ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 149
  • Imvugo ngo “ijisho ku rindi” isobanura iki?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imvugo ngo “ijisho ku rindi” isobanura iki?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Itegeko rivuga ngo “ijisho ku rindi” ryari rifise intumbero iyihe?
  • Abakirisu boba bagengwa n’iryo tegeko?
  • Ivyiyumviro bitari vyo abantu bafise ku bijanye n’iryo tegeko
  • Impanuro ziranga ubukerebutsi zerekeye ijisho
    Be maso!—2012
  • Nugume uremuruye ijisho ryawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Twitwararike abo tuyaga—Mu kurabana na bo mu buryo ngirakamaro
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Isubiramwo ry’Umusi w’iteraniro ridasanzwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 149
Amaso y’umuntu

Imvugo ngo “ijisho ku rindi” isobanura iki?

Inyishu Bibiliya itanga

Itegeko rivuga ngo “ijisho ku rindi” ryari muri ya mabwirizwa Imana yaha Isirayeli biciye kuri Musa, kandi na Yezu yararisubiyemwo muri ya nsiguro yashikiriza ari ku musozi. (Matayo 5:38; Kuvayo 21:24, 25; Gusubira mu vyagezwe 19:21) Ryasobanura ko uwakoze ikibi ahabwa igihano gikwiranye n’icaha yakoze.a

Iryo tegeko ryakora igihe umuntu yaba yakomerekeje uwundi n’ibigirankana. Ku bijanye n’igihano uwo muntu yategerezwa guhabwa, Itegeko rya Musa ryavuga riti: “Imvune ku yindi, ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi. Nya gahonzi nyene ateye nya muntu, ni ko na we akwiye guterwa.”​—Abalewi 24:20.

  • Itegeko rivuga ngo “ijisho ku rindi” ryari rifise intumbero iyihe?

  • Abakirisu boba bagengwa n’iryo tegeko?

  • Ivyiyumviro bitari vyo abantu bafise ku bijanye n’iryo tegeko

  • Yezu yarakosoye iciyumviro kitari co abantu bari bafise kuri iryo tegeko

Itegeko rivuga ngo “ijisho ku rindi” ryari rifise intumbero iyihe?

Iryo tegeko ntiryaha abantu uburenganzira bwo kwihanira. Ahubwo ryafasha abacamanza gutanga igihano kibereye, ntibarenze urugero canke ngo bagire impuhwe zirenze.

Iryo tegeko ryatuma kandi abantu bafise umugambi wo kugirira abandi nabi batinya. Itegeko rya Musa ryavuga riti: “Abasigaye rero [ababa biboneye ingene urubanza rw’Imana rwashikijwe] bazovyumva batinye, kandi ntibazokwigera basubira gukora ikintu na kimwe kibi nk’ico hagati yawe.”​—Gusubira mu vyagezwe 19:20.

Abakirisu boba bagengwa n’iryo tegeko?

Oya, iryo tegeko ntirigenga abakirisu. Ryari muri ya mategeko ya Musa, na yo akaba yarakuweho n’urupfu rwa Yezu.​—Abaroma 10:4.

Naho ari ukwo, iryo tegeko riratwereka ukuntu Imana ibona ibintu. Nk’akarorero, riratwereka ko ikunda ubutungane. (Zaburi 89:14) Riratwereka kandi ko Imana ishaka ko abanyakibi bahanwa “ku rugero rubereye.”​—Yeremiya 30:11.

Ivyiyumviro bitari vyo abantu bafise ku bijanye n’iryo tegeko

Iciyumviro kitari co: Iryo tegeko ryarakavya.

Ukuri: Iryo tegeko ntiryatuma abacamanza barenza urugero mu gushitsa ubutungane. Ahubwo igihe rikurikijwe neza, ryatuma abacamanza babanza kurimbura uko ibintu vyifashe no gutohoza neza ko icaha cakozwe nkana canke bivuye kw’isanganya, imbere yo guhana inkozi y’ikibi. (Kuvayo 21:28-30; Guharūra 35:22-25) Iryo tegeko rero ryatuma abacamanza badatanga ibihano birenze urugero.

Iciyumviro kitari co: Iryo tegeko ryatuma abantu baza barihorahorana.

Ukuri: Itegeko rya Musa ryavuga riti: “Ntukihore canke ngo ugirire inzika abo mu gisata cawe.” (Abalewi 19:18) Iryo Tegeko ntiryaremesha kwihorahorana, ahubwo ryaremesha abantu kwizigira Imana n’abo yari yarahaye uburenganzira bwo guca imanza.​—Gusubira mu vyagezwe 32:35.

Yezu yarakosoye iciyumviro kitari co abantu bari bafise kuri iryo tegeko

Yezu yari azi ko hariho abantu bamwebamwe batahura nabi iryo tegeko. Yarabakosoye igihe yavuga ati: “Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Ijisho ku rindi n’iryinyo ku rindi.’ Ariko jewe ndababwiye nti: Nturwanye umuntu mubi; mugabo uwo wese agukubise ikofe kw’itama ry’i buryo, muhindukirize n’irindi.”​—Matayo 5:38, 39.

Urabona ko Yezu yavuze ati: “Mwarumvise ko vyavuzwe ngo.” Ashobora kuba yariko avuga indongozi zimwezimwe z’idini ry’Abayuda zigisha kwihora. Incabwenge mu vya Bibiliya Adam Clarke yavuze ati: “Biboneka ko iryo tegeko Abayuda bari bararigize . . . icitwazo co kubika inzika no gutuma abantu bakora amabi yose ashoboka bivuye ku gatima ko kwihora.” Izo ndongozi z’idini ry’Abayuda zaratituye Itegeko ry’Imana mu guhimiriza abantu kwihora.​—Mariko 7:13.

Yezu wewe yigishije ko Itegeko ry’Imana rishingiye ku rukundo. Yavuze ati: “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe . . . ’ Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere. Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’ Ayo mabwirizwa abiri ni yo Itegeko ryose be n’Abahanuzi vyenenako.” (Matayo 22:37-40) Yezu yavuze ko abakirisu b’ukuri boranzwe n’urukundo, ntiboranzwe no kwihorana.​—Yohani 13:34, 35.

a Mu kilatini iryo tegeko ryitwa lex talionis (loi du talion) kandi ryarakoreshwa mu bijanye n’ubutungane no mu bindi bihugu bimwebimwe vya kera.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika