ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 155
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gutanga?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gutanga?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Ni ryari gutanga biba ari vyiza?
  • Ni ryari gutanga bitaba ari vyiza?
  • “Imana ikunda uwutangana akamwemwe”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Niwironkere ivyiza biva ku gutanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Abatanga cane baragira agahimbare
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 155
Umugabo afise ikado

Bibiliya ivuga iki ku bijanye no gutanga?

Inyishu Bibiliya itanga

Bibiliya ituremesha gutanga ata gahato kandi tubitumwe n’imvo nziza. Yerekana ko gutanga muri ubwo buryo bigirira akamaro uwutanze n’uwuhawe. (Imigani 11:25; Luka 6:38) Yezu yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”​—Ivyakozwe 20:35.

  • Ni ryari gutanga biba ari vyiza?

  • Ni ryari gutanga bitaba ari vyiza?

  • Ivyanditswe bivuga ibijanye no gutanga

Ni ryari gutanga biba ari vyiza?

Gutanga biba vyiza igihe umuntu abigize ata gahato. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”​—2 Abakorinto 9:7.

Gutanga bivuye ku mutima biri mu bigize “insengo” Imana ishima. (Yakobo 1:27) Umuntu akunda gufasha abari n’ivyo bakeneye aba ariko akorana n’Imana, kandi Imana ibona ko aba ayiguranye. (Imigani 19:17) Bibiliya ivuga ko Imana ubwayo ari yo izobimwishura.​—Luka 14:12-14.

Ni ryari gutanga bitaba ari vyiza?

Igihe umuntu abitumwe n’ubwikunzi. Nk’akarorero:

  • Igihe atanze ngo yiyerekane.​—Matayo 6:2.

  • Igihe atanze ngo na we azohabwe.​—Luka 14:12-14.

  • Igihe atanze ngo ni ho azoca ahezagirwa.​—Zaburi 49:6, 7.

Igihe atanze kugira ashigikire ibintu Imana yanka. Nk’akarorero, si vyiza guha umuntu amahera atwara mu kamari, mu biyayuramutwe canke mu nzoga. (1 Abakorinto 6:9, 10; 2 Abakorinto 7:1) Si vyiza kandi guha umuntu yari ashoboye kwibeshaho ariko akaguma areze amaboko.​—2 Abatesalonika 3:10.

Igihe bituma umuntu yirengagiza amabanga Imana yamujeje. Bibiliya ivuga ko ba serugo bategerezwa kuronsa imiryango yabo ivyo ikeneye. (1 Timoteyo 5:8) Ntivyoba vyiza serugo atanze gushika aho umuryango wiwe usigara wifumbereje. Na Yezu yariyamirije abanka gufasha abavyeyi babo bageze mu zabukuru, bakitwaza ngo ivyo bari kubaha ni “ingabirano yeguriwe Imana.”​—Mariko 7:9-13.

Ivyanditswe bivuga ibijanye no gutanga

Imigani 11:25: “Uwutanga cane azodoheshwa, kandi uwuvomēra abandi ku bwinshi na we ubwiwe azovomērwa ku bwinshi.”

Ico bisobanura: Gutanga biragirira akamaro uwutanze n’uwuhawe.

Imigani 19:17: “Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova, kandi ivyo akoze azobimwishura.”

Ico bisobanura: Imana ibona ko ifitiye ideni abafasha aboro, kandi isezerana ko izobahezagira.

Matayo 6:2: “Niwafasha umworo, ntuvuze urumbete imbere yawe nk’uko abiyorobetsi babigira . . . kugira baninahazwe n’abantu.”

Ico bisobanura: Ntidukwiye gutanga kugira twiyerekane.

Ivyakozwe 20:35: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.”

Ico bisobanura: Gutanga bivuye ku mutima biratuma tugira agahimbare.

2 Abakorinto 9:7: “Umwe wese nagire nk’uko yavyiyemeje mu mutima wiwe, atabigiranye umwikomo canke ngo abigire agoberewe, kuko Imana ikunda uwutangana akamwemwe.”

Ico bisobanura: Gutanga ata gahato biranezereza Imana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika