ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 106
  • Umuntu akijijwe yoba aba akijijwe ibihe vyose?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umuntu akijijwe yoba aba akijijwe ibihe vyose?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ubukiriro ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Nutume “Ukwizigira Ubukiriro” Kwawe Kuguma Gukayangana!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Yezu adukiza gute?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Ivyabona vya Yehova boba bemera yuko ari bo bonyene bazorokorwa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 106
Uwuriko araca ishami ry’umuzabibu ritama

Umuntu akijijwe yoba aba akijijwe ibihe vyose?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya ntiyigisha ko umuntu akijijwe biba biheze. Umuntu yaronse agakiza biciye ku kwizera Yezu Kristu arashobora gutakaza ukwo kwizera n’ako gakiza yaronse. Bibiliya ivuga ko kugira umuntu agumane ukwizera bisaba akigoro, akarwana “intambara ikomeye.” (Yuda 3, 5) Abakirisu bo ntango bari bamaze kwakira Kristu babwiwe bati: “Mugume mushitsa ubukiriro bwanyu mutinya kandi mujugumira.”—Abafilipi 2:12.

Ivyanditswe vyo muri Bibiliya ntibishigikira inyigisho y’uko umuntu akijijwe aba akijijwe ibihe vyose

  • Bibiliya iravuga ivyaha bikomeye bishobora gutuma umuntu atinjira mu Bwami bw’Imana. (1 Abakorinto 6:9-11; Abagalatiya 5:19-21) Iyaba rero umuntu adashobora gutakaza agakiza yaronse, ivyo bintu Bibiliya ivuga nta co vyoba bimaze. Ahubwo Bibiliya yerekana ko umuntu yamaze kuronka agakiza ashobora kugwa asubiriye gukora icaha gikomeye. Nk’akarorero, mu Baheburayo 10:26 havuga hati: “Nimba tuza turacumura n’ibigirankana tumaze kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri, nta kimazi c’ibicumuro kiba kigisigaye.”—Abaheburayo 10:26; 6:4-6; 2 Petero 2:20-22.

  • Mu kigereranyo kimwe Yezu yatanze, yarerekanye akamaro ko kugumana ukwizera. Muri ico kigereranyo yigereranije n’umuzabibu, abigishwa biwe na bo abagereranya n’amashami yawo. Abo bigishwa biwe bobwirijwe kwerekana ukwizera mu vyo bakora, ari vyo vyamwa. Ariko bishitse ntibagumane ukwizera, ‘botawe hanze nk’ishami ritama,’ gutyo bakaba batakaje agakiza baronse. (Yohani 15:1-6) Intumwa Paulo yaratanze ikigereranyo gisa n’ico, mu kuvuga ko abakirisu batagumanye ukwizera kwabo ‘bazocacurwa.’​—Abaroma 11:17-22.

  • Abakirisu basabwa ‘kuguma bari maso.’ (Matayo 24:42; 25:13) Abareka kwitaho ivy’Imana, haba mu gukora “ibikorwa vy’umwiza” canke mu kudakora bimwe bishitse ivyo Yezu yategetse, baratakaza agakiza kabo.​—Abaroma 13:11-13; Ivyahishuwe 3:1-3.

  • Bibiliya iravuga ahatari hake ko abamaze kwakira agakiza bategerezwa kuguma bihanganye gushika kw’iherezo. (Matayo 24:13; Abaheburayo 10:36; 12:2, 3; Ivyahishuwe 2:10) Abakirisu bo mu ntango baragize umunezero igihe bamenya ko abo basangiye ukwizera bariko barihanganira ivyariko bigerageza ukwizera kwabo. (1 Abatesalonika 1:2, 3; 3 Yohani 3, 4) None vyoba vyumvikana Bibiliya ishimitse ku kwihangana udahemuka mu gihe n’abatihangana borokoka vyanka bikunda?

  • Igihe intumwa Paulo yari yegereje gupfa ni ho gusa yabona ko ubukiriro bwiwe ari ntakekeranywa. (2 Timoteyo 4:6-8) Imbere y’aho, yaratahura ko yashobora gutakaza ubukiriro mu gihe yoretse agatwarwa n’ivyipfuzo vy’umubiri. Yanditse ati: “Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi nkawujana nk’umuja, kugira ngo maze kwamamaza ku bandi, nanje ubwanje simpave mba uwutemewe.”​—1 Abakorinto 9:27; Abafilipi 3:12-14.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika