Urwaruka ruribaza
Noba ata co nshoboye?
“Nahora niyumvamwo yuko ata co nshoboye nigereranije n’umugenzi wanje. Ibintu vyose yakora vyaramworohera cane, wamenga ntiyigera agira akigoro ku kintu na kimwe! Vyatuma nibaza igituma jewe bitangendera neza. Ukwo kubona ibintu gutyo kwatuma mererwa nabi cane.”—Annette.a
KWIYUMVAMWO yuko ata co ushoboye vyoba bikubuza kugira ibindi bintu bigoye ukora? Ivyo abantu wubaha bakubwira babigiranye umutima mwiza vyoba rimwe na rimwe bituma wiyumvamwo ko ata co ushoboye? Ugucika intege kubera amakosa wakoze kera vyoba bituma utongera kugira ico ukoze? Nimba ari ukwo biri, ushobora gute kurengera ukwo kwiyumvamwo ko hari ivyo udashoboye, vyaba ari ivyo utashoboye koko canke ivyo wiyumvira ko utashoboye?
Bizokugirira akamaro cane niwaronka inyishu y’ico kibazo ca nyuma kubera yuko bishika uwo ari we wese akagira ivyo adashoboye. (Abaroma 3:23) Mugabo abantu bashobora kwihangana igihe hari ivyo batashoboye ni abantu bumira kw’ibanga. Ivyo bisobanura yuko bashobora kwirengagiza amakosa bakoze, bagahaguruka, maze bakongera kugerageza. Kandi iyo bongeye kugerageza, birashoboka cane ko bibagendera neza! Nimuze rero turabe ingene umuntu yovyifatamwo mu ngorane zitatu, izo na zo zikaba ari ivyo wibaza ko utazoshobora, ivyo wibaza ko utashoboye, be n’ivyo utashoboye koko.
IVYO WIBAZA KO UTAZOSHOBORA → IVYOSHOBORA GUSHIKA
Witega ko ibintu bizogenda nabi bigaca bituma ureka kugira ico ukoze, wiyumvira yuko bishoboka cane ko utazororanirwa.
Numenye ingorane iyo ari yo. Aho hepfo, nushire akamenyetso ✔ iruhande y’igikorwa woshima gukora ukaroranirwa, mugabo ukaba wiyumvamwo neza ko utogishobora uramutse ugerageje kugikora.
Kuburanira ivyo wemera imbere y’abanyeshure mwigana
Gusaba akazi
Kuvugira imbere y’abantu
Kugira uruhara mu rukino runaka
Kuririmba canke kuvuza igicurarangisho
Ikindi
Nubizirikane witonze. Niwihweze igikorwa wahisemwo aho haruguru, maze uzirikane ivyoshobora kuvamwo mu kwishura ibibazo bikurikira:
‘Ni ibiki noshima ko bishika?’
․․․․․
‘Ni ibiki ntinya ko vyoshika?’
․․․․․
Ubu na ho niwandike imvo imwe ituma ukwiye kugerageza gukora ico gikorwa, naho vyoshobora gushika ntugishobore.
․․․․․
Akarorero ko muri Bibiliya. Igihe Musa yashingwa na Yehova Imana igikorwa co kuyobora ihanga rya Isirayeli, ikintu ca mbere yakoze kwabaye ukwiyumvira icari gushobora kutagenda neza. Yabajije Imana ati: “Dufate ko abantu bose banse kwumviriza ubutumwa ndabashikirije?” Yaciye atangura kwibanda ku tunenge twiwe. Yavuze ati: “Sinigeze mba umuntu azi kuvuga neza. Sinshobora kwigera niyumvira ivyo novuga.” Mbere n’aho Yehova amariye kumusezeranira ko azomufasha, Musa yatakamvye ati: “Ndakwinginze utume uwundi akore ico gikorwa.” (Kuvayo 4:1, 10, 13, Contemporary English Version) Amaherezo Musa yaremeye igikorwa yari ashinzwe, kandi vyaragenze neza nk’uko tubizi. Musa ayobowe n’Imana, yaramaze imyaka 40 ayobora Abisirayeli.
Ico wokora. Umwami Salomo yanditse ati: “Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe.” (Umusiguzi 9:10) Aho kureka rero ngo gutinya ko utazobishobora bikubuze kugira ico ukoze, nukore ico gikorwa n’umutima wawe wose. Ubona gute uzirikanye igihe wigeze kuvyifatamwo neza kuruta uko wari uvyiteze? Kuba wararoraniwe vyakwigishije iki? Ico kintu wahigiye cogufasha gute gutsinda ubwoba ubwo ari bwo bwose woba ufise ubu bujanye n’uko utazobishobora?
Impanuro uhawe: Nimba bikenewe, nubaze umuvyeyi canke umugenzi ahumuye ashobora kugufasha kurushiriza kwiyumvamwo ko uzobishobora.b
IVYO WIBAZA KO UTASHOBOYE → IVYO WIYUMVIRA KO VYASHITSE
Igihe uwundi muntu akoze igikorwa kinaka akaroranirwa, uriyumvamwo yuko ata co ushoboye ugereranije ivyo wakoze n’ivyo yakoze.
Numenye ingorane iyo ari yo. Uriko wigereranya na nde, kandi ni ibiki uwo muntu yashitseko vyatumye wiyumvamwo yuko ari nk’aho ata co ushoboye?
․․․․․
Nubizirikane witonze. Kuba uwo muntu yaroraniwe vyoba vy’ukuri bisigura yuko ata co washoboye? Aha hepfo, niwandike ikintu giheruka kuba, nk’ikibazo co kw’ishure, aho wakoze neza mugabo uwundi muntu agakora neza cane.
․․․․․
Ubu na ho niwandike igituma vyari bibereye ko ugerageza gukora ico kintu.
․․․․․
Akarorero ko muri Bibiliya. Kayini ‘yararunguye n’ishavu’ igihe vyibonekeza ko Yehova yaravye ryiza mwene wabo Abeli. Yehova yaragabishije Kayini ku bijanye n’ishari ryiwe, mugabo yaraseruye kandi ko yari yizigiye yuko Kayini yari gushobora kuroranirwa iyo abishaka. Yehova yamubwiye ati: “Niwahindukira ugakora iciza, ntuzoshirwa hejuru?”c—Itanguriro 4:6, 7.
Ico wokora. Aho “[k]uvyura uguhiganwa,” naho nyene hoba ari mu vyiyumviro vyawe gusa, niwemere icese ivyo abandi bashikako. (Abagalatiya 5:26; Abaroma 12:15) Muri ico gihe nyene, utarinze kwiyemera, nutahure ububangukirwe wisangije. Bibiliya ivuga iti: “Umwe wese yerekane ico igikorwa ciwe bwite kimaze, ni ho azogira imvo yo kwirata ku bimuraba ubwiwe wenyene.”—Abagalatiya 6:4.
IVYO UTASHOBOYE KOKO → IVYASHITSE
Urazirikana ivyo uba utashoboye maze ukabona yuko kugira akigoro urondera kuroranirwa ata co bimaze.
Numenye ingorane iyo ari yo. Ni ikintu ikihe uba utashoboye ubona ko kiguca intege kuruta ibindi vyose?
․․․․․
Nubizirikane witonze. Ico kintu wanditse aho haruguru coba vy’ukuri cerekana yuko ata co ushoboye? Nk’akarorero, nimba wagaragaje ubugoyagoye bunaka, vyoba vy’ukuri bisobanura yuko utakivayo? Canke vyoba gusa vyerekana ko ukeneye gufashwa? Hamwe wogwa uri mu rukino, wokwemera uwokuvyura kugira ngo usubire muri urwo rukino. Ubona gute ubigenjeje gutyo nyene kugira ngo wihanganire ivyo uba utashoboye? Niwandike aha hepfo izina ry’umuntu woshobora kwiganira ingorane ufise.d
․․․․․
Akarorero ko muri Bibiliya. Vyarashika intumwa Paulo akumva acitse intege kubera ubugoyagoye bwiwe. Yanditse ati: “Ewe jewe ndagowe!” (Abaroma 7:24) Ariko rero, biragaragara ko Paulo yatahura yuko utunenge twiwe tuterekana ko ata co ashoboye. Yanditse ati: “Nararwanye ya ndwano nziza, narirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo, naragumije ukwizera.”—2 Timoteyo 4:7.
Ico wokora. Aho kwibanda gusa ku makosa yawe, nuzirikane n’ibintu vyiza ukora. Nta gukeka ko na Yehova ari ko abigenza. Bibiliya ivuga iti: “Imana [si] iyitagororotse ngo yibagire igikorwa canyu n’urukundo mwerekanye ko mufitiye izina ryayo.”—Abaheburayo 6:10; Zaburi 110:3.
Niwibuke iki kintu: Nta n’umwe atagira agasembwa. Birashika umuntu wese akagira ivyo adashobora. Niwashobora kwiga kwumira kw’ibanga, uzoba uronse ikintu gihambaye cane kizogufasha umaze gukura. Mu Migani 24:16 hagira hati: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka.” Urashobora kumera nk’uwo muntu!
a Si ko yitwa kubera ko bitashimwe ko amenyekana.
b Ushaka ayandi makuru, raba Be maso! (mu gifaransa) yo muri Rusama 2010, urupapuro rwa 26-28.
c Kayini yahisemwo gukengera inkeburo Yehova yari amuhaye. Kuba vyaramugendeye nabi birashimika ku vy’uko ukeneye gucungera agatima ako ari ko kose k’ishari kohava kavyuka igihe uwundi muntu bimugendeye neza.—Abafilipi 2:3.
d Umukirisu yakoze ikosa rikomeye bizomugirira akamaro niyavyiganira umukurambere w’ishengero.—Yakobo 5:14, 16.