ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 72
  • Igitabu c’Ivyahishuwe gisobanura iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igitabu c’Ivyahishuwe gisobanura iki?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Nimube Abasomyi Bahimbawe b’Igitabu c’Ivyahishuriwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ivyahishuwe: Insozero ihimbaye!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ibintu bitegerezwa kuba vuba
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • “Amakuru y’Akamwemwe” yo mu Vyahishuriwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 72
Uyu muntu ariko arasoma igitabu c’Ivyahishuwe ariko ariha ishusho y’igikoko be n’abagendera ku mafarasi bavugwa muri ico gitabu

Igitabu c’Ivyahishuwe gisobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

Izina ry’ikigiriki ry’igitabu co muri Bibiliya c’Ivyahishuwe, ari ryo A·po·kaʹly·psis (apocalypse mu gifaransa), risobanura “gupfukura” canke “gushira ahabona.” Iryo zina rirerekana insobanuro y’igitabu c’Ivyahishuwe; kirapfukura ibintu vyari vyaranyegejwe kandi kirashira ahabona ibintu vyobaye haheze igihe kirekire vyanditswe. Bwinshi mu buhanuzi buri muri ico gitabu ntiburaranguka.

Ibintu nyamukuru biranga igitabu c’Ivyahishuwe

  • Intangamarara.​—Ivyahishuwe 1:​1-9.

  • Ubutumwa Yezu yarungikiye amashengero indwi.​—Ivyahishuwe 1:10–​3:​22.

  • Iyerekwa ry’Imana iri ku ntebe yayo y’ubwami mw’ijuru.​—Ivyahishuwe 4:1-11.

  • Amayerekwa atari make, agenda arakurikirana:

    • Udushashara indwi.​—Ivyahishuwe 5:1–8:6.

    • Inzumbete indwi, zitatu za nyuma imwimwe yose igenda irakurikirwa n’amagorwa.​—Ivyahishuwe 8:7–14:20.

    • Amabakure indwi, rimwerimwe ryose rikaba ririmwo icago kigereranya urubanza rw’Imana rusukwa kw’isi.​—Ivyahishuwe 15:1–16:21.

    • Amayerekwa y’uguhona kw’abansi b’Imana.​—Ivyahishuwe 17:1–20:10.

    • Amayerekwa y’imihezagiro Imana itanga mw’ijuru no kw’isi.​—Ivyahishuwe 20:11–22:5.

  • Insozero.​—Ivyahishuwe 22:6-21.

Ivyofasha umuntu gutahura igitabu c’Ivyahishuwe

  1. Insobanuro y’ico gitabu ni nziza, si iyitera ubwoba abakorera Imana. Naho abantu benshi izina ry’ico gitabu barisanisha n’icago gikomeye, mu ntango no mu nsozero y’igitabu c’Ivyahishuwe havuga ko abasoma ubutumwa buri muri co, bakabutahura kandi bakabushira mu ngiro bahiriwe.​—Ivyahishuwe 1:3; 22:7.

  2. Mu gitabu c’Ivyahishuwe hariyo “ibimenyetso” umuntu adakwiye gufata uko biri urudome ku rundi.​—Ivyahishuwe 1:1.

  3. Ibintu bitandukanye bihambaye be n’ibimenyetso vyinshi bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe biba bisanzwe vyaravuzwe muri Bibiliya:

    • Yehova ni “Imana y’ukuri mu majuru” akaba n’Umuremyi w’ibintu vyose.​—Gusubira mu vyagezwe 4:39; Zaburi 103:19; Ivyahishuwe 4:11; 15:3.

    • Yezu Kristu ni “Umwagazi w’intama w’Imana.”—Yohani 1:29; Ivyahishuwe 5:6; 14:1.

    • Shetani wa Mubesheranyi ni umwansi w’Imana.​—Itanguriro 3:14, 15; Yohani 8:44; Ivyahishuwe 12:9.

    • Babiloni Akomeye; nka kumwe kwa Babiloni (Babeli) ya kera, ni umwansi wa Yehova Imana n’abasavyi biwe ikaba n’isôko ry’ibinyoma vyigishwa mu madini.​—Itanguriro 11:2-9; Yesaya 13:1, 11; Ivyahishuwe 17:4-6; 18:4, 20.

    • “Ikiyaga” ni abantu babi barwanya Imana.​—Yesaya 57:20; Ivyahishuwe 13:1; 21:1.

    • Ibintu bifitaniye isano n’itaberenakulo ya kera yakoreshwa mu gusenga Imana, hakaba harimwo isandugu y’isezerano, ikiyaga c’ikiyo (ikibesani co gukarabiramwo), amatara, kwosa imibavu be n’igicaniro c’ibimazi.​—Kuvayo 25:10, 17, 18; 40:24-32; Ivyahishuwe 4:5, 6; 5:8; 8:3; 11:19.

    • Ibikoko bigereranya intwaro z’abantu.​—Daniyeli 7:1-8, 17-26; Ivyahishuwe 13:2, 11; 17:3.

    • Ibitigiri bikoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo.​—Ivyahishuwe 1:20; 8:13; 13:18; 21:16.

  4. Amayerekwa yerekeye “umusi w’Umukama,” uwutanguye igihe Ubwami bw’Imana bwashingwa mu 1914 Yezu na we agatangura kuganza ari Umwami. (Ivyahishuwe 1:10) Ku bw’ivyo, turashobora kwitega ko iranguka nyamukuru ry’Ivyahishuwe rizoba muri iki gihe cacu.

  5. Kugira dutahure igitabu c’Ivyahishuwe, dukeneye vya bintu nyene bidufasha gutahura igihimba gisigaye ca Bibiliya, muri ivyo hakaba harimwo ubukerebutsi buva ku Mana be n’ugufashwa n’abasanzwe bagitahura.​—Ivyakozwe 8:26-39; Yakobo 1:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika