ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 42
  • Gukoresha ibijambo bibi hari ico bitwaye?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gukoresha ibijambo bibi hari ico bitwaye?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Umwimenyerezo
  • Igituma bihambaye
  • Ico wokora
  • Dushobora gute kunezereza Yehova mu majambo tuvuga?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nkore iki ko abandi banyinuba?
    Urwaruka ruribaza
  • Kubera iki wokwiga urundi rurimi?
    Urwaruka ruribaza
  • Kuki abakobwa batankunda?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 42
Umuhungu ariko arumva abakobwa bariko bavuga ibijambo bibi.

URWARUKA RURIBAZA

Gukoresha ibijambo bibi hari ico bitwaye?

«Ndamenyereye kwumva abantu batukana ku buryo ata co bikimbwiye. Bisigaye ari ibisanzwe.»​—Christopher w’imyaka 17.

«Nkiri muto, narakunda gutukana. Ni ingeso yandukira ningoga ariko igoye guheba.»​—Rebecca w’imyaka 19.

  • Umwimenyerezo

  • Igituma bihambaye

  • Ico wokora

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Umwimenyerezo

  • Iyo wumvise abandi bariko baratukana uvyakira gute?

    • Nta n’ivyo menya, ni ibisanzwe kuri jewe.

    • Birantera ubuyega, ariko nta kundi ndi bugire.

    • Birambabaza cane, sindavyerekwa.

  • Wewe vyoba bishika ugatukana?

    • Nta na rimwe

    • Rimwerimwe

    • Vyama vyabaye

  • Ku bwawe, gutukana hari ico bitwaye?

    • Ni ibisanzwe

    • Ni bibi cane

Igituma bihambaye

Woba ubona ko gutukana ari ikibazo gihambaye? Woshobora kuvuga uti: “Ni ibisanzwe. Hariho ibindi bibazo bikomeye vyoturaza ishinga. Bisubiye, ni nde adatukana?” Ukwo kwoba ari ukuri?

Uvyemera canke utavyemera, hariho abantu benshi birinda imvugo mbi. Kandi barafise imvo zituma bayirinda abandi batazi. Nk’akarorero:

  • Gutukana birahishura ico uri. Amajambo yawe arahishura ivyo wiyumvira. Gukoresha imvugo mbi birerekana ko utitaho abandi. Ukwo kwoba ari ko umeze vy’ukuri?

    Bibiliya ivuga iti: «Ibiva mu kanwa biba bivuye mu mutima.»​—Matayo 15:18.

    Abakiri bato bariko barahunga kubera ibijambo bibi mugenzi wabo ariko aravuga.

    Ibijambo bibi bironona imvugo yacu; ni nko kwonona ibidukikije. Kubera iki wokwigirira nabi ukagirira nabi n’abandi?

  • Gutukana biratuma abandi bakwiyumvira nabi. Igitabu kimwe (Cuss Control) kivuga giti: «Uburyo tuvuga burerekana abashobora kutubera abagenzi, nimba abo mu muryango n’abo dukorana boshobora kutwubaha, ukuntu ubucuti dufitaniye n’abandi bumeze, nimba abandi bokwemera ivyiyumviro vyacu, nimba tworonka akazi canke tukaduzwa igiti, n’ukuntu abandi badufata.» Congerako giti: «Niwibaze nimba ubucuti ufitaniye n’abandi butorushirije kumera neza iyo uba udakoresha amajambo mabi.»

    Bibiliya ivuga iti: “Ugutukana gukurwe muri mwebwe.”​—Abanyefeso 4:31.

  • Gukoresha imvugo mbi ntibituma abandi bakwemera nk’uko woshobora kuvyiyumvira. Igitabu kimwe (How Rude!) canditswe na Alex Packer kigira giti: «Abantu bakoresha imvugo mbi umwanya wose bararambira kwumviriza.» Avuga kandi ko umuntu akoresha imvugo yuzuyemwo amajambo mabi «adashobora gukoresha amajambo aranga ugutahura, yiyumviriye neza kandi arimwo ubwenge n’impuhwe. Nimba upfa ivyo uvuze, canke ukavuga ibintu bidatomoye kandi utabanje kwiyumvira, nta nkeka ko n’ivyiyumviro vyawe bizomera gutyo.»

    Bibiliya ivuga iti: «Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu.»​—Abanyefeso 4:​29.

Ico wokora

  • Niwishingire umugambi. Ubona gute wishingiye umugambi w’uko mu kwezi kumwe canke kudashika woba wahevye gukoresha imvugo mbi? Urashobora kwifashisha ikirangamisi mu kuraba iterambere ryawe. Ariko rero, kugira ivyo ubishikeko hariho izindi ntambwe wokenera gutera. Nk’akarorero:

  • Niwirinde ukwinezereza kwotuma imvugo mbi icumbika mu bwonko bwawe. Bibiliya ivuga iti: «Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.» (1 Abakorinto 15:33) Mu bagenzi babi harimwo n’uburyo bwo kwinezereza: Amasinema uraba, udukino twa videwo ukina hamwe n’umuziki wumviriza. Kenneth w’imyaka 17 avuga ati: «Biroroshe gusanga uriko uraririmba umuziki wikundira ariko ntiwiteho ko urimwo amajambo mabi, kubera ko gusa ukunda umudundo wawo.»

  • Niwerekane ko uhumuye. Abantu bamwebamwe barakoresha amajambo mabi kubera biyumvira ko bituma abandi babona ko ari abagabo. Ahubwo riho bituma babona ko ata mugabo urimwo. Bibiliya ivuga ko abantu bahumuye «ububasha bwabo bwo gutegera bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.» (Abaheburayo 5:​14) Ntibiyambura urupfasoni kugira gusa batangaze abandi.

Mu vy’ukuri, imvugo mbi ironona ubwenge mu kubwinjizamwo ivyiyumviro bitabereye. Isi isanzwe yuzuyemwo ivyiyumviro bitabereye! Ca gitabu twavuga (Cuss Control) gihanura giti: «Ntusongere isibe. Niwihatire gukoresha imvugo nziza aho uba. Uzokwumva uryohewe kandi n’abandi bazoryoherwa.»

IVYO URUNGANWE RWAWE RUVUGA

Jared

«Imvugo mbi ntituma uboneka neza. Nimba udashobora kwubaka iryungane udakoresheje amajambo mabi, vyerekana ko amajambo uzi ari ku rushi.»​—Jared.

Jennifer

«Dutegerezwa guhitamwo imvugo dukoresha. Dukwiye kubanza kwiyumvira imbere yo kuvuga naho bitama vyoroshe. Ingeso yo kuvuga nabi irashobora guhera.»​—Jennifer.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika