Ivyo abavyeyi bavuga
Nimba ufise umwana ataratangura ishure, birashoboka ko ugira ingorane. Nk’akarorero, ukwiye kuvyifatamwo gute igihe yishavuje? Ushobora gute kwigisha umwana wawe gutandukanya icatsi n’ururo no kumukosora mu buryo buri ku rugero? Raba ukuntu abavyeyi bamwebamwe bavyifashemwo.
UKWISHAVUZA
“Muri ca kiringo kitoroshe aho umwana aba afise imyaka nk’ibiri, yitega kuronka ivyo ashatse vyose. Umuhungu wacu yari afise iyo ngorane. Igihe ataba aronse ivyo asavye, yaca asanzaza ibintu. Kubera ko yari umwana wacu wa mbere, nta kintu na kimwe twari tuzi ku bijanye n’ukwishavuza kw’abana. Nta co vyadufasha igihe abandi baba batubwiye ko dukwiye kwitega mwene iyo nyifato.”—Susan wo muri Kenya.
“Igihe umukobwa wacu yari afise imyaka ibiri, yarikumbagaza hasi, agakoma induru, akarira, agatera imigere . . . Emwe, vyaratera ishavu! Kugerageza kumuvugisha muri uwo mwanya nta co vyavamwo. Ni co gituma twe n’umunega wanje twaca tumurungika mu cumba ciwe maze tukamubwira buhorobuhoro yuko aramutse yumvise amerewe neza, yoca asohoka tukaganira na we ivy’ico kibazo. Igihe yaba aturuye, umwe muri twebwe yaca agenda mu cumba ciwe akamufasha gutahura igituma inyifato yiwe itabereye. Ubwo buryo bwaragira ico buvamwo. Twarigeze mbere kumwumva ariko arasenga Imana, ayisaba ngo imubabarire. Mu nyuma, ivyo kuza arishavuza vyaragabanutse amaherezo birahera.”—Yolanda wo muri Esupanye.
“Abana baciga gutambuka baragerageza gukora ibihushanye n’ivyo abavyeyi babategetse kugira barabe yuko abavyeyi babo bohindura ingingo bafashe. Kureka umwana agakora ivyo wamubujije mu buryo butomoye biratuma atamenya ikibereye n’ikitabereye. Twabonye yuko igihe twaba tutabaye ba mahindagu, abana bacu bagenda baramenya ko kuvuza induru atari vyo bituma baronka ivyo bashaka.”—Neil wo mu Bwongereza.
GUTOZA INDERO
“Igihe umwana ari munsi y’imyaka itanu, biragoye kumenya nimba yumviriza ivyo umubwira. Birahambaye ko umusubiriramwo. Utegerezwa gusubiramwo incuro n’izindi ukoresheje ibimenyetso vy’umubiri be n’ijwi ryerekana ko ushimitse.”—Serge wo mu Bufaransa.
“Naho abana bacu uko ari bane bari barerewe hamwe, nta n’umwe yari ameze nk’uwundi. Umwe yararira amenye gusa yuko yaduhemukiye; uwundi yaragerageza gukora ibihushanye n’ivyo twamubariye kugira arabe ko twohindura ingingo twaba twafashe. Mu bihe bimwebimwe kuraba igitsure umwana canke kumukankamira vyaba bihagije, mu bindi bihe na ho tukabwirizwa kumuhana.”—Nathan wo muri Kanada.
“Birahambaye ko umuvyeyi atisubirako. Mugabo muri ico gihe nyene, ntakwiye kuba umuntu adadaza. Rimwe na rimwe, igihe umwana asavye imbabazi vy’ukuri, turatahura ko ari vyiza kuruta tubaye abagira ibitegereka maze tugatezura igihano tuba twamuhaye.”—Matthieu wo mu Bufaransa.
“Ndagerageza kudashinga amategeko menshi cane, ariko ayo mba nashinze aba ari ntabanduka. Umuhungu wanje w’imyaka itatu arazi inkurikizi zo kutagamburuka kandi ivyo biramufasha gucungera inyifato yiwe. Ego ni ko, igihe mba ndushe vyorushiriza kworoha ko nirengagiza amakosa yiwe. Mugabo kugira ngo simbe mahindagu, ndihatira kugira ico nkoze. Kutaba mahindagu birafasha cane!”—Natalie wo muri Kanada.
KUTABA MAHINDAGU
“Abana batoyi baribuka neza igihe cose umuvyeyi yabaye mahindagu.”—Milton wo muri Boliviya.
“Birashika umuhungu wanje agasaba ikintu nyene aba yasavye mugabo akabigira mu bundi buryo arondera kuraba yuko twomuha inyishu nk’iyo tuba twamuhaye. Canke igihe mba mvuze uku, nyina na we akavuga ukundi, aca abona yuko tutumira ku mategeko twatanze maze akagerageza kwungukira kuri ukwo kudahuza.”—Ángel wo muri Esupanye.
“Vyarashika nkirengagiza inyifato itabereye y’umuhungu wanje igihe naba navyutse neza mugabo nkamuhana bimwe bikomeye igihe naba navyutse nabi. Nasanze ivyo ata kindi vyavamwo atari ugutuma arushiriza kugira inyifato mbi.”—Gyeong-ok wo muri Koreya.
“Birahambaye ko abana batoyi batahura yuko nimba inyifato yinaka ari mbi uno musi, izokwama ari mbi.”—Antonio wo muri Brezile.
“Mu gihe abavyeyi ari ba mahindagu, umwana aca abona yuko se na nyina batagira aho bahagaze, ko bafata ingingo bivanye n’ukuntu bavyutse. Mugabo igihe abavyeyi bumira ku ngingo bafashe, abana baramenya ko ikibi cama ari ikibi. Ubwo ni uburyo bumwe abavyeyi batuma abana bumva ko batekaniwe be n’uko bakundwa.”—Gilmar wo muri Brezile.
“Abana barashobora kwungukira ku biringo babona ko umuvyeyi asa n’aho ata kundi ari bugire atari ukubemerera ico basavye, nk’akarorero igihe hari abandi bantu. Igihe mpakaniye umuhungu wanje, ndabimubwira kuva mu ntango, kandi ndamutomorera yuko ntaza kwumviriza amajambo abandanya kumbwira mu kunyinginga.”—Chang-seok wo muri Koreya.
“Abavyeyi bompi barakwiye kuvuga rumwe. Igihe twe n’umukenyezi wanje hari ico tudahurizako, tukiganira twiherereye. Abana barashobora kubimenya igihe abavyeyi babo batavuga rumwe ku kintu kinaka, kandi baca bagerageza kwungukira kuri ukwo kuntu ibintu vyifashe.”—Jesús wo muri Esupanye.
“Igihe umwana azi yuko abavyeyi biwe bavuga rumwe be n’uko adashobora kubakoresha uko yishakiye, aca yumva atekaniwe. Aba azi ibiza kumushikira igihe agamburutse canke agambaraye.”—Damaris wo mu Budagi.
“Twe n’umukenyezi wanje tubona ko kutaba mahindagu birimwo no kutihindukiza mw’ijambo igihe hari ikintu ciza twasezeraniye umukobwa wacu. Ivyo biratuma atahura ko ashobora kwizigira ivyo tumusezeranira.”—Hendrick wo mu Budagi.
“Hamwe umukoresha wanje yoza arahindagura ivyo nsabwa ku bijanye n’akazi, vyonshavuza cane. N’abana ni ukwo. Barumva batekaniwe igihe bamenye amategeko bashingiwe bakongera bakamenya ko atazohinduka. Barakeneye kandi kumenya inkurikizi z’ukugambarara be n’uko na zo nyene zitazohinduka.”—Glenn wo muri Kanada.
[Blurb ku rup. 8]
“Ego yanyu ibe Ego, Oya yanyu na yo, Oya.”—Yakobo 5:12
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 9]
AMAKURU YEREKEYE UMURYANGO
Gusama imbanyi tutari twiteze—Ukuntu twavyifashemwo
Nk’uko vyavuzwe na Tom Han n’umukenyezi wiwe Yoonhee
Tom: Twari tumaze amezi atandatu gusa twubakanye igihe umukenyezi wanje Yoonhee yamenya ko yibungenze. Undavye wabona ko ntekanye kubera ko nashaka gusubiriza umutima mu nda Yoonhee yuko ari jewe nomuhojeje nkongera nkamukomeza. Mugabo imbere muri jewe nari nahagaritse umutima!
Yoonhee: Narababaye cane nongera ndagira ubwoba! Nararize bimwe bikomeye; nabona ko ntiteguriye kuba inabibondo kandi ko ntabishoboye.
Tom: Na jewe narabona ko ntiteguriye kuba sebibondo! Mugabo tumaze kuyaga n’abandi bavyeyi, twaratahuye yuko gusama imbanyi utari witeguriye bishikira benshi kuruta uko twavyibaza. N’ikindi kandi, kwumva ivyo abandi bavyeyi bavuga ku bijanye n’umunezero wo kuba sebibondo canke inabibondo, vyaradufashije. Buhorobuhoro ubwoba n’ugukekeranya nari mfise vyasubiriwe n’ukwitegana igishika ako kana.
Yoonhee: Amanda amaze kuvuka, haradutse izindi ngorane. Yaguma arira, ivyo bikaba vyatumye mara amayinga n’ayandi ntatoye agatiro. Kubera ko ata kayabagu nari ngifise, vyatumye ngira uburuhe bwinshi. Mu ntango, numva ntashaka kuja mu bandi. Mugabo nahavuye mbona yuko kwigungira ukwanje i muhira atari wo muti. Ku bw’ivyo, naza ndamara umwanya ndi kumwe n’abandi bavyeyi bagitangura kwibaruka. Ivyo vyaratumye ndonka akaryo ko kuyaga n’abandi bafise ikibazo nk’icanje, kandi vyaramfashije gutahura yuko atari jewe jenyene nari mfise ingorane.
Tom: Narakoze uko nshoboye kwose kugira ngo urutonde rw’ivyo twakora mu muryango ntiruze rurahindagurika. Nk’akarorero, kubera ko twe na Yoonhee turi Ivyabona vya Yehova, twariyemeje kwama tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no kudasiba amakoraniro ya gikirisu. N’ikindi kandi, kugira umwana biratuma hasohoka amahera, rimwe na rimwe agasohoka ku bintu bitaba vyitezwe. Twararaba neza ko tubeshwaho n’uburyo dufise kugira ngo ntitwinjire mu madeni, ivyo akaba ata kindi vyodufashije atari ugutuma turushiriza kugira amaganya.
Yoonhee: Mu ntango nabona yuko kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza bitoba bibereye, kuko abana bashobora kugorana. Mugabo abantu barahimbarwa vy’ukuri no kuba bari kumwe n’abana. Gutahura ico kintu vyaramfashije kuguma mfise umwete no kurushiriza kubona neza ibijanye n’umwana wanje.
Tom: Bibiliya ivuga yuko abana ari “intoranwa iva kuri Yehova” bakaba n’“impera.” (Zaburi 127:3) Kuri jewe, ayo majambo yerekana yuko umwana ari ingabirano y’agaciro. Nk’uko bigenda ku ntoranwa iyo ari yo yose, umuntu ni we yihitiramwo ukuntu azoyikoresha: arashobora kuyikoresha neza canke nabi. Ndatahura yuko ikiringo cose c’ikura ry’umwana kidasa n’ibindi, kandi ndakeneye kugira uruhara mu buzima bw’umukobwa wanje mu kiringo kimwekimwe cose c’ikura ryiwe, kubera yuko ako karyo kamaze kurengana udashobora gusubira kukaronka.
Yoonhee: Rimwe na rimwe, turashikirwa n’ibintu tutari twiteze mu buzima, mugabo kuronka umwana utari witeze si ikintu kibi. Ubu Amanda afise imyaka itandatu, kandi simbona ko nobaho tutari kumwe.
[Ifoto]
Tom na Yoonhee bari kumwe n’umukobwa wabo Amanda