ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 60
  • Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kunywa inzoga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kunywa inzoga?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Niwiyumvire ingaruka zo kunywa
  • Nugire umwiyemezo
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Nubone inzoga nk’uko Imana izibona
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
  • Nugume ubona ivyerekeye inzoga mu buryo bubereye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Ingene wokwigerera mu kunywa
    Ibindi biganiro
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 60
Umusore bariko baraha inzoga kuri pikinike

URWARUKA RURIBAZA

Ni ibiki nkwiye kumenya ku bijanye no kunywa inzoga?

Bibiliya ntibuza kunywa inzoga ku rugero mu gihe amategeko atabikubuza. Ariko, iriyamiriza akaborerwe.​—Zaburi 104:15; 1 Abakorinto 6:​10.

Ariko wokora iki hamwe boguhata kunywa kandi amategeko atabikurekurira canke abavyeyi bawe barabikubujije?

  • Niwiyumvire ingaruka zo kunywa

  • Nugire umwiyemezo

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Niwiyumvire ingaruka zo kunywa

Bamwe mu runganwe rwawe bashobora kuba babona ko kunywa bituma umuntu yumva amerewe neza. Ariko ni ibiki bishobora gushika umaze kunywa?

  • Umuntu apfunzwe

    Ingorane ziva ku kurenga amategeko. Mu bihugu bimwebimwe, kunywa inzoga kandi utabirekuriwe n’amategeko birashobora gutuma baguca ihadabu, bakakwagiriza ko wakoze icaha, bakakwaka uruhusha rwo kugendesha umuduga, ugakoreshwa ibikorwa udahemberwa mbere ukanapfungwa.​—Abaroma 13:3.

  • Telefone ngendanwa

    Kumenyekana nabi. Inzoga iragabanya ubushobozi bwo kwigumya. Bitumwe n’inzoga, urashobora gukora canke kuvuga ibintu bizotuma wicuza mu nyuma. (Imigani 23:31-​33) Muri iki gihe aho uburyo bwo guhanahana amakuru bwagwiriye, ivyo ukora birashobora gutuma umenyekana nabi.

  • Umukobwa bariko barabuza amahoro

    Kudashobora kwirwanira. Inzoga irashobora gutuma ukubagurwa canke ufatwa ku nguvu. Irashobora kandi gutuma utwarwa n’akosho k’abandi maze ugakora ikintu giteye akaga canke kitemewe n’amategeko.

  • Icupa ry’inzoga rigaragara

    Kwizizirwa n’inzoga. Ubushakashatsi bwagizwe bwerekana ko gutangura kunywa inzoga ukiri muto bituma irushiriza kukwizizira. Kunywa inzoga kugira wiyibagize ingorane, kubera ufise irungu canke kubera wumva urambiwe birashobora gutuma igenda irakwizizira ku buryo izokugora cane guheba.

  • Akamenyetso k’ubumara

    Kuhasiga ubuzima. Mu mwaka umwe wa vuba, uko haheze iminuta 52 harapfa umuntu biturutse kw’isanganya ritejwe n’abashoferi batwara umuduga banyoye muri Leta Zunze ubumwe za Amerika. Mu kiringo kimwe c’imyaka itanu, abantu barenga 1.500 bari munsi y’imyaka 21 barapfa buri mwaka biturutse ku kuba umushoferi yanyoye. Mbere naho woba utanyoye, kwemera gutwarwa n’umuntu yanyoye vyoguteza ingorane.

Nugire umwiyemezo

Gufata ingingo imbere y’igihe y’ico wokora birashobora gutuma wirinda ingaruka zibabaje ziterwa no kurenga ku mategeko ajanye no kunywa inzoga.

Iciyumviro co muri Bibiliya: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Bwoba ari ubujuju gutwara umuduga wanyoye canke kunywa imbere y’uko ukora ikindi gikorwa ico ari co cose gisaba gukoresha ubwenge bwawe bwose.

Umwiyemezo: ‘Hamwe nohitamwo kunywa inzoga, nozinywa igihe gusa amategeko abindekurira kandi akaba ata kindi kintu cotuma ntazinywa.’

Iciyumviro co muri Bibiliya: ‘Muri abashumba b’uwo mugamburukira.’ (Abaroma 6:16) Hamwe wonywa kubera gusa abo mu runganwe rwawe bariko baranywa, woba ubaretse bakaba ari bo bakuganza. Kunywa kubera wumva urambiwe canke kugira wiyibagize ingorane, vyotuma udatsimbataza ubuhanga bugufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane.

Umwiyemezo: ‘Sinzokwigera nemera ko urunganwe rwanje runyosha kunywa.’

Iciyumviro co muri Bibiliya: “Ntube mu banywi b’umuvinyu ba cane.” (Imigani 23:20) Abagenzi babi barashobora kwonona umwiyemezo wawe. Igihe ugendana n’abanywa inzoga bakarenza urugero, uba wishize mu kaga.

Umwiyemezo: ‘Sinzokwigera ngira abagenzi abantu banywa inzoga zirenze urugero.’

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Jordan

“Nkiri kw’ishure, abanyeshure bama bampata kunywa inzoga. Nama niyibutsa icanditswe co mu 1 Abakorinto 15:33, kivuga giti: ‘Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.’”​—Jordan.

Jenna

“Nama nirinda umuntu canke ikintu gishobora kungirako akosho. Ndashima kubona mfise abagenzi bagira amahitamwo meza mu bijanye no kunywa.”​—Jenna.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika