ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 102
  • Akamari koba ari igicumuro?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akamari koba ari igicumuro?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Bibiliya yoba yiyamiriza akamari?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Akamari
    Be maso!—2015
  • Ibibazo vy’Abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 102
Umukinyi wa tombora ariko arasuzuma agakarata kiwe igihe bavuga uwatsinze kuri televiziyo

Akamari koba ari igicumuro?

Inyishu Bibiliya itanga

Naho Bibiliya itavuga cane ivy’akamari, impanuro ziri muri yo ziradufasha gutahura yuko Imana ibona ko akamari ari igicumuro.​—Abanyefeso 5:17.a

  • Akamari kava ku mwina canke umunoho w’amahera, na wo ukaba ari ikintu Imana yanka. (1 Abakorinto 6:​9, 10; Abanyefeso 5:​3, 5) Abagakina baba bipfuza gutsindira amahera abandi bahomvye, kandi tuzi ko Bibiliya itubuza kwipfuza ivy’abandi.​—Kuvayo 20:17; Abaroma 7:7; 13:​9, 10.

  • Gukina akamari, naho kwoba ari ugukinira amahera make, birashobora gutuma umuntu akunda amahera bikamugirira nabi.​—1 Timoteyo 6:​9, 10.

  • Kenshi abakina akamari usanga bizigira ibintazi canke umugisha w’igihamana. Kwizigira ivyo bintu, Imana ibona ko ari nk’ugusenga ibigirwamana, na vyo ikaba itavyerekwa.​—Yesaya 65:11.

  • Bibiliya ituremesha gukora cane aho kwipfuza kurya ivyo tutabiriye akuya. (Umusiguzi 2:​24; Abanyefeso 4:​28) Abakurikiza iyo mpanuro, “[ba]rya ibifungurwa bo ubwabo bakoreye.”​—2 Abatesalonika 3:​10, 12.

  • Akamari karashobora kuvyura agatima kabi ko guhiganwa kiyamirizwa mw’Ijambo ry’Imana.​—Abagalatiya 5:​26.

a Ahantu hamwe gusa Bibiliya ivuga ivy’akamari idomako, ni muri ya nkuru y’abasoda b’Abaroma bapfindiye impuzu ya Yezu mu ‘gukina akamari.’​—Matayo 27:35; Yohani 19:23, 24; Contemporary English Version; Good News Translation.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika