ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 99
  • Ubwo Imana izombabarira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwo Imana izombabarira?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Imana “yiteguriye kubabarira”
    Niwiyegereze Yehova
  • Yehova, Imana ‘Igabirije Guharira’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Yehova ni ntangere mu guharira
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Imana yoba isaba ko twatura ibicumuro?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 99
Umusore ariko asengana ubwira apfukamye

Ubwo Imana izombabarira?

Inyishu Bibiliya itanga

Egome, igihe uteye intambwe zikenewe, Imana irakubabarira. Bibiliya ivuga ko Imana ‘yiteguriye kubabarira’ kandi ko ‘ibabarira cane.’ (Nehemiya 9:17; Zaburi 86:5; Yesaya 55:7) Iratubabarira igaherezako, ibicumuro vyacu ‘bigahanagurwa.’ (Ivyakozwe 3:19) Vyongeye, igihe Imana itubabariye ibicumuro ntibigarukukako, nakare ivuga iti: “Igicumuro cabo sinzosubira kucibuka.” (Yeremiya 31:34) Imaze kutubabarira, ntiyibukiriza ibicumuro vyacu kugira ngo ibiduhore canke ngo igume ibiduhanira.

Ariko rero, Imana ntitwarwa n’ibishobisho mu kubabarira abantu. Kandi ntiyigera ihindura ingingo ngenderwako zayo zigororotse. Ku bw’ivyo, hari ibicumuro itababarira.​—Yosuwa 24:19, 20.

Intambwe zotuma Imana ikubabarira

  1. Niwemere ko kuba wacumuye warenze ku mategeko y’Imana. Naho hogira abababazwa n’ivyo wakoze, ukwiye kwemera ko imbere ya vyose wababaje Imana.​—Zaburi 51:1, 4; Ivyakozwe 24:16.

  2. Nusenge Imana uyaturira icaha wakoze.​—Zaburi 32:5; 1 Yohani 1:9.

  3. Nubabazwe cane n’icaha wakoze. Uwo “mubabaro uhuye n’ukugomba kw’Imana” utuma wigaya, ni ukuvuga guhindura umutima. (2 Abakorinto 7:10) Ivyo bisigura ko wicuza ku catumye ukora ico caha.​—Matayo 5:​27, 28.

  4. ‘Nuhindukire,’ ni ukuvuga uhindure ingendo. (Ivyakozwe 3:​19) Ivyo bisobanura ko wirinda gusubira gukora ico gicumuro, canke na ho ukabwirizwa guhindura burundu ivyiyumviro vyawe n’ingendo yawe.​—Abanyefeso 4:​23, 24.

  5. Nusubize ibintu mu buryo canke ukosore ivyo wononye. (Matayo 5:23, 24; 2 Abakorinto 7:11) Nusabe imbabazi abababajwe n’ivyo wakoze canke ivyo utashikije, wongere usubize ivy’abandi ku rugero rwose rushoboka.​—Luka 19:​7-​10.

  6. Nusabe Imana ikubabarire yisunze incungu ya Yezu. (Abanyefeso 1:7) Ariko kugira ngo wumvirwe, nawe utegerezwa kubabarira abagucumuyeko.​—Matayo 6:​14, 15.

  7. Nimba wakoze icaha gikomeye, niwiture umuntu ashoboye kugufasha mu vy’impwemu, ashobora no kugusengera.​—Yakobo 5:​14-​16.

Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye n’ikigongwe c’Imana

“Naracumuye cane ku buryo ntobabarirwa.”

Umwami Dawidi yari yarengewe n’umubabaro igihe Imana yamubabarira icaha co kurenga ibigo no kwica

Imana yarababariye Dawidi icaha co kurenga ibigo no kwica

Igihe cose duteye intambwe zivugwa mw’Ijambo ry’Imana, turababarirwa, nakare ibicumuro vyacu ntivyigera birengera ububasha Imana ifise bwo kubabarira. Irashobora kubabarira ivyaha bikomakomeye, eka mbere n’ivyaha vyakozwe kenshi.​—Yesaya 1:18.

Nk’akarorero, Umwami Dawidi wa Isirayeli yarababariwe icaha co kurenga ibigo no kwica. (2 Samweli 12:​7-​13) N’intumwa Paulo, uwiyumvira ko yari umucumuzi ruhebwa, yarababariwe. (1 Timoteyo 1:​15, 16) Mbere n’Abayuda bo mu kinjana ca mbere, abagirwa n’urupfu rwa Yezu, ari we Mesiya, Imana yarabababariye nimba barahinduye ingendo yabo.​—Ivyakozwe 3:​15, 19.

“Nireze kwa patiri canke nkavyaturira umukozi w’Imana, nca mbabarirwa.”

Nta muntu n’umwe afise ububasha bwo guharira ibicumuro vy’abantu. Naho kwaturira ivyaha uwundi muntu bishobora gutuma utekana, Imana yonyene ni yo ibababarira ivyaha.​—Abanyefeso 4:32; 1 Yohani 1:7, 9.

Nimba ari ukwo, none Yezu yashaka kuvuga iki igihe yabwira intumwa ngo: “Nimwababarira ibicumuro vy’abantu abo ari bo bose, bazoba babibabariwe; nimutababarira ibicumuro vy’abantu abo ari bo bose, bizoguma bitababariwe”? (Yohani 20:23) Yezu yariko yerekeza ku bubasha budasanzwe yohaye izo ntumwa ziwe zimaze kuronka impwemu nyeranda.​—Yohani 20:22.

Intumwa zararonse ubwo bubasha igihe zasukwako impwemu nyeranda mu mwaka wa 33 inyuma ya Kristu. (Ivyakozwe 2:​1-4) Intumwa Petero yarakoresheje ubwo bubasha igihe yacira urubanza Ananiya na Safira. Petero yaramenye ku gitangaro umugambi wabo mubi, kandi urwo baciriwe rwarerekanye ko batari babereye kubabarirwa.​—Ivyakozwe 5:​1-​11.

Intumwa zimaze gupfa, iyo ngabire yo kumenya ibintu ku gitangaro, cokimwe n’izindi ngabire nko gukiza indwara no kuvuga izindi ndimi, vyarahagaze. (1 Abakorinto 13:​8-​10) Ni co gituma muri iki gihe ata muntu afise ububasha bwo guharira ibicumuro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika