Kubera iki hari imibabaro myinshi gutyo?
ABAKURU b’amadini bivugisha ko bazi inyishu y’ico kibazo, akenshi bigisha yuko imibabaro ari igihano kiva ku Mana. Nk’akarorero, haciye imisi mikeyi ca kinyamugigima catera muri Hayiti kibaye, umupatiri umwe wo ku murwa mukuru yabwiye abo mu rusengero rwiwe yuko ico cago bwari ubutumwa buvuye ku Mana. Abandi usanga badafise ivyiyumviro ntabanduka kuri ico kibazo. Umuhinga umwe atohoza ivy’idini w’Umunyamerika avuga yuko abantu benshi basa n’ababibona muri ubu buryo: “Igituma Imana iteza mwene ivyo vyago vy’ivyaduka ni ikinyegezwa kitaturaba. Ico dusabwa gusa ni ukwizera.”
Imana yoba vy’ukuri ari yo “iteza” abantu imibabaro? Bibiliya yishura ishimitse yuko ivyo atari vyo! Mu mugambi Yehova Imana afitiye abantu ntiharimwo ivy’uko bashikirwa n’imibabaro. Ariko rero, umugabo n’umugore ba mbere baragararije ubutegetsi bw’Imana, bahitamwo kwishiriraho ingingo mfatirwako zigenga ikibereye n’ikitabereye. Barateye akagere Imana maze barashikirwa n’ingaruka z’ico kintu. Muri iki gihe turashikirwa n’ingaruka z’ihitamwo ritabereye bagize. Mugabo Imana si yo iyo mibabaro ishikira abantu ikomokako. Bibiliya ivuga iti: “Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: ‘Ndiko ngeragezwa n’Imana.’ Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” (Yakobo 1:13) Imibabaro irashobora gushikira uwo ari we wese, mbere n’abantu bashimwa n’Imana. Rimbura uturorero dukurikira:
● Umuhanuzi Elisha yararwaye indwara yari kumuhitana.—2 Abami 13:14.
● Intumwa Paulo yanditse yuko yabandanya “gusonza, no kunyoterwa, no guhakwa kwambara ubusa, no kunokezwa, no kubura uburaro.”—1 Abakorinto 4:11.
● Wa mukirisu Epafurodito yari arwaye kandi “adendebukiwe.”—Abafilipi 2:25, 26.
Nta na hamwe dusoma yuko abo bagabo batatu bariko barahanwa n’Imana kubera ibicumuro bakoze. Ku bw’ivyo, Bibiliya irerekana ko Imana atari yo ikwiye kubazwa imibabaro ishikira abantu. Irerekana kandi ibintu nyamukuru bitatu bikunda gutuma haba imibabaro.
Amahitamwo umuntu agira
“Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.” (Abagalatiya 6:7) Nta gukeka ko umuntu ahisemwo kunywa itabi, gutwara umuduga atiyubara canke gusesagura amahera yiwe ategerezwa kubazwa ku rugero runaka imibabaro iyo ari yose ivyo vyoteza.
Twoshobora kandi gushikirwa n’imibabaro kubera amahitamwo aranga ubwikunzi uwundi muntu aba yagize. Nkako, abantu barakoze amabi atagira izina, kuva kuri ya mabi yakorwa n’Abanazi gushika ku vyo kwonona abana. Mu gukoresha nabi umwidegemvyo bafise wo kwihitiramwo, bamwebamwe barafata ingingo zituma abandi bashikirwa n’imibabaro.
Ibintu bipfa kwiyadukiza
Mu kinjana ca mbere, umunara amahero wari i Yeruzalemu waraguye, uhitana abantu 18. Mu kwerekeza ku bashikiwe n’ico kintu, Yezu yavuze ati: “Mwiyumvira yuko bārusha abandi b’i Yeruzalemu bose kuba abanyabicumuro? Ndababwire, si ko biri.” (Luka 13:4, 5, Bibiliya Yera) Yezu yari azi yuko abo bantu bahasize ubuzima batahanywe n’Imana. Yari azi ivyo Ijambo ry’Imana ryari ryaravuze riti: “Ibihe be n’ibishika giturumbuka bibashikako bose.” (Umusiguzi 9:11) Abantu benshi usanga bashikirwa n’ivyago kubera ko biba vyahuriranye n’uko muri uwo mwanya baba bari ahantu ivyo vyago vyabereye canke kubera amakosa abantu bakora. Nk’akarorero, amaraporo yerekana yuko icago c’icaduka kirushiriza guteza imibabaro igihe abantu birengagije ingabisho canke igihe amazu yubatswe ku buryo adashobora kurinda ibihuhusi na vya nyamugigima. Mu bihe nk’ivyo, ibintu bipfa kwiyadukiza birashikira abantu benshi, gutyo bigatuma haba imibabaro myinshi.
“Umutware w’iyi si”
Bibiliya ivuga iti: “Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.” (Yohani 12:31; 1 Yohani 5:19) Uwo “mubisha” ni Shetani wa Mubesheranyi, akaba ari ikiremwa c’impwemu c’ububasha kidondorwa ko ari “umutware w’ububasha bw’ikirere.” Shetani aremesha “impwemu ubu ikorera mu bana b’ubugambarazi.” (Abanyefeso 2:2) Ubukozi bw’ikibi bumwebumwe, nk’ihonyabwoko hamwe n’ukwonona abana, usanga buteye ikinya cane ku buryo benshi babona yuko bigoye kwemera ko buva ku bantu gusa.
Ariko none ivyo vyoba bisobanura ko Imana ititaho imibabaro idushikira? Yoba ishobora kuyikuraho? Yoba izoyikuraho?