ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 82
  • Ni gute nokoresha neza umwanya wanje?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni gute nokoresha neza umwanya wanje?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki wokoresha neza umwanya wawe?
  • Ico wokora
  • Uburyo 20 bwo kuronka umwanya wiyongereye
    Be maso!—2010
  • Nokoresha neza gute umwanya wanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
  • Nokora iki ngo ndeke kuba nzobandabikora?
    Urwaruka ruribaza
  • Noshobora gute kwihanganira amaganya?
    Be maso!—2012
Ibindi
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 82
Umusore ababaye kubera atakoresheje neza umwanya wiwe: yahereye ku gukina umupira, aca araraba televiziyo kandi atarakora agakorwa ko kw’ishure

URWARUKA RURIBAZA

Ni gute nokoresha neza umwanya wanje?

  • Kubera iki wokoresha neza umwanya wawe?

  • Ico wokora

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Kubera iki wokoresha neza umwanya wawe?

  • Umwanya ni nk’amahera. Uramutse uwutakaje, ntuzowuronka igihe uzoba uwukeneye. Ariko uwukoresheje neza, uzosigarana n’uwo gukora ibindi bintu wikundira.

    Ico Bibiliya ivuga: “Ikinebwe kiripfuza mugabo nta co gifise. Ariko abanyamwete bazodoheshwa.”​—Imigani 13:4.

    Iciyumviro nyamukuru: Gukoresha neza umwanya wawe bizotuma urushiriza kuronka umwidegemvyo aho kuwutakaza.

  • Kwiga gukoresha neza umwanya bizogufasha umaze gukura. Vyoshobora no kuzotuma ugumizwa mu kazi. Bisubiye, hamwe woba uri umukoresha, woba woshima umukozi yama ashika ku kazi yacerewe?

    Ico Bibiliya ivuga: “Umuntu w’umwizigirwa muri bitoyi aba umwizigirwa no muri vyinshi.”​—Luka 16:10.

    Iciyumviro nyamukuru: Ukuntu ukoresha umwanya wawe birahishura ico uri.

Ariko tutabeshe, gukoresha neza umwanya ntivyoroshe. Raba intambamyi zimwezimwe.

Intambamyi ya 1: Abagenzi

“Iyo abagenzi bansavye gusohokana na bo, kenshi nama nca nemera naho mba ntafise umwanya. Nibwira nti: ‘Mbo, ninashika muhira nza guca nkora ibikorwa vyanje nyarutsa.’ Sinama ndabishobora, gutyo ibintu bigaca bigenda nabi.”​—Cynthia.

Intambamyi ya 2: Ibinezereza

“Televiziyo ni igisuma c’umwanya. Usanga bigoye kwirengagiza ibiganiro n’ibikino baba bariko barerekana.”​—Ivy.

“Ndamara amasaha n’ayandi kuri tablette. Birateye isoni kuba ndayivako ari uko umuriro uheze.”​—Marie.

Intambamyi ya 3: Kuba nzobandabikora

“Ndegeza inyuma gukora udukorwa twanje two kw’ishure n’ibindi bikorwa mba nkeneye gukora. Nsanga ndiko ndata umwanya mu bintu ata co bimaze gushika n’aho nibwira nti ‘reka mpebe nkore udukorwa two kw’ishure.’ Ubwo si uburyo bwiza bwo gukoresha umwanya.”​—Beth.

Umusore aryohewe kubera yakoresheje neza umwanya wiwe: yahereye ku gusoma, aca arakora agakorwa ko kw’ishure kandi yaronse n’umwanya wo gukina umupira

Gukoresha neza umwanya wawe bizotuma urushiriza kuronka umwidegemvyo aho kuwutakaza

Ico wokora

  1. Nugire urutonde rw’ivyo utegerezwa gukora. Aho harimwo ibikorwa vyo muhira n’udukorwa two kw’ishure. Niwandike umwanya ukeneye ku ndwi kugira urangize igikorwa cose.

    Ico Bibiliya ivuga: “Mwiyemeze neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.”​—Abafilipi 1:10.

  2. Nugire urutonde rw’ivyo ukunda gukora igihe uronse akanya. Hashobora kuba harimwo gukoresha internet no kuraba televiziyo. No ng’aho nyene niwandike umwanya umara kuri kimwekimwe cose ku ndwi.

    Ico Bibiliya ivuga: “Mubandanye kugendana ubukerebutsi . . . , mwicungurira umwanya ubereye.”​—Abakolosayi 4:5.

  3. Nutunganye neza urutonde rwawe. Subira wihweze za ntonde zibiri wagira. Ibikorwa bihambaye ubona wabihaye umwanya uhagije, canke urakeneye kugabanya umwanya umara uriko urisamaza?

    Impanuro: Nugire urutonde rw’ivyo ukora buri musi, uze urashira akamenyetso ku co uhejeje.

    Ico Bibiliya ivuga: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.”​—Imigani 21:5.

  4. Niwisunge urwo rutonde. Ni ivy’ukuri ko vyoshobora kuba ngombwa ko wanka ubutumire bw’abagenzi kugira ukore ibintu bihambaye. Ariko mu nyuma uzosanga uronse umwanya munini, kandi uzowukoramwo ibintu biguhimbara.

    Ico Bibiliya ivuga: “Ntimunebwe ku bikorwa vyanyu.”​—Abaroma 12:11.

  5. Niwihembe ariko ntubigire utaraheza ibikorwa. Umwigeme yitwa Tara avuga ati: “Hari igihe mpeza ibikorwa bibiri mu biri ku rutonde rwanje, nkaca nibwira nti: ‘Ahaa! Ubu rero ndashobora kuraba televiziyo iminuta 15 nce mbandanya ibikorwa.’ Emwe, iminuta 15 ivamwo 30, iminuta 30 ikavamwo isaha, ntanabiciye n’ikanda nkasanga maze amasaha abiri kuri televiziyo!”

    None umuti ni uwuhe? Kwiruhura nubibone nk’impembo wiha kubera wahejeje ibikorwa wari ufise, ntubibone nk’ikintu utegerezwa gukora buri musi.

    Ico Bibiliya ivuga: ‘Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yobona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame.’​—Umusiguzi 2:24.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Cheyenne

“Nama mfise urutonde rwanditse kugira nze ndabona ivyo ntegerezwa gukora. Ndategekanya n’umwanya wo kuruhuka kugira ngarure udutege. Iyo mfise urutonde biratuma mbona neza aho nkeneye kwitwararika cane n’aho nkeneye kugira uburimbane.”​—Cheyenne.

Samuel

“Narize kwanka igihe umuntu ansavye ivyo mbona ko ntoshobora. Ntivyoroshe kwankira umuntu, ariko iyo ndamusiguriye ko nanse kubera ntoronka umwanya ukwiye wo kuvyitwararika, ntanshavurira.”​—Samuel.

Brooklyn

“Igihe naba mfise ibikorwa vy’umurengera, naca mpeba kuryama no kugira siporo. Ariko nasanze gufata umwanya wo kuryama canke kugira siporo bituma umusi ukurikira nkora ibikorwa neza kandi nkabikora ndyohewe. Kwitwararika amagara birahambaye.”​—Brooklyn.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika