Imana yoba itubabaye?
KU WA 1 Munyonyo 1755 mu gitondo, igisagara ca Lisbonne muri Porotigali caratewe n’ikinyamugigima. Haciye hakurikira igisebuzi gikomeye n’imiriro, biratikiza igice kinini c’ico gisagara vyongera birahitana abantu ibihumbi n’ibihumbi.
Inyuma ya ca kinyamugigima caba mu 2010 muri Hayiti, hari ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe (National Post) co muri Kanada cavuze giti: “Ivyago bikomakomeye vyose biratuma abantu bareka kwizera ikintu gisumba vyose. Mugabo bimwebimwe muri ivyo, nk’ico cabaye muri iki gihe kimeze nka [ca cago gikomeye catera] i Lisbonne, usanga birushiriza.” Ico kiganiro casozereye giti: “Imana ishobora kuba yarahevye Hayiti.”
Kubera ko Yehova Imana ari “Mushoboravyose,” arafise ububasha butagira aho bugarukira, harimwo n’ubushobozi bwo gukuraho imibabaro. (Zaburi 91:1) Vyongeye, turashobora kwemera tudakeka yuko atubabara. Kubera iki?
Tuzi iki ku vyerekeye Imana?
Imana iragirira impuhwe abantu bari mu mibabaro. Igihe Abisirayeli bari abashumba mu Misiri kandi bakaba bariko baragirirwa nabi n’abari barabagize imbohe, Imana yabwiye Musa iti: “Nabonye koko amarushwa abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo kubera ababahindagiza ku bikorwa; kuko nzi neza imibabaro barimwo.” (Kuvayo 3:7) Ivyo none vyerekana iki? Vyerekana ko Imana itirengagiza abantu bari mu mibabaro. Ahubwo nyabuna, haciye imyaka amajana ivyo bibaye, umuhanuzi Yesaya yanditse ku bijanye n’Abisirayeli ati: “Mu marushwa yabo yose, vyaramuteye amarushwa.”—Yesaya 63:9.
“Inzira ziwe zose [ni] ubutungane.” (Gusubira mu vyagezwe 32:4) Imana ntirenganya kandi ntigira nkunzi mu vyo ikora vyose. ‘Izorinda inzira y’intahemuka zayo,’ mugabo kandi ‘izokwishura amakuba abayateza’ abagororotsi. (Imigani 2:8; 2 Abatesalonika 1:6, 7) Kubera ko itagira nkunzi, “ntishigikira abategetsi canke ngo itoneshe umutunzi kumurutisha umworo, kuko yabaremye bose.” (Yobu 34:19, Today’s English Version) Imana irazi kandi uburyo bwiza kuruta ubundi bwo gutorera umuti imibabaro ishikira abantu. Ukuntu abantu batorera umuti ingorane zabo kwokwo, kurashobora kugereranywa n’ugushira ipansuma ahantu hakomerekejwe n’urusase. Iyo pansuma yoshobora gupfuka ico gikomere, mugabo ntishobora gutorera umuti ingorane nyezina, icibagiwe co ni ugukuraho ububabare bw’uwakomeretse.
Imana ni “inyembabazi n’inyempuhwe . . . kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo.” (Kuvayo 34:6) Ijambo “imbabazi,” nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya, riserura iciyumviro c’ikibabarwe kiranga igishika be n’ikigongwe bivyurira umuntu umutima wo gufasha uwundi. Inkomoko y’ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “impuhwe” isigurwa ko ari ukuba “umuntu avyurirwa umutima wo gufasha uwuri n’ivyo akeneye.” Twisunze ibivugwa n’inyizamvugo imwe (Theological Dictionary of the Old Testament), ijambo ryahinduwe ngo “ubuntu bwuzuye urukundo” ririmwo n’iciyumviro co “gufasha umuntu ari mu vyago canke mu ngorane.” Yehova Imana ntababara gusa igihe abantu bari mu mibabaro ariko kandi imbabazi ziwe, impuhwe afise be n’ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe biramuvyurira umutima wo kumufasha. Turashobora rero kwizigira ko azokuraho imibabaro.
Ikiganiro c’imbere y’iki cerekanye ibintu bitatu biteza myinshi mu mibabaro ishikira abantu muri iki gihe, akaba ata na kimwe muri vyo coshobora kwegekwa ku Mana. Nimuze turimbure igituma haba ivyo bintu.
Amahitamwo umuntu agira
Mu ntango Adamu yategekwa n’Imana. Ariko rero, igihe yaronka akaryo ko guhitamwo, yarafashe ingingo yo gutera akagere ubutegetsi bw’Imana no kuraba ico ukutisunga Imana vyovuyemwo. Yarakengereye ingabisho Yehova yatanze ivugwa mw’Itanguriro 2:17 igira iti: “Uzopfa ata kabuza.” Kwanka kuyobokera ubutegetsi butagira agahaze bw’Imana vyavuyemwo icaha n’agasembwa. Bibiliya isigura iti: “Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo [ruzanwa] n’igicumuro, gutyo urupfu [rukwira] ku bantu bose kuko bose bari baracumuye.” (Abaroma 5:12) Mugabo Imana izokuraho ingaruka z’igicumuro.
Ibintu bipfa kwiyadukiza
Nk’uko duhejeje kubibona, wa muntu wa mbere Adamu yarateye akagere ubuyobozi buva ku Mana, buno bukaba ari bwo nyene abantu bakeneye kugira ngo babeho ata nkomanzi, eka mbere ntibashikirwe n’ivyago vy’ivyaduka. Ingingo yafashe yoshobora kugereranywa n’umurwayi yanse kuvurwa n’umuganga w’umuhanga kandi abimenyereye. Mu gihe uwo murwayi aba atazi ingeramizi ivyo vyoshobora guteza ku magara yiwe, izo uwo muganga aba azi, ukwo kutamenya kuba kwavuye ku gufata ibintu minenegwe kwoshobora gutuma ashikirwa n’ingorane. Muri ubwo buryo nyene, kuba abantu bakoresha nabi isi, harimwo kwubaka inyubakwa zishobora kwiha inkumbi no kutamenya ibijanye n’inguvu zo mu bidukikije, ni vyo bikunda guteza ivyago vy’ivyaduka. Ariko rero, Imana ntizoreka ngo ivyo bintu bibandanye ibihe vyose.
“Umutware w’iyi si”
Ni kubera iki Imana yaretse Shetani ngo atware isi aho amariye kugarariza? Twisunze ivyo igitabu kimwe kivuga, “intwaro nshasha iyo ari yo yose usanga mu ntango ifise ikiringo kigufi aho ishobora kwegeka ingorane zayo ku ntwaro yahahora.” Iyo Yehova atembagaza “umutware w’iyi si” ari we Shetani hataragera, uno yari gushobora kwerekana yuko umutware yahahora, ni ukuvuga Imana, ari we yatumye ataroranirwa. (Yohani 12:31) Ariko rero, kuba Imana yarahaye Shetani igihe gihagije co kuganza isi vyarerekanye ko ari umutware ata co ashoboye. Naho ari ukwo, haracariho ikibazo tutararonkera inyishu: Dushobora gute kwemera tudakeka ko imibabaro izovaho?