ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwyp ikiganiro 92
  • Nokora iki kugira nze ndafungura neza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nokora iki kugira nze ndafungura neza?
  • Urwaruka ruribaza
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Gufungura neza bisobanura iki?
  • Nokora iki kugira ngume mfungura neza?
  • Gutsinda urugamba rwo kurwanya ukuvyibuha birenze mu buto
    Be maso!—2012
  • Woba Ufungura Neza mu Buryo bw’Impwemu?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Nokora iki nimba ntashima uko nsa?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Kubera iki nkwiye kwitwararika amagara yanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Urwaruka ruribaza
ijwyp ikiganiro 92
Umusore ariko araraba ibifungurwa yofungura mu biri muri frigo

URWARUKA RURIBAZA

Nokora iki kugira nze ndafungura neza?

Ushobora kuba usanzwe uzi ko gufungura nabi bishobora kugira ingaruka mbi ku magara yawe. Utanguye gufungura nabi ukiri muto, urinda usaza ufungura nabi, ni co gituma ukwiye kwiga gufungura neza ubu.

  • Gufungura neza bisobanura iki?

  • Nokora iki kugira ngume mfungura neza?

  • Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Gufungura neza bisobanura iki?

Bibiliya iduhanura “[ku]tarenza urugero” mu vyo dukora, aho hakaba harimwo no gufungura. (1 Timoteyo 3:11) Dufise iyo mpanuro mu bwenge, ni vyiza kwibuka ko:

  • Gufungura neza bisaba gufungura imigwi yose y’imfungurwa. Iyo migwi ni itanu ikaba igizwe n’ibintu biva mu mata, indemamubiri (protéines), ivyamwa, imboga n’ibinyantete. Abantu bamwebamwe barihoza imfungurwa z’umugwi umwe canke z’imigwi nk’ingahe biyumvira ko vyotuma bata ibilo. Ivyo birashobora gutuma umubiri wawe utaronka ivya ngombwa wari ukeneye vyose.

    Nugerageze iki kintu: Nugire ubushakashatsi canke ubaze umuganga kugira umenye akamaro ko gufungura ibifungurwa bimwebimwe. Nk’akarorero:

    Ivyunyunyu bita “hydrate de carbone” biratuma umuntu agira inguvu. Indemamubiri zirafasha umubiri wawe kurwanya imigera kandi ziratuma ukomera ukongera ukisanasana. Ibintu vy’ibinure bimwebimwe, iyo umuntu abifunguye ku rugero rubereye biramurinda indwara y’umutima kandi umubiri wiwe ukaguma unonokewe.

    “Ndagerageza gufungura ku rugero ibifungurwa vyo mu migwi yose. Kandi siniyumvira ko umuntu yoba agize nabi acishijemwo akarya imbombo canke ibitumbura. Kuvyamako ni vyo ari bibi. Vyama ari vyiza kutarenza urugero.”​—Brenda.

    Umusore agire agwe hasi kubera yicaye ku ntebe ibuze ukuguru kumwe

    Gufungura ibifungurwa bitarimwo ivya ngombwa bimeze nko kwicara ku ntebe yavunitse ukuguru

  • Gufungura neza bisaba kwirinda gukavya. Gukavya birimwo kurya inticantikize, kureka kurya hanyuma ugaca urya vyinshi kugira wirihe canke kwiyima udufungurwa ukunda.

    Nugerageze iki kintu: Nufate ukwezi kwose uze urasuzuma ukuntu ufungura. Ni kangahe vyashitse ugakora kimwe muri ivyo vyavuzwe aho hejuru? Ni ibiki wohindura kugira ufungure neza?

    “Hari imisi nasanga nariye ibifungurwa birimwo amakarori menshi cane, ikindi gihe na ho nkasanga nariye ibirimwo makeyi cane. Nahavuye mpeba kuza ndaharura amakarori, ahubwo nkaza nditwararika kutarya ibirenze urugero. Numvise mpaze naca mpagarika. Vyarafashe igihe ariko ubu ndafungura neza.”​—Hailey.

Nokora iki kugira ngume mfungura neza?

  • Nuzirikane imbere y’igihe. Bibiliya ivuga iti: “Imigambi y’umunyamwete ntibura kuvamwo akarusho.” (Imigani 21:5) Kugira ushobore gutsimbataza akamenyero ko gufungura neza, utegerezwa kubifatira umugambi imbere y’igihe.

    “Kugira umuntu afungure neza bisaba ko abitegekanya kandi akenshi ibifungurwa vyiza ni ivyo uba witekeye. Naho bisaba akigoro, biravamwo ivyiza kandi biratuma udakoresha amahera menshi.”​—Thomas.

  • Nusubirize ibifungurwa bitameze neza. Bibiliya ivuga iti: “Zigama ubukerebutsi ngirakamaro.” (Imigani 3:21) Ubukerebutsi buzogufasha kumenya ico wokora kugira ufungure ibifungurwa vyokugirira akamaro.

    “Buri musi nagenda ndasubiriza kimwekimwe mu bifungurwa bitagira akamaro. Nk’akarorero aho kurya imbombo, narya ipome. Mu misi mikeyi nari nsigaye mfungura ibifungurwa bimeze neza.”​—Kia.

  • Ntiwitege ibidashoboka. Bibiliya ivuga iti: “Wirire ibifungurwa vyawe n’umunezero.” (Umusiguzi 9:7) Gufungura neza ntibisigura kutarya indya zikuryohera, eka kandi ntibisigura ko woza urahagarika umutima ku kantu kose uriye. Naho woba wipfuza kugabanya ibilo, uribuka ko intumbero yawe nyamukuru ari ukugira amagara meza. Rero ntiwitege ibidashoboka.

    “Mperuka guta ibilo birenga 13 kandi sinigeze niyicisha inzara, sinigeze mpeba ibifungurwa vyo mu mugwi kanaka kandi sinigeze niyagiriza ngo ni uko nariye mwene twa tuntu dusosa barenza ku bifungurwa. Nari nzi ko guta ibilo bifata igihe kandi ko bisaba guhindura uko nari nsanzwe mfungura.”​—Melanie.

Ivyo urunganwe rwawe ruvuga

Delayna

“Iyo ntari muhira hanyuma ngasonza, akenshi nsanga mfunguye nabi. Ni co gituma mpitamwo kwitekerera ibifungurwa. Ivyo biratuma ntapfa ivyo ndiye.”​—Delayna.

Andrew

“Vyoshika ukumva ucitse intege ubonye abantu bafungura ivyo babonye vyose ariko ntibavyibuhe. Ntiwigereranye na bo. Numenye ibifungurwa bibereye kuri wewe abe ari vyo ufungura.”​—Andrew.

Incamake: Nokora iki kugira nze ndafungura neza?

  • Nuzirikane imbere y’igihe. Nuze uritegurira ibifungurwa aho kuza urarya ivyo ubonye ku nzira vyose.

  • Nusubirize ibifungurwa bitameze neza. Niwitekerere ibifungurwa bimeze neza worya igihe ushonje aho kuza uragura ibitumbura n’amafanta.

  • Ntiwitege ibidashoboka. Ntiwigereranye n’abandi.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika