ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbv ikiganiro 52
  • Ivyahishuwe 21:4​—«Izohanagura amosozi yose ku maso yabo»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyahishuwe 21:4​—«Izohanagura amosozi yose ku maso yabo»
  • Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico mu Vyahishuwe 21:4 hasobanura
  • Amakikuro y’Ivyahishuwe 21:4
  • “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ingorane zoba zizokwigera zihera?
    Ingorane zoba zizokwigera zihera?
  • Ijuru rishasha n’isi nshasha
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Intangamarara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
ijwbv ikiganiro 52

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Ivyahishuwe 21:4: «Izohanagura amosozi yose ku maso yabo»

«Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho. Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho. Ivya kera bizoba vyavuyeho.»​—Ivyahishuwe 21:4, Bibiliya y’isi nshasha.

«Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, kandi amaborogo no gutaka n’uburibwe ntibizoba bikiriho; kuko ivya mbere biheze.»​—Ivyahishuwe 21:4, Bibiliya Yera.

Ico mu Vyahishuwe 21:4 hasobanura

Imana ntiyasezeranye gukuraho gusa imibabaro ihanze abantu muri iki gihe, ahubwo riho izokuraho n’ibiyitera.

«Izohanagura amosozi yose ku maso yabo.» Aya majambo aremeza ivyo Yehovaa yasezeranye vyanditswe n’umuhanuzi Yesaya, ko «azohanagura amosozi ku maso ya bose.» (Yesaya 25:8; Ivyahishuwe 7:17) Ayo majambo arerekana ukuntu Imana ibabaye abantu bose barira kubera babuze uwabo canke kubera iyindi ngorane.

«Urupfu ntiruzoba rukiriho.» Ayo majambo arashobora guhindurwa ngo «urupfu ntiruzoba rukibaho» canke «nta rupfu ruzoba rukiriho.» Imana isezerana gukuraho urupfu n’umubabaro ruteza. Vyongeye, hazobaho izuka ry’abapfuye. (1 Abakorinto 15:21, 22) Ukwo ni ko urupfu “ruzotsindwa.”​—1 Abakorinto 15:26, Bibliya Nyeranda.

“Nta kigandaro canke amaborogo canke ububabare bizoba bikiriho.” Uwo muhango wa Yehova ntusigura ko abantu batazosubira kwumva ububabare na bumwe, nka burya butuburira ko hari akaga canke ko dushobora kuba twakomeretse. Ahubwo, uwu muhango werekana ko ububabare bwose bw’umubiri n’umubabaro wo mu mutimano mu bwenge vyatewe n’igicumurob n’ukudatungana bitazoba bikiriho.​—Abaroma 8:21, 22.

«Ivya kera bizoba vyavuyeho.» Iri ryungane risozera riravuga muri make amahinduka akomeye abantu bazokwibonera. Igitabu kimwe c’ubushakashatsi kivuga giti: «Bwa buzima abantu bahora babamwo bwama burangwa n’urupfu, ikigandaro, amaborogo n’ububabare, buzosubirirwa n’ubuzima bushasha.» Abantu bazoshobora kwiberaho ibihe bidahera kw’isi bamerewe neza, nk’uko Imana yari yarabishatse.​—Itanguriro 1:27, 28.

Amakikuro y’Ivyahishuwe 21:4

Mu ntango y’ikigabane ca 21, intumwa Yohani aradondora ivyo yerekwa n’Imana ati: «Maze mbona ijuru rishasha n’isi nshasha.» (Ivyahishuwe 21:1) Yakoresheje imvugo ngereranyo yerekana ihinduka rihambaye ryari ryaravuzwe no mu yindi mirongo yo muri Bibiliya. (Yesaya 65:17; 66:22; 2 Petero 3:13) Intwaro y’Imana yo mw’ijuru, ari ryo «juru rishasha», izosubirira intwaro zose z’abantu maze iganze «isi nshasha», ni ukuvuga ikibano gishasha c’abantu bazoba baba kw’isi.​—Yesaya 65:21-23.

Ni igiki cerekana ko iryo yerekwa ryerekeza ku buzima bwo kw’isi? Ubwa mbere, umuhango w’Imana utanguzwa n’amajambo avuga ati: «Ehe ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu.» (Ivyahishuwe 21:3) Uwo muhango ntiwahawe abamarayika, ahubwo wahawe abantu bo kw’isi. Ubwa kabiri, iryo yerekwa rirerekana ko «urupfu [rutazoba] rukiriho.» (Ivyahishuwe 21:4) Urupfu ntirwigeze ruba mw’ijuru, rwashikiye abantu bo kw’isi gusa. (Abaroma 5:14) Rero, bica vyumvikana dushitse ku ciyumviro c’uko uyu murongo uvuga ukuntu isi izoba imeze muri kazoza.

Soma Ivyahishuwe ikigabane ca 21 muri Bibiliya y’isi nshasha. Iyo Bibiliya irakoresha imvugo yoroshe gutahura, kandi irimwo insiguro y’amajambo, ivyanditswe vy’inyongera biri hagati mu nkingi be n’amakarata..

Raba iyi videwo ngufi y’incamake y’igitabu c’Ivyahishuwe.

a Yehova ni izina ry’Imana ry’uruharo. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

b Muri Bibiliya, igicumuro gisobanura gukora, kudakora, kwiyumvira canke kwiyumvamwo ikintu kinyuranye n’ingingo ngenderwako z’Imana. (1 Yohani 3:4) Raba ikiganiro kivuga ngo «Igicumuro ni iki?»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika