Imana irafise izina!
Izina ry’Imana ni irihe? Abantu bose barafise amazina y’uruharo. Abantu benshi mbere baranita amazina ibikoko batunze! None ntivyoba vyumvikana ko Imana igira izina? Kugira izina ry’uruharo no kurikoresha, ni ikintu ntahara mu bucuti abantu bagiranira be no mu migenderanire yabo. None si ko bikwiye kumera no ku bijanye n’ubucuti tugiranira n’Imana? Igitangaje, abantu amamiliyoni bavuga ko bizera Imana yahumetse Bibiliya, ntibakoresha izina ryayo ry’uruharo. Ariko rero, izina ry’Imana ryaramaze ibinjana n’ibindi rizwi. Uko usoma ibi biganiro bikurikirana, uraza kumenya ko higeze kubaho ibihe izina ry’Imana ryakoreshwa n’abantu benshi. N’igihambaye kuruta, uraza kumenya ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’akamaro ko gushika ku kumenya izina ry’Imana.
MU KINJANA ca 17, ibihugu vyinshi vy’i Buraya vyarahingura ibingorongoro biriko izina ry’Imana. Ikingorongoro co mu Budagi cahinguwe mu 1634 carerekana izina Yehova mu buryo bugaragara. Ibingorongoro nk’ivyo vyahavuye bimenyekana cane ko ari ibiceri vya Yehova canke ibingorongoro vya Yehova, kandi vyaramaze imyaka mirongo bikoreshwa.
Yehovaa ni impinduro y’izina ry’Imana imaze ibinjana n’ibindi yemewe. Mu giheburayo, ururimi basoma bahereye iburyo baja ibubamfu, iryo zina usanga ryanditse mu ndagi zine, יהוה. Izo ndome zine z’igiheburayo, ari zo YHWH, uzubatse urudome ku rundi, zizwi ko ari Tetaragarama. Izina ry’Imana riri muri izo ndome ryaramaze kandi imyaka mirongo ryandikwa ku bingorongoro vy’i Buraya.
Izina ry’Imana kandi umuntu arashobora kurisanga ku nyubakwa, ku vyibutso, ku tugenegene be no mu ndirimbo nyinshi z’amadini. Nk’uko inkoranyabumenyi imwe (Brockhaus) yo mu kidagi ibivuga, harigeze kubaho igihe abaganwa b’abaporotisanti bari baharaye kwambara ikimenyetso kiriko izuba na ya Tetaragarama. Ico kimenyetso, icakoreshwa kandi ku mabendera no ku bingorongoro, cari kizwi ko ari ikimenyetso ca Yehova-Zuba. Si agaseseshwarumuri, Abanyaburaya bakunda cane ivy’idini bo mu kinjana ca 17 n’ica 18, bari bazi ko Imana Mushoboravyose ifise izina. N’igishimishije kuruta, ntibatinya kurikoresha.
Izina ry’Imana ntiryari ikinyegezwa no muri Amerika igihe yari mu bukoroni. Nk’akarorero, rimbura ivya Ethan Allen umusirikare w’Umunyamerika yaharanira ihinduka ry’intwaro. Nk’uko ibitabu vyiwe bibivuga, mu 1775 yasavye ko abansi biwe bishikana “mw’izina rya Yehova Ahambaye”. Mu nyuma, igihe Abraham Lincoln yari perezida, mu makete abahanuzi benshi bamwandikira, ntibahengeshanya gucishamwo izina Yehova. Ibindi vyandikano vya kahise ka Amerika birimwo izina ry’Imana abantu bose barashobora kubibona mu bubiko bw’ibitabu butari buke. Ubwo ni uburorero bukeyi gusa bwerekana ukuntu izina ry’Imana ryamaze ibinjana n’ibindi ari rurangiranwa.
Muri iki gihe ho vyifashe gute? Izina ry’Imana ryoba ryaribagiwe? Ihibambewe. Impinduro zitandukanye za Bibiliya zirakoresha izina ry’uruharo ry’Imana mu mirongo itari mike. Ukubitiye aho babika ibitabu canke ugafata iminuta mikeyi ukagira ubushakashatsi mu nyizamvugo ufise, wobona ko izina Yehova ryemerwa n’abantu benshi nka yo nyaturo ikoreshwa mu ndimi kavukire nyinshi ihuye na ya Tetaragarama. Nk’akarorero, inkoranyabumenyi imwe (Encyclopedia International) iradondora mu buryo butomoye ko izina Yehova ari yo “nyubako ihuje n’igihe ca none ya rya zina ryeranda ry’Imana mu giheburayo”. Inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) iherutse gusohoka isigura yuko Yehova ari “izina abakirisu b’Abayuda bita Imana”.
Wokwibaza uti: ‘Ubwo izina ry’Imana ryoba rikwiye kuraza abantu ishinga muri iki gihe?’. Izina ry’Imana ryanditswe mu buryo butandukanye, riracaboneka mu bibanza bitari bike bihuriramwo abantu benshi. Nk’akarorero, izina Yehova riranditswe kw’ibuye ryo mu mfuruka y’inyubakwa imwe yo mu gisagara ca New York. Muri ico gisagara nyene, iryo zina riraboneka kandi mu giheburayo ku gicapo c’amabara cerekana igituro c’ibarabara ry’indarayi rica mu kuzimu kirimwo uruja n’uruza rw’abantu. Ariko rero, twoshobora kuvuga ata mazinda yuko mu bantu ibihumbi n’ibihumbi bamaze guca muri ivyo bibanza, bakeyi ari bo bamaze kubona ko ivyo vyandikano biri n’akamaro.
Aho uba, woba ubona abantu baha agaciro izina ry’Imana? Canke benshi bakoresha izina Umuremyi iyo bagomba kuvuga “Imana”, nk’aho umengo iryo zina ry’icubahiro Umuremyi ni ryo zina ryayo ry’ukuri? Ushobora kuba ubona ko abantu benshi batanitaho ivy’uko Imana yoba ifise izina canke ata ryo igira. Weho bite? Woba uterwa ubuyega no kuganira n’Imana ukoresheje izina ryayo ry’uruharo, Yehova?
[Akajambo k’epfo]
a Ibi biganiro bikurikirana birerekana uburyo 39 bwo kwandika izina Yehova nk’uko rikoreshwa mu ndimi zirenga 95.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 4]
Umwami yamenyekanishije izina Yehova
Mu 1852, hari umugwi w’abamisiyonari bafashe urugendo bavuye muri Hawayi baja mu mazinga ya Mikoroneziya. Bagiye bajanye ikete ribamenyekanisha ririko ikidodo c’Umwami Kamehameha wa gatatu, ico gihe akaba ari we yari umwami w’amazinga ya Hawayi. Iryo kete, iryari ryanditswe mu gihawayi mu ntango, hama rikarungikirwa abakuru batandukanye batwara amazinga ya Pasifike, ryarimwo amajambo agira ati: “Hari abigisha b’Imana Musumbavyose, Yehova, baje muri ayo mazinga yanyu kubamenyesha Ijambo ryiwe kugira muze muronke ubukiriro bw’ibihe bidahera. . . . Ndabasavye ko abo bigisha beza mwobafatana icubahiro mukongera mukabagira abagenzi, kandi ndabinginze mwumvirize inyigisho zabo. . . . Ndabahanuye mute kure ibigirwamana vyanyu, mwemere Umukama Yehova abe Imana yanyu, mumusenge kandi mumukunde, na we azobahezagira yongere abarokore”.
[Ifoto]
Umwami Kamehameha wa gatatu
[Abo dukesha ifoto]
Hawaii State Archives
[Ifoto ku rup. 3]
Tetaragarama, ni ukuvuga za “ndome zine” zigize izina ry’uruharo ry’Imana mu giheburayo