ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 136
  • Mariya yoba ari nyina w’Imana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Mariya yoba ari nyina w’Imana?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Ikintu ca 5: Mariya ni nyina w’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 136
Mariya afise akana Yezu

Mariya yoba ari nyina w’Imana?

Inyishu Bibiliya itanga

Oya! Bibiliya ntiyigisha ko Mariya ari nyina w’Imana, eka kandi ntivuga ko abakirisu bakwiye kumusenga.a Rimbura ibi bintu:

  • Mariya ntiyigeze avuga ko ari nyina w’Imana. Bibiliya ivuga ko yibarutse “Umwana wa Musumbavyose” canke “Umwana w’Imana,” atari Imana ubwayo.​—Luka 1:32, 35.

  • Yezu Kristu ntiyigeze avuga ko Mariya ari nyina w’Imana canke ko abereye icubahiro kidasanzwe. Kanatsinda, yarakosoye umugore umwe yavuze ko Mariya ahiriwe ku bw’iteka yatewe. Yezu yamubwiye ati: “Oya, ahubwo hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!”​—Luka 11:27, 28.

  • Imvugo “Nyina w’Imana” na “Theotokos” (Uwibarutse Imana) ntiziboneka muri Bibiliya.

  • “Umwamikazi w’amajuru” avugwa muri Bibiliya si Mariya, ahubwo ni imanakazi y’ikinyoma yasengwa n’Abisirayeli b’abahuni. (Yeremiya 44:15-19) Uwo “Mwamikazi w’amajuru” ashobora kuba yari Ishitari, imanakazi y’Abanyababiloni.

  • Abakirisu bo mu ntango ntibasenga Mariya, kandi ntibigeze bamuha icubahiro kidasanzwe. Umutohozakahise umwe avuga ko abakirisu bo mu ntango “baterekwa ivyo gufata abantu nk’imana kandi baratinya ko guha Mariya iteka ridasanzwe vyohava bituma abantu biyumvira ko basenga imanakazi.”​—In Quest of the Jewish Mary.

  • Bibiliya ivuga ko Imana yamyeho. (Zaburi 90:1, 2; Yesaya 40:28) Kubera ko itagira intango, ntishobora kugira nyina. Vyongeye, nta kuntu Imana yari gukwira mu nda ya Mariya kuko Bibiliya ivuga itomora ko n’amajuru adashobora kuyikwira.​—1 Abami 8:27.

Mariya ni nyina wa Yezu si “nyina w’Imana”

Mariya yari Umuyudakazi yakomoka mu muryango w’Umwami Dawidi. (Luka 3:23-31) Ukwizera kwiwe n’urukundo yakunda Imana ni vyo vyatumye Imana imushima. (Luka 1:28) Imana yaramutoye ngo abe nyina wa Yezu. (Luka 1:31, 35) Mariya n’umugabo wiwe Yozefu baravyaranye abandi bana.​—Mariko 6:3.

Bibiliya irerekana ko Mariya yacitse umwigishwa wa Yezu, ariko nta bindi vyinshi imuvugako.​—Ivyakozwe 1:14.

Kubera iki hari ababona ko Mariya ari nyina w’Imana?

Ivyo gusenga Mariya vyatanguye mu kinjana ca kane inyuma ya Kristu. Ico gihe Ekleziya Gatolika ni yo yari idini rya leta mu nganji y’Uburoma. Ivyo vyatumye benshi mu bahoze ari abapagani bacika abakirisu bo kw’izina. Ekleziya kandi yari yarinjije mu nyigisho zayo inyigisho idashingiye kuri Bibiliya y’Ubutatu.

Iyo nyigisho yatumye abantu benshi biyumvira bati: “Ko Yezu ari Imana, Mariya rero aca aba nyina w’Imana.” Mu 431 inyuma ya Kristu, mu nama ya Ekleziya yabereye i Efeso, baratangaje icese ko Mariya ari “Nyina w’Imana.” Kuva ico gihe ivyo gusenga Mariya vyaciye bitangura gukwiragira. Uko abantu bahoze ari abapagani bacika abagatolika, ni ko n’ibishusho vya Bikira Mariya vyaciye bigenda birasubirira ivy’imanakazi zabo z’ivy’irondoka nka Arutemi (ari yo Abaroma bita Diana) be na Izisi.

Mu 432 inyuma ya Kristu, Papa Sixte wa gatatu yarategetse ko i Roma hubakwa urusengero ku bw’ugutera iteka “Nyina w’Imana.” Rwubatswe hafi y’ahahoze urusengero rwari rwubatswe mu ntumbero yo gutera iteka Lucina imanakazi y’Abaroma y’ivy’ukwibaruka. Umwanditsi umwe yavuze ko urwo rusengero ari “ikimenyetso gihoraho c’isano riri hagati y’uwo Muvyeyi ahambaye yasengwa n’abapagani be n’ivyo gusenga Mariya aho ubukirisu bubereye idini ry’inganji y’Uburoma.”​—Mary​—The Complete Resource.

a Amadini menshi yigisha ko Mariya ari nyina w’Imana. Bamwita “Umugabekazi w’ijuru” canke Theotokos, ijambo ry’ikigiriki risobanura “Uwibarutse Imana.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika