ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbq ikiganiro 156
  • Inkuru ya Nowa na wa mwuzure ukomeye yoba ari igitito?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inkuru ya Nowa na wa mwuzure ukomeye yoba ari igitito?
  • Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyishu Bibiliya itanga
  • Vyoba vyarabaye canke ni ibitito?
  • Kubera iki Imana yateje umwuzure?
  • Abantu boba baramenye ko hobaye umwuzure?
  • Ubwato bwa Nowa bwari bumeze gute?
  • Nowa yamaze igihe kingana gute yubaka ubwo bwato?
  • Ubwato bwa Nowa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Imbere ya rya Segenya rikomeye: Ni bande bumvirije? Ni bande batumvirije?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Umuntu Wese Arashobora Kwigira Kuri ya Videwo Ivuga ngo: Noé: il marchait avec Dieu (Nowa Yagendana n’Imana)
    Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Nowa Abāza Ubwato
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
ijwbq ikiganiro 156
Inzovu, imisumbaremba, intambwe n’inyoni biriko birinjira mu bwato

Inkuru ya Nowa na wa mwuzure ukomeye yoba ari igitito?

Inyishu Bibiliya itanga

Umwuzure warabayeho koko. Imana yawuteje kugira ihonye abanyakibi, ariko yabwiye Nowa ngo yubake ubwato kugira irokore abantu beza hamwe n’ibikoko. (Itanguriro 6:11-20) Twokwemera ko umwuzure wabayeho koko kubera wanditse muri Bibiliya, na yo ikaba “[ya]humetswe n’Imana.”​—2 Timoteyo 3:16.

  • Vyoba vyarabaye canke ni ibitito?

  • Kubera iki Imana yateje umwuzure?

  • Abantu boba baramenye ko hobaye umwuzure?

  • Ubwato bwa Nowa bwari bumeze gute?

  • Nowa yamaze igihe kingana gute yubaka ubwo bwato?

  • Inkuru, ibitito n’imigani vyerekeye umwuzure

Vyoba vyarabaye canke ni ibitito?

Bibiliya irerekana ko Nowa yabayeho koko be n’uko umwuzure wabayeho vy’ukuri. Si umugani canke igitito.

  • Abanditsi ba Bibiliya baremera ko Nowa yabayeho koko. Nk’akarorero, abanditsi ba Bibiliya Ezira na Luka bari abahinga mu vya kahise kandi barashize Nowa mu rutonde rw’abo ihanga rya Isirayeli ryakomotseko. (1 Ngoma 1:4; Luka 3:36) Abanditsi b’Injili Matayo na Luka baranditse ivyo Yezu yavuze ku bijanye na Nowa n’umwuzure.​—Matayo 24:37-39; Luka 17:26, 27.

    Umuhanuzi Ezekiyeli n’intumwa Paulo baravuze ko Nowa ari akarorero k’ukwizera n’ubugororotsi. (Ezekiyeli 14:14, 20; Abaheburayo 11:7) Abo banditsi boba bari kuvuga ko umuntu atabayeho ari akarorero twokwigana? Biraboneka ko Nowa n’abandi bagabo n’abagore bari bafise ukwizera ari uburorero twokwigana kubera ko babayeho koko.​—Abaheburayo 12:1; Yakobo 5:17.

  • Bibiliya iratanga amakuru y’ido n’ido yerekeye umwuzure. Inkuru ya Bibiliya ivuga ibijanye n’umwuzure ntitangura ngo “Harabaye” nk’aho woba ari umugani. Ahubwo Bibiliya iravuga umwaka, ukwezi n’umusi ibintu vyose bijanye n’umwuzure vyabereyeko. (Itanguriro 7:11; 8:4, 13, 14) Iravuga n’ingene ubwato Nowa yubatse bwangana. (Itanguriro 6:15) Ivyo birerekana ko Bibiliya yigana ivy’umwuzure nk’ikintu cabayeho. Si igitito.

Kubera iki Imana yateje umwuzure?

Bibiliya ivuga ko imbere y’umwuzure “ububi bw’umuntu bwari bugwiriye.” (Itanguriro 6:5) Ivuga kandi ko ‘isi yari yarononekaye mu maso y’Imana y’ukuri’ kubera yari yuzuye ubugizi bwa nabi n’ubusambanyi.​—Itanguriro 6:11; Yuda 6, 7.

Bibiliya ivuga ko bwinshi muri ubwo bubi bwaterwa n’abamarayika babi bari bavuye mw’ijuru baza gusambana n’abagore bo kw’isi. Abo bamarayika bavyaye abana bitwa Abanefilimu, bakaba barateza abantu ingorane nyinshi. (Itanguriro 6:1, 2, 4) Imana yaciye ifata ingingo yo gukura kw’isi ububi bwose kugira abantu beza batangure ubuzima bushasha butagiramwo ubukozi bw’ikibi.​—Itanguriro 6:6, 7, 17.

Abantu boba baramenye ko hobaye umwuzure?

Ego. Imana yarabwiye Nowa ivyari vyimirije kuba ica imutegeka kwubaka ubwato kugira we n’umuryango wiwe n’ibikoko bazoburokokeremwo. (Itanguriro 6:13, 14; 7:1-4) Nowa yaraburiye abantu ko hobaye umwuzure ariko ntibitayeho iyo mburi. (2 Petero 2:5) Bibiliya ivuga iti: “Ntihagi[ra] ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose.”​—Matayo 24:37-39.

Ubwato bwa Nowa bwari bumeze gute?

Ubwato bwari bumeze nk’igisandugu kinini. Bwapima nk’imetero 133 z’uburebure, imetero 22 z’ubwaguke n’imetero 13 z’amahagarara.a Bwari bukoze mu mbaho z’igiti c’uburembo kandi bwari buhometseko ikaburimbo imbere n’inyuma. Bwari bugeretse kabiri bukagira n’ivyumba bitari bike. Bwari bufise umuryango mu mbavu kandi biboneka ko bwari bufise idirisha amaja hejuru. Biboneka kandi ko bwari bufise igisenge kiduze gatoya hagati kugira ngo amazi akiguyeko ace aseseka.​—Itanguriro 6:14-16.

Igicapo cerekana uburebure bw’ubwato bwa Nowa, ubw’indege n’ubw’inzovu

Nowa yamaze igihe kingana gute yubaka ubwo bwato?

Bibiliya ntivuga igihe Nowa yamaze abwubaka ariko biboneka ko bwamutwaye imyaka mirongo. Yari afise imyaka irenga 500 igihe yavyara umwana wa mbere, kandi yari afise imyaka 600 igihe umwuzure waza.b​—Itanguriro 5:32; 7:6.

Igihe Imana yabwira Nowa ngo yubake ubwato, abahungu biwe batatu bari bamaze gukura no kwubaka izabo, ivyo bikaba vyatwaye nk’imyaka 50 canke 60. (Itanguriro 6:14, 18) Dufatiye kuri ivyo, birumvikana tuvuze ko ubwato bwatwaye nk’imyaka 40 canke 50 kugira burangire kwubakwa.

Inkuru, ibitito n’imigani vyerekeye umwuzure

Hirya no hino kw’isi havugwa inkuru zitari nke zerekeye umwuzure, kandi naho zitandukanye n’iyiganwa muri Bibiliya, nyinshi muri zo zirimwo ibintu bimwebimwe zihuriyeko n’iyivugwa muri Bibiliya. Uko abakomoka kuri Nowa bagenda barakwiragira mw’isi, biboneka ko bagenda barigana inkuru y’umwuzure. Ariko rero, iyo nkuru yahavuye ihindurwamwo izindi nkuru. Raba uturorero tumwetumwe.

Igitito c’Abagiriki: Umugabo n’umugore barokotse umwuzure bategetswe gusubira kwuzuza isi mu gutera amabuye inyuma yabo. Ayo mabuye yaciye ahinduka abagabo n’abagore.

Igitito c’Abahindu: Ifi yaraburiye umugabo umwe ko hoje umwuzure ugahonya abantu. Iyo fi yaciye imubwira ngo yubake ubwato. Uwo mugabo yararokotse uwo mwuzure kubera ko iyo fi yajanye ubwo bwato ahatagira inkomanzi.

Igitito c’Abanyababiloni: Umugabo n’umugore barokotse umwuzure barahawe ukudapfa baca bacika imana.

Igitito co muri Amerika yo hagati: Umugabo, umugore n’abana babo bararokotse umwuzure ariko abandi bantu bose bacika amafi.

a Mu kudondora ingene ubwo bwato bwangana, Bibiliya ikoresha amatambwe. Igitabu kimwe kivuga ko itambwe Abaheburayo bakoresha ryangana na santimetero 44,45.​—The Illustrated Bible Dictionary, Integuro yasubiwemwo, Igice ca 3, urupapuro rwa 1635.

b Ku bijanye n’ikiringo abantu nka Nowa bamara, raba ikiganiro kivuga ngo “Abavugwa muri Bibiliya boba vy’ukuri bararamvye ukuraho?” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Kigarama 2010.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika