ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 57
  • Kuki nkwiye kwumvikana n’abo tuvukana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuki nkwiye kwumvikana n’abo tuvukana?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Nta zibana zidakomanya amahembe”
  • Imvo zibiri zikwiye gutuma mwumvikana
  • Nshobora gute kwumvikana n’abo tuvukana?
    Be maso!—2010
  • Nshobora gute kwumvikana n’abo tuvukana?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Yezu yoba yarubatse urwiwe? Yoba yari afise abo bavukana?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Abo tuvukana ni bande?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 57
Umuhungu na mushikiwe bariko barateka

URWARUKA RURIBAZA

Kuki nkwiye kwumvikana n’abo tuvukana?

  • “Nta zibana zidakomanya amahembe”

  • Imvo zibiri zikwiye gutuma mwumvikana

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

“Nta zibana zidakomanya amahembe”

Abavukana ntibabura ivyo bapfa. Urakunda abo muvukana kandi na bo baragukunda, ariko birashika ntimwumvikane. Helena w’imyaka 18 avuga ati: “Musazanje aranshavuza cane. Arazi neza ico yokora kugira anshavuze!”

Ingorane zimwe z’abavukana zirashobora gutorerwa umuti biciye gusa ku kuyaga. Nk’akarorero:

  • Abahungu basangiye icumba barashobora gushwana kubera umwe yavogereye uwundi. Umuti woba uwuhe? Nimwige kwubahiriza uwundi. Nimushire mu ngiro impanuro dusanga muri Luka 6:31.

  • Umukobwa yoshobora kwitiza impuzu za mwenewabo atabimusavye. Umuti woba uwuhe? Nimubivugane kandi mwishingire uturimbi. Nimushire mu ngiro impanuro dusanga muri 2 Timoteyo 2:24.

Mu bihe bimwebimwe, ingorane z’abavukana ziraba izikomeye kandi zikagira n’ingaruka zikomeye. Rimbura uturorero tubiri tuvugwa muri Bibiliya:

  • Miriyamu na Aroni baragiriye ishari mwenewabo Musa kandi vyavuyemwo ingaruka zibabaje. Nusome iyo nkuru mu Guharūra 12:1-15. Nuce wibaza uti: ‘Nokwirinda gute kugirira ishari abo tuvukana?’

  • Ishavu rya Kayini ryarakomeye kugeza n’aho agandagura murumunawe Abeli. Nusome iyo nkuru mw’Itanguriro 4:1-12. Nuce wibaza uti: ‘Nocungera gute ishavu ryanje igihe noba ndiko ndatunganya ingorane n’uwo tuvukana?’

Imvo zibiri zikwiye gutuma mwumvikana

Naho vyoba bigoye cane kwumvikana n’abo muvukana, hariho n’imiburiburi imvo zibiri zikwiye gutuma uvyihatira.

  1. Birerekana ko ukuze. Umusore yitwa Alex avuga ati: “Narakunda gushavurira cane bashikanje babiri. Ariko ubu ndatekanye kandi ndabihanganira. Biraboneka ko nakuze.”

    Bibiliya ivuga iti: “Uwuteba gushavura aba ari n’ugutahura kugwiriye, mugabo uwutihangana aba ariko ashira hejuru ubupfu.”—Imigani 14:29.

  2. Biragutegura ku bwa kazoza. Nimba utihanganira utunenge tw’abo muvukana, uzoshobora gute kwumvikana n’uwo muzokwubakana, uwo mukorana, umukoresha wawe, canke uwundi muntu uwo ari we wese?

    Ico womenya: Kugira uzoshobore kubana neza n’abandi bizovana n’ubushobozi bwo kuyaga no kwumvikana n’abandi ufise, kandi nta handi ushobora kubutsimbatariza atari muhira iwanyu.

    Bibiliya ivuga iti: “Uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.”—Abaroma 12:18.

Woba wipfuza icogufasha gutorera umuti ingorane ufitaniye n’uwo muvukana? Nusome aha havuga ngo “Ivyo urunganwe rwawe ruvuga,” hanyuma urabe umwimenyerezo biri kumwe uvuga uti: “Ukuntu wokwumvikana n’abo muvukana.”

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Jessica

“Mfise bakuru banje batatu, kandi kwumvikana na bo ntivyama vyoroshe. Ariko naratahuye ko ari bo bantu banzi neza kandi ko ari bo bazokwama hafi yanje.”—Jessica.

Tyler

“Birashika mukuru wanje akambabaza canke nkamubabaza. Ariko, ndamukunda. Yama anshigikira. Ndashima ingene atigera acika intege ngo atane n’akabando, yama akora ibirengeye ivyo bamwitezeko.”—Tyler.

Cameo

“Ndakunda kuba kumwe n’abandi, rero kuba mfise basazanje babiri birandyohera cane. Kubera ari abahungu, kwama turi kumwe vyaranyigishije ingene nofata abo tudasangiye igitsina. Ndahimbarwa cane no kuba mfise basazanje bimereye neza.”—Cameo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika