ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/11 rup. 21-23
  • Naragize ubuzima bushimishije kuruta ubundi bwose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Naragize ubuzima bushimishije kuruta ubundi bwose
  • Be maso!—2011
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Twamamaza i Sumatra
  • Tubwira inkuru nziza abantu b’i Java
  • Kalimantan, akarere k’Abadayake
  • Tuja gukorera muri Papuasie Nouvelle-Guinée
  • Urugendo rugoye kuruta izindi zose nagize
  • Twiyemeje kurangura ubusuku bwacu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • «Sinigeze mba ndi jenyene»
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2025
  • “Inkuru nziza” yamamazwa mu mazinga yo mu Buraruko bwa kure bwa Ositaraliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Twarahezagiwe cane kubera twagumanye agatima k’ubumisiyonari
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Be maso!—2011
g 4/11 rup. 21-23

Naragize ubuzima bushimishije kuruta ubundi bwose

NK’UKO VYAVUZWE NA HERAWATI NEUHARDT

Navukiye mu gisagara ca Cirebon co muri Indoneziya, kizwi cane kubera ibitambara vyaho bisharijwe mu buryo buhanitse, bishushanijeko amashusho y’amabara akeye. Hari ukuntu ubuzima nagize ndi umumisiyonari bwabaye nk’ivyo bitambara vy’amabara menshi kubera nabonanye n’abantu bo mu mico kama myinshi cane mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya no mu bumanuko bwa Pasifike. Reka ndabibasigurire.

MU 1962, igihe nari mfise imyaka cumi, mawe yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Mu nyuma we hamwe na dawe, bompi bakaba bari Abashinwa bavukiye muri Indoneziya, hamwe n’abana babo batanu na jewe ndimwo, twarabaye Ivyabona.

Mu rugo iwacu twama twakira abamisiyonari n’abacungezi b’ingenzi baba baje kugendera ishengero ryacu kugira ngo bariremeshe mu vy’Imana. Akarorero kabo keza be n’ibiyago vyubaka twagiranira vyaragize ikintu kinini bikoze kuri jewe. Igihe nari mfise imyaka 19, narafashe ingingo yo gukora igikorwa co kwamamaza inkuru nziza igihe cose. Haciye nk’umwaka, narubakanye na Josef Neuhardt, akaba yari umumisiyonari w’Umudagi yari yashitse muri Indoneziya mu 1968. Akaruhuko k’inyuma y’ubugeni bwacu kamaze kurangira, twaciye tuja i Sumatra, rino rikaba ari izinga rigira kabiri mu bunini mu mazinga arenga 17.000 yo muri Indoneziya. Ng’aho, naciye nifatanya na Josef mu gikorwa yakora ari umucungezi w’ingenzi, kino kikaba cari kijanye no kugendera amashengero y’Ivyabona vya Yehova.

Twamamaza i Sumatra

Umuzunguruko wacu, ni ukuvuga akarere twari twarungitswe gukoreramwo, wahera ku gisagara gishushe kandi kirimwo uruja n’uruza rw’abantu ca Padang, mu burengero bwa Sumatra, ugashika ku Kiyaga Toba ciza cane, kino kikaba ari ikiyaga kinini cabayeho bitumwe n’ikirunga caturitse, kikaba kiri mu misozi miremire yo mu buraruko bwa Sumatra. Mu nyuma twarahetuye ubumanuko bw’iryo zinga. Twaguma tugendera mu muduga wacu wari ushaje wo mu bwoko bwa VW, tukagenda turaca mu mabarabara yaho yarimwo ibinogo yaca mu mashamba, tukajabukira ku biraro bidakomeye bikozwe mu biti vy’inazi, kandi tugaca ku nkengera y’imisozi ihanamye y’ibirunga, bimwe muri vyo wasanga bitagiturika ibindi na vyo bishobora guturika umwanya n’umwanya. Mw’ijoro twaryama hasi mu tuzu tubayabaye tw’ivyatsi tutagiramwo umuyagankuba, amazi n’akazu ka surwumwe canke ubwogero. Twogera mu biyaga no mu nzuzi tukongera tukahamesurira. Bwari ubuzima buciye bugufi kandi twarakunda abanyagihugu baho. Baraduha ikaze babigiranye igishika, bakatugaburira kandi benshi barashimishwa n’ibiyago bishingiye kuri Bibiliya.

Mu micungararo y’igisagara ca Padang, Abaminangikabu, benshi muri bo bakaba bari Abisiramu, baratangara kandi bakaryoherwa igihe twaba tuberetse muri Bibiliya yuko Imana ari imwe atari ubutatu, nk’uko amadini y’abiyita abakirisu avyigisha. (Gusubira mu vyagezwe 6:4) Abantu benshi barakira banezerewe ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Be maso! kandi bamwebamwe mu bashimishijwe bahavuye batera imbere mu vy’Imana. Ku Kiyaga Toba haba Ababataki, benshi muri bo bakaba bavuga ko ari abakirisu, bari bazi izina ry’Imana ari ryo Yehova, kubera yuko baribona muri Bibiliya yabo yo mu rurimi rw’ikibataki. (Zaburi 83:18) Yamara, bari bakeneye kurushiriza gutahura ibijanye n’Imana hamwe n’umugambi ifitiye abantu. Benshi muri bo baremeye kwiga Bibiliya maze baracika abamamazanjili b’abanyamwete.

Tubwira inkuru nziza abantu b’i Java

Mu 1973, twe na Josef twarungitswe gukorera i Java, rino rikaba ari izinga ringana n’ica kabiri c’Ubwongereza (riruta Uburundi incuro zirenga umunani), ribamwo abantu barenga imiliyoni 80.a Twarabwiye inkuru nziza Abajavane, Abasandane be n’Abashinwa.

Kubera ko nari Umushinwa yakuriye muri Indoneziya, naravuga indimi zitari nke harimwo ikijavane, igisandane, ikinyandoneziya be n’icongereza. Ivyo vyatumye ngiranira n’abantu ibiganiro vyinshi bishimishije bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zabo kavukire.

Ku murwa mukuru wa Indoneziya, ari wo Jakarta, uri mw’izinga rya Java, narabwiye icizigiro cerekeye kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo kw’isi umukobwa umwe w’imyaka 19 yari ajonjogoye. Igihe nariko ndasoma muri Bibiliya, yaciye aturikisha ararira. Yavuze akoresheje akajambo karanga urukundo n’icubahiro ati: “Urakoze muvyeyi kumbarira ivyo bintu.” Yongeyeko ati: “Ejo, nzoba nkeneye amarupiya imiliyoni imwe n’igice (nk’amarundi 200.000) kugira ngo ndihe amahera ya kaminuza, nkaba rero nariko ndiyumvira ivyo kugurisha ubusugi bwanje kugira ngo ndayaronke. Imbere y’uko ushika nariko ndasenga Imana ndayisaba ubuyobozi. Ubu ndaronse inyishu. Niyemeje kuba ndahagaritse amashure kugira ngo ngume ntyoroye mu nyifato runtu.” Uwo mukobwa yarahimbawe cane no kwiga n’ibindi ku vyerekeye Imana.

Kuva aho tubonaniye n’uwo mukobwa, abandi Bajavane benshi, harimwo n’Abasandane be n’Abashinwa, barahuje ubuzima bwabo n’ingingo mfatirwako nziza zo mw’Ijambo ry’Imana. Ivyo vyatumye bagira amahoro n’agahimbare nyakuri vyo mu mutima, nk’uko Imana yabisezeranye.—Yesaya 48:17, 18.

Kalimantan, akarere k’Abadayake

Twe na Josef tuvuye i Java, twaciye twimukira i Kalimantan, mu karere ka Indoneziya ko muri Bornéo, rino rikaba ari izinga rigira gatatu mu bwaguke kw’isi (havuye izinga rya Groenland n’irya Nouvelle-Guinée). Bornéo ni akarere karimwo amashamba y’inzitane, imisozi yuzuyeko ibitandara iriko ibiti bikebike, hakaba n’inzuzi nininini. I Bornéo haba Abashinwa, Abamale b’Abisiramu hamwe n’Abadayake b’imvukira zo muri ako karere. Abo Badayake ni abantu bibera ahanini ku nzuzi bakaba bahora baca imitwe y’abansi babo babigiranye ubukazi.

Kugira ngo dushikire uturere twa kure cane twabamwo Abadayake, twakunda kugenda n’ubwato bunini canke butoyi duciye mu nzuzi zica mw’ishamba ritotahaye. Ingona amahero wasanga ziriko zirota akazuba ku nkombe, inkende zikatwihweza ziri hejuru mu biti, inyoni na zo zikaza zirasanza amababa yazo y’amabara menshi. Emwe, gukorera umurimo w’ubumisiyonari muri ako karere kwari ukwiryohera!

Imiryango myinshi y’Abadayake yaba mu nzu z’ivyatsi zubatswe hejuru ku biti bishinze mu mazi. Inzu zimwezimwe wasanga ari ntonto; izindi wasanga zagutse zishobora kubamwo imiryango itari mike. Kubera ko abantu benshi batari bwigere babona Umunyaburaya, baratamarira cane Josef. Abana bariruka mu kigwati basemerera bati: “Pasitori! Pasitori!” Abantu bose baca basidukana n’iyonka baje kwumviriza ivyo uwo mupasitori w’umuzungu avuga. Josef yaravuga maze Ivyabona bo muri ako karere bakaza barasigura ivyo ariko aravuga, bano bagaca batunganya ivyo kwigisha Bibiliya abantu benshi baba bashimishijwe.

Tuja gukorera muri Papuasie Nouvelle-Guinée

Kubera yuko abanyamadini baturwanya barushiriza kuremera Leta ya Indoneziya, iyo Leta yaciye ibuza igikorwa c’Ivyabona vya Yehova muri Kigarama 1976. Ivyo vyatumye twe na Josef turungikwa gukorera muri Papuasie Nouvelle-Guinée.

Tumaze gushika i Port Moresby, uno ukaba ari umurwa mukuru, twaramaze amezi abiri twiga igihirimotu, runo rukaba ari ururimi rwaho rwakoreshwa mu vy’ubudandaji. Mu nyuma twimukiye i Daru, kano kakaba ari akazinga gatoyi kari mu ntara yo mu burengero iri kure cane. Ng’aho narabonanye n’uwitwa Eunice, akaba yari umugore munini akomeye kandi w’igikundiro, yari yarazigiye amenyo kubera ko yari amaze imyaka myinshi ahekenya imise y’ikiyayuramutwe citwa betel. Igihe Eunice yamenya yuko Imana yipfuza ko abasavyi bayo baba abatyoroye ku mubiri, mu nyifato runtu bakongera bakagiranira na yo ubucuti bwiza, yaciye aheba iyo ngeso yari yaramugize umuja maze araba umukirisu w’umwizigirwa. (2 Abakorinto 7:1) Igihe cose twaba tubonye ukuntu abantu bicisha bugufi nk’abo bashira mu ngiro ukuri kwo muri Bibiliya, twaca turushiriza kwibonera yuko amajambo avugwa muri Zaburi 34:8 ari ay’ukuri, na yo akaba agira ati: “Nimuhonje, mubone ko Yehova aryoshe.”

Mu nyuma, Josef yarongeye kuba umucungezi w’ingenzi, maze turagendera uturere nka twose two muri Papuasie Nouvelle-Guinée, kino kikaba ari igihugu kivugwamwo indimi zishika 820. Kugira ngo dushobore kuyagisha abantu benshi, twarize urundi rurimi rwitwa tok pisin, rukaba ruvugwa n’abantu benshi basanzwe bavuga izindi ndimi kavukire. Kugira ngo dushike mu bisagara no mu bigwati bitandukanye, twagenda n’amaguru, n’umuduga, n’ubwato bunini canke butoyi tukongera tukagenda n’utudege dutoyi, kandi twarihanganira ubushuhe bwinshi, imibu be n’ukwama twarwaye malariya.

Mu nyuma, mu 1985, twaremeye kurungikwa gukorera ubumisiyonari mu kandi karere, hakaba hari mu mazinga ya Salomo, mu buseruko bwa Papuasie Nouvelle-Guinée. Ng’aho twakorera ku biro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova vyaho tukongera tukagendera ayo mazinga kugira ngo turemeshe amashengero twongere twitabe amateraniro ya gikirisu. Twabwirijwe kwiga urundi rurimi, ico gihe rukaba rwari ururimi ruvugwa mu mazinga ya Salomo rwitwa igipijini. Naho vyari ukwo, ntiworaba ukuntu vyari biteye umunezero kuyaga n’abantu bakunda Bibiliya bo mu mazinga ya Salomo!

Urugendo rugoye kuruta izindi zose nagize

Mu 2001, ivyo guhagarika igikorwa c’Ivyabona vya Yehova vyarakuweho muri Indoneziya, maze twe na Josef duca dusubira i Jakarta. Ariko rero gatoyi inyuma y’aho, umunega wanje nikundira basanze arwaye indwara ikaze bita mélanone, akaba ari ubwoko bwa kanseri y’urukoba inyaruka gukwiragira mu mubiri. Twarafashe urugendo tuja mu Budagi igihugu c’amavukiro ca Josef kugira ngo yivuze. Mugabo ikibabaje ni uko mu 2005, ku musi twakwiza imyaka 33 twubakanye, Josef yasinziriye mu rupfu, akaba arindiriye kuzukira mw’isi nshasha y’Iparadizo. (Yohani 11:11-14) Yari afise imyaka 62, akaba yari amaze imyaka 40 mu murimo w’igihe cose.

Nagumye i Jakarta, aho nabandanije gukorera ubumisiyonari. Ndababaye cane kuba ntari kumwe n’umunega wanje. Mugabo kwigisha abandi ukuri kw’agaciro kwo mw’Ijambo ry’Imana biramfasha kwihangana, kubera yuko igikorwa co kwigisha ivy’Imana gituma numva ko nshize akanyota koko kandi kigatuma ngira ubuzima buri n’intumbero. Egome, ndashobora kuvuga ntihenda yuko Yehova yatumye ngira ubuzima bushimishije kuruta ubundi bwose.

[Akajambo k’epfo]

a Ubu muri Java haba abantu barenga imiliyoni 120.

[Ikarata ku rup. 21]

(For fully formatted text, see publication)

INDONEZIYA

Java

JAKARTA

Cirebon

Sumatra

Padang

Ikiyaga Toba

Bornéo

PAPUASIE NOUVELLE-GUINÉE

PORT MORESBY

Daru

AMAZINGA YA SALOMO

[Ifoto ku rup. 22]

Uwu ni Herawati ari kumwe n’abo yigisha Bibiliya mu mazinga ya Salomo

[Ifoto ku rup. 22]

Aha nari kumwe na Josef mu Buholande, imbere gato y’uko apfa mu 2005

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika