ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 47
  • Kubera iki nkwiye kuba imvugakuri?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki nkwiye kuba imvugakuri?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma bamwebamwe batavugisha ukuri
  • Igituma ari vyiza kuba imvugakuri
  • Tube imvugakuri muri vyose
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • Nube imvugakuri muri vyose
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Nube imvugakuri muri vyose
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Ni ngirakamaro kuba imvugakuri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 47
Umunyeshure ahaye agapapuro mugenziwe kugira atirishe

URWARUKA RURIBAZA

Kubera iki nkwiye kuba imvugakuri?

  • Igituma bamwebamwe batavugisha ukuri

  • Igituma ari vyiza kuba imvugakuri

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Igituma bamwebamwe batavugisha ukuri

Muri iki gihe, kuvuga ukuri womenga nta co bimaze. Bamwebamwe boshobora kwiyumvira bati:

  • ‘Nintabesha, abavyeyi barashobora kumfatira ibihano.’

  • ‘Nintatirisha muri iki kibazo, ndashobora kunanirwa.’

  • ‘Ntivye kino kintu, bizonsaba kuziganya ayo kukigura.’

Vyongeye, hari abokwibaza bati: ‘Ivyo ni ibisanzwe, none abantu bose ntibabesha?’

Inyishu y’ico kibazo ni oya. Abantu benshi, ushizemwo n’abakiri bato batari bake, baremera ko kuvugisha ukuri biri n’akamaro, kandi ivyo ni ko biri. Bibiliya ivuga iti: “Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.” (Abagalatiya 6:7) Ivyo bisigura ko ivyo dukora vyama bifise ingaruka, zaba mbi canke nziza.

Raba nk’akarorero ingaruka zibabaje zashikiye abantu babesha:

“Narabeshe mama ko ata bucuti mfitaniye n’umuhungu umwe. Yari azi neza ko ndiko ndamuhenda. Maze kumuhenda ubugira gatatu, yarashavuye cane. Yampaye igihano co kumara indwi zibiri ntasohoka ngo nje kwinezereza no kumara ukwezi ntakoresha telefone yanje kandi ntaraba televiziyo. Emwe, sinasubiye kubesha abavyeyi!”​—Anita.

Zirikana gatoyi: Kubera iki bizofata igihe kugira nyina wa Anita asubire kumwizigira?

Bibiliya ivuga iti: “Ubu ko mwiyambuye ibinyoma, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe.”​—Abanyefeso 4:25.

“Narabeshe abavyeyi, hama niyumvira ko vyaheze, gushika umusi uri izina bambwiye ngo nsubire ndabiganire ingene vyari vyagenze. Nari nabeshe bikomeye ku buryo ntari ncibuka utuntu tumwetumwe nari navuze ubwa mbere. Igihe uvuze ukuri kuva mu ntango, iyo ngorane ntigushikira!”​—Anthony.

Zirikana gatoyi: Ni gute Anthony yari kwirinda iyo ngorane?

Bibiliya ivuga iti: “Iminwa y’ikinyoma ni ikintu giteye ishishi kuri Yehova, mugabo abakorana ubwizigirwa baramuhimbara.”​—Imigani 12:22.

“Ndafise umugenzi akunda kuryosha inkuru. Ararenza urugero ku buryo avuga ibintu uko bitari. Ndamukunda kandi sinkunda gusuzuma cane ivyo avuga. Ariko biragoye vy’ukuri kumwizigira.”​—Yvonne.

Zirikana gatoyi: Ni gute kurenza urugero no kubesha mu tuntu “dutoduto” bishobora gutuma uwo mugenzi wa Yvonne agira izina ribi?

Bibiliya ivuga iti: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.”​—Abaheburayo 13:18.

Inzu y’amatafari yubatse ku mushinge ufise imigaga

Nk’uko umushinge ufise imigaga ushobora gutuma inzu yose isenyuka, ni ko n’ukutavuga ukuri gushobora kwonona izina ryawe.

Igituma ari vyiza kuba imvugakuri

Ubu na ho, raba ivyiza bimwebimwe biva kuba imvugakuri:

“Hari umukenyezi yari imbere yanje yakoroye amahera. Naramuhamagaye hama ndayamusubiza. Yaranshimiye cane. Yambwiye ati: ‘Urakoze cane. Si abantu benshi bafise umutima nk’uwo.’ Biraryoshe kwumva ko abandi babona iciza uriko urakora!”​—Vivian.

Zirikana gatoyi: Ni kubera iki uwo mukenyezi ashobora kuba yaratangajwe n’ico kintu? Ni gute kuba imvugakuri vyafashije Vivian?

Bibiliya ivuga iti: ‘Hahiriwe abakora ivy’ubugororotsi igihe cose.’​—Zaburi 106:3.

“Umuryango wacu usanzwe ukora akazi ko gusukura amazu. Birashika iyo turiko turasukura ibiro kanaka, tukabona ikingorongoro c’amahera cakorotse. Duca tugitora tukagishira ku meza. Hari umukozi umwe yashavujwe n’ukwo kuntu tumeze. Yavuze ati: ‘N’ikingorongoro na co!’ Ariko rero igitangaje, yama atwizigira.”​—Julia.

Zirikana gatoyi: Kuba Julia azwi neza vyomufasha gute igihe yoba ariko arondera akandi kazi?

Bibiliya ivuga iti: “Ukore uko ushoboye kwose ngo wishikirize Imana nk’uwemewe, umukozi atagira ikimutetereza.”​—2 Timoteyo 2:15.

“Narahembewe amasaha 80 kandi nakoze amasaha 64. Naho ayo mahera yari kumfasha, sinubahutse kuyagumya. Narayasubije umunyabigega, kandi yararyohewe cane. Naho iryo shirahamwe ritunze, sinari kuyagumana kuko bwari kuba ari ubusuma.”​—Bethany.

Zirikana gatoyi: Kwiba ishirahamwe vyoba ari bibi cokimwe no kwiba umuntu?

Bibiliya ivuga iti: “Umunyamayeri [ni] ikintu giteye ishishi kuri Yehova, mugabo kugirana ubugenzi somambike na We ni ivy’abagororotse.”​—Imigani 3:32.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Tobi

TOBI

Bisaba akigoro kadasanzwe kugira umunyeshure atirishe mu kibazo. Hamwe yofata ica kabiri c’inguvu akoresha mu gutirisha akazikoresha mu kwiga, ntiyonanirwa mu kibazo!

Austin

AUSTIN

Mpora nibaza nti: ‘Hari ingorane nogira mvugishije ukuri?’ Nca ngereranya n’ingorane nogira ndamutse mbeshe. Kwiyumvira ingaruka zoshika biramfasha kwirinda kubesha.

Heidy

HEIDY

Benshi babesha kubera ko bibaza ko bokwikwegera ingorane baramutse bavugishije ukuri. Ariko wopfuma uvugisha ukuri ugahanwa, hako ubesha ukaguma wicuza.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika