ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbv ikiganiro 14
  • Imigani 3:5, 6: «Ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imigani 3:5, 6: «Ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe»
  • Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico mu Migani 3:5, 6 hasobanura
  • Amakikuro y’Imigani 3:5, 6
  • Ubukerebutsi buva ku Mana buratuyobora mu buzima
    Bibiliya—Irimwo ubutumwa ubuhe?
  • Imigani 16:3: «Shikiriza Umukama ibikorwa vyawe»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • “Wizigire Yehova n’umutima wawe wose”
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Yesaya 26:3: «Umutima ukwiyegetseko, uzowuzigama mu mahoro»
    Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
Ibindi
Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
ijwbv ikiganiro 14

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Imigani 3:5, 6​—«Ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe»

«Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose, kandi ntiwiheke ku bwenge bwawe. Numwibuke mu vyo ukora vyose, na we azogorora inzira zawe.»​—Imigani 3:5, 6, Bibiliya y’isi nshasha.

«Wizigize Uhoraho umutima wawe wose, kandi ntiwishimikize ubgenge bg’iwawe: umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.»​—Imigani 3:5, 6, Bibiliya Yera.

Ico mu Migani 3:5, 6 hasobanura

Dukwiye kwitura Yehovaa Imana ngo atuyobore aho gufata ingingo zihambaye twisunze ubwenge bwacu.

«Niwizigire Yehova n’umutima wawe wose.» Turerekana ko twizigira Imana igihe dukora ibintu nk’uko ishaka. Dutegerezwa kwizigira Imana duherejeko, tukabigira n’umutima wacu wose. Muri Bibiliya, akenshi umutima werekeza ku muntu turi imbere, aho hakaba harimwo ukuntu umuntu yiyumva, imvo zituma akora ibintu, ingene yiyumvira, hamwe n’agatima afise. Ku bw’ivyo, kwizigira Imana harimwo n’ibindi uretse kuvyiyumvamwo gusa. Ni ihitamwo tugira kubera ko tuba twarajijutse neza ko Umuremyi wacu azi icotubera ciza.​—Abaroma 12:1.

«Ntiwiheke ku bwenge bwawe.» Turakeneye kwizigira Imana kubera ko tudashobora kuroranirwa twisunze ivyiyumviro vyacu bidatunganye. Hamwe twokwiyizigira canke tugakora ibintu twisunze ukuntu twiyumva, twoshobora kugira amahitamwo tubona ko ari meza, ariko mu nyuma akavamwo ingaruka zibabaje. (Imigani 14:12; Yeremiya 17:9) Ubwenge bw’Imana buraruta cane ubwacu. (Yesaya 55:8, 9) Igihe tuyoborwa n’ivyiyumviro vyayo, turaroranirwa.​—Zaburi 1:1-3; Imigani 2:6-9; 16:20.

«Numwibuke mu vyo ukora vyose.» Dukwiye kurondera kumenya ingene Imana ibona ibintu mu mice yose igize ubuzima bwacu no mu ngingo ihambaye iyo ari yo yose dufata. Ivyo tubigira mu kuyisaba ngo ituyobore no mu gukurikiza ivyo ivuga mw’Ijambo ryayo Bibiliya.​—Zaburi 25:4; 2 Timoteyo 3:16, 17.

«Na we azogorora inzira zawe.» Imana iragorora inzira zacu mu kudufasha kubaho twisunga inzira zayo zigororotse. (Imigani 11:5) Turirinda rero ingorane zidakenewe maze tukabaho duhimbawe.​—Zaburi 19:7, 8; Yesaya 48:17, 18.

Amakikuro y’Imigani 3:5, 6

Igitabu c’Imigani kirimwo impanuro z’ishimikiro zituma umuntu abaho ahimbawe kandi agahimbara Imana. Ibigabane icenda vya mbere vyanditswe nka kurya umuvyeyi aha impanuro umwana wiwe akunda. Ikigabane ca 3 kivuga ivyiza biba ku bantu baha agaciro impanuro z’Umuremyi wabo kandi bakazishira mu ngiro.​—Imigani 3:13-26.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Yesaya 12:2.

Nusome Imigani ikigabane ca 3 hamwe n’utujambo tw’epfo be n’ivyanditswe vy’inyongera biri ku mubari.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika