ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 144
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no guturira ibiziga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no guturira ibiziga?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ivyiyumviro bitari vyo abantu benshi bafise ku vyerekeye guturira ibiziga
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Wari ubizi?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ni icizigiro ikihe kiriho ku bapfuye?
    Inkuru nziza iva ku Mana
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 144
Akantu karimwo umunyota w’ikiziga c’umuntu baturiye gateretse impande y’ifoto yiwe

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no guturira ibiziga?

Inyishu Bibiliya itanga

Nta tegeko ryo guturira ibiziga riri muri Bibiliya. Nta na hamwe Bibiliya itegeka guhamba ikiziga canke kugiturira.

Bibiliya iravuga inkuru z’abasavyi b’Imana b’abizigirwa bahamvye ababo. Nk’akarorero, Aburahamu yarakoze ibishoboka vyose kugira aronke ahantu yohamba Sara umugore wiwe.​—Itanguriro 23:2-20; 49:29-32.

Bibiliya iravuga kandi abantu b’abizigirwa baturiye ibisigarira vy’ababo. Nk’akarorero, igihe Sauli Umwami wa Isirayeli n’abahungu biwe batatu bapfira ku rugamba, ibiziga vyabo vyabanje kuguma mu karere k’abansi babo kandi babifashe nabi cane. Igihe Abisirayeli b’intwari kandi b’abizigirwa bavyumva, baciye baja kubizana barabiturira, baca barahamba ibisigarira. (1 Samweli 31:8-13) Bibiliya yerekana ko ico kintu bakoze cari ciza.​—2 Samweli 2:4-6.

Ivyiyumviro bitari vyo abantu benshi bafise ku vyerekeye guturira ibiziga

Iciyumviro kitari co: Guturira ikiziga vyerekana ko udateye iteka uwasandavye.

Ukuri: Bibiliya ivuga yuko abapfuye basubira mu mukungugu, kandi ukwo nyene ni ko bigenda iyo ikiziga kimaze gusanguka. (Itanguriro 3:19) Guturira ikiziga bituma gusa kinyaruka gucika umunyota canke umukungugu.

Iciyumviro kitari co: Mu bihe vya Bibiliya, ibiziga vy’abantu Imana yaba idashima ni vyo gusa vyaturirwa.

Ukuri: Ibiziga vy’abantu bamwebamwe bahemukiye Imana, nka Akani n’umuryango wiwe, vyaraturiwe. (Yosuwa 7:25) Ariko rero, iryo ntiryari itegeko. (Gusubira mu vyagezwe 21:22, 23) Nk’uko twabivuze, ibiziga vy’abantu bamwebamwe b’abizigirwa, nka Yonatani umuhungu w’Umwami Sauli, na vyo nyene vyaraturiwe.

Iciyumviro kitari co: Guturira ikiziga bituma bitazoshoboka ko Imana izura uwo muntu.

Ukuri: Ku bijanye no kuzura abapfuye, naho umuntu yoba yarahambwe, yaraturiwe, yaguye mu kiyaga canke yariwe n’igikoko, ntikizobuza ko Imana imuzura. (Ivyahishuwe 20:13) Mushoboravyose arashobora gusubiza umubiri umuntu bitagoranye.​—1 Abakorinto 15:35, 38.

Wokwisunga iki kugira uhitemwo nimba wohamba uwawe canke womuturira?

Igihe ufata ingingo y’ico wokorera ikiziga c’uwawe, rimbura ibi bikurikira:

  • Ivyipfuzo uwasandavye yari afise. Bibiliya irimwo inkuru zerekana ingene abagize imiryango bubahirije ivyo umuntu yaba yaravuze ku bijanye n’ingene bazogenza ikiziga ciwe.​—Itanguriro 50:4, 5; Kuvayo 13:19.

  • Imigenzo yo mu karere iwanyu. Akenshi ivyo bakorera ibiziga vyisunga iyo migenzo. (Yohani 19:40) Nk’akarorero, mu bihe vya Bibiliya abantu bari bafise umugenzo wo guhamba ababo. (Itanguriro 49:31; 1 Samweli 28:3) No muri iki gihe nyene, umuntu yoshobora guhitamwo ivyo akorera ikiziga c’uwiwe yisunze imigenzo yo mu karere iwabo, mu gihe idateye kubiri n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.

  • Amategeko yo ng’aho iwanyu. Bibiliya ituremesha kugamburukira abategetsi. (Abaroma 13:1) Mu turere tumwetumwe, leta irashinga amategeko ajanye n’ivyo twokorera ibiziga. Nk’akarorero, ku bijanye no guturira ibiziga, abategetsi bamwebamwe barashinga amategeko ajanye n’ibibanza iminyota yoshirwamwo.

  • Uko abandi babibona. Ivyanditswe bituremesha kutaraba ivyacu gusa, ariko tukaraba n’ivy’abandi. (Abafilipi 2:4) Igihe dufata ingingo y’ico twokorera ikiziga c’uwacu, twoshobora kurimbura ibi bibazo: Izindi ncuti zibona gute ibijanye no guturira ibiziga canke kubihamba? Abantu bo mu karere iwacu babona gute iyo migenzo?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika