bose kuva ico gihe gushika n’ubu, kuko bose bakomoka kuri Nowa.

  • Abalewi 17:14. “Ntimuze murye amaraso y’ikiri n’umubiri na kimwe, kuko ubuzima bw’ikiri n’umubiri cose ari amaraso yaco. Uwo wese ayariye azorandurwa.” Imana yabona ko ubuzima buri mu maraso kandi ko ari ubwayo, ni ukuvuga ubw’Imana. Naho iryo tegeko ryahawe gusa ihanga rya Isirayeli, rirerekana ko Imana yabona yuko kurirenga cari ikintu gikomeye.

  • Ivyakozwe 15:20. ‘Mwirinde. . . amaraso.’ Imana yahaye abakirisu rya tegeko nyene yari yarahaye Nowa. Kahise karerekana ko abakirisu bo mu ntango banka kurya amaraso canke mbere kuyakoresha mu bijanye n’ubuvuzi.

Kubera iki Imana idutegeka kwirinda amaraso?

Hari imvo zumvikana zijanye n’ubuvuzi zituma twirinda guterwa amaraso. Ariko igihambaye kuruta, Imana idutegeka kwirinda amaraso kubera ko ibona yuko ico agereranya ari ikintu ceranda.—Abalewi 17:11; Abakolosayi 1:20.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika