ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ijwbv ikiganiro 55
  • Yeremiya 33:3: «Mpamagara, nanje ndakwitaba»

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yeremiya 33:3: «Mpamagara, nanje ndakwitaba»
  • Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico muri Yeremiya 33:3 hasobanura
  • Amakikuro ya Yeremiya 33:3
  • Buri musi woba ubaza uti: “Yehova ari hehe?”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Ni bande uzohitamwo ngo bakubere abagenzi?
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Umutima urushe nzowuzuza agatege”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Insobanuro y’imirongo yo muri Bibiliya
ijwbv ikiganiro 55

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Yeremiya 33:3: «Mpamagara, nanje ndakwitaba»

«Mpamagara, nanje ndakwitaba ndakubwire n’umutima ukunze ibintu bihambaye kandi bidatahurika utari uzi.»​—Yeremiya 33:3, Bibiliya y’isi nshasha.

«Nyambaza nanje nzokwishura, nzokumenyesha ibintu bihambaye, ibintu bihishije kandi utari uzi.»​—Yeremiya 33:3, Bibiliya Nyeranda.

Ico muri Yeremiya 33:3 hasobanura

Biciye kuri ayo majambo, Imana yaratumiye abantu bose ngo bayiyegereze mw’isengesho. Iyo abumvise ubwo butumire babwemera maze bagasenga Imana, yari kubahishurira ibintu vyobaye muri kazoza.

«Mpamagara, nanje ndakwitaba.» Imvugo ngo «mpamagara» ntisobanura gusa guhamagara n’ijwi ryumvikana canke gusemerera izina ry’Imana. Ahubwo muri uwo murongo, guhamagara Imana bisobanura kuyisenga tuyisaba ngo idufashe yongere ituyobore.​—Zaburi 4:1; Yeremiya 29:12.

Ubwo butumire bishoboka ko bwari bwahawe ihanga rya Israyeli ya kera. Iryo hanga ryari ryarahemukiye Imana, rikaba ryari rigeramiwe n’ingabo z’Abanyababiloni. (Yeremiya 32:1, 2) Yehovaa yarateye akamo Abisirayeli ngo bamugarukeko mu kumwitura biciye mw’isengesho.

«Ndakubwire . . . ibintu bihambaye kandi bidatahurika utari uzi.» Ivyo bintu Imana isezerana guhishura ni ibintu «bidatahurika» (canke bihishije), kubera yuko ata muntu yoshobora kubitahura adafashijwe n’Imana. Imvugo «ibintu bidatahurika» irashobora kandi guhindurwa ngo «ibintu bihishijwe.»

Ni «ibintu bihishijwe» ibihe Imana yohishuye? Ni ibintu vyobaye muri kazoza, ni ukuvuga isangangurwa ry’igisagara ca kera ca Yeruzalemu, ivy’uko comaze igihe ata muntu akibamwo n’uko mu nyuma cosubiye kwubakwa. (Yeremiya 30:1-3; 33:4, 7, 8) Ariko rero, Imana yarasezeranye kandi ko ihanga ry’abasavyi bayo ritozimanganye ryose.​—Yeremiya 32:36-38.

Amakikuro ya Yeremiya 33:3

Yehova yahaye umuhanuzi Yeremiya ubwo butumwa mu 608 imbere ya Kristu, mu mwaka ugira cumi w’ingoma y’umwami Zedekiya. Yeremiya yari yaravuze imbere y’igihe yuko Yeruzalemu yosanganguwe be n’uko Zedekiya yojanywe mu bunyagano. Kubera ko umwami atanezerewe n’ubwo butumwa, yaciye apfungisha Yeremiya.​—Yeremiya 32:1-5; 33:1; 37:21.

Ivyo ni vyo vyariko biraba igihe Imana yaha abasavyi bayo ubutumire dusanga muri Yeremiya 33:3. Ikibabaje, umwami Zedekiya n’abantu benshi bo muri iryo hanga baranse ubwo butumire, bituma bahasiga agatwe. (Yeremiya 7:26; 25:4) Ntibatabaje Imana ngo barondere kuyoborwa na yo. Haciye umwaka umwe, Zedekiya yarakuwe ku butegetsi, Yeruzalemu irasangangurwa, benshi mu barokotse na bo barafatwa bajanwa i Babiloni.​—Yeremiya 39:1-7.

Amajambo ari muri Yeremiya 33:3 aratwibutsa ko no muri iki gihe Imana ishobora gufasha abantu biga Ijambo ryayo Bibiliya babijanishije n’isengesho. Irashobora kubafasha «[ku]menya neza ivyo igomba» kandi ikabahishurira «ibintu vyimbitse.» (Abakolosayi 1:9; 1 Abakorinto 2:10) Ivyo bintu vyimbitse birimwo ivyo Imana isezerana gukora vuba muri kazoza.​—Ivyahishuwe 21:3, 4.

Nusome Yeremiya ikigabane ca 33 muri Bibiliya y’isi nshasha. Iyo Bibiliya irakoresha imvugo yoroshe gutahura kandi irimwo ibisomwa vyafashwe amajwi. Irimwo n’insiguro y’amajambo, ivyanditswe vy’inyongera biri hagati mu nkingi, amafoto be n’amakarata.

Nurabe aka kavidewo kugira ubone incamake y’ibivugwa mu gitabu ca Yeremiya.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana. (Zaburi 83:18) Raba ikiganiro kivuga ngo «Yehova ni nde?»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika