ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/12 rup. 10-11
  • Gutsinda urugamba rwo kurwanya ukuvyibuha birenze mu buto

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gutsinda urugamba rwo kurwanya ukuvyibuha birenze mu buto
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Nokora iki kugira nze ndafungura neza?
    Urwaruka ruribaza
  • Ica 1—Koresha ubukerebutsi mu gufungura
    Be maso!—2011
Be maso!—2012
g 10/12 rup. 10-11

Gutsinda urugamba rwo kurwanya ukuvyibuha birenze mu buto

NK’UKO bivugwa n’Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hagati ya 1980 na 2002, igitigiri c’abana b’imiyabaga bavyibushe birenze carigwije na gatatu, ic’abana bari mu gushikana imyaka y’ubuyabaga bavyibushe birenze na co cigwiza incuro zirenga zibiri. Mu ngaruka zishobora gushika haciye igihe kirekire zitewe n’ukuvyibuha birenze mu bwana, harimwo indwara y’ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, indwara z’igisukari, indwara y’umutima, n’ubwoko butari buke bwa kanseri.a

Ukuvyibuha birenze mu bwana kwoshobora guterwa n’ibintu bitari bike, harimwo kuza uramara umwanya munini wicaye ariko utinonora imitsi, amasekeza yerekeye abakiri bato yo guhayanisha ibifungurwa bitari intungamagara, no kuba ivyo bifungurwa biboneka bitagoranye kandi bizimbutse. Ibigo vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika biraba ivyo gukinga indwara bivuga biti: “Ukuvyibuha birenze mu bwana guterwa no gufungura ibifungurwa birimwo urugero runini rw’inkomezi (ivyo bita calories) mugabo umuntu ntazikoreshe bihagije mu bikorwa bisaba inguvu.”

Abana, imiyabaga n’abakuze vyoba vyiza basuzumye bitonze ivyo bakunda gufungura. Umuntu atarinze kurenza urugero, arashobora gufata ingingo nkeyi zisanzwe zikavamwo ivyiza. Nk’akarorero, rimbura ibijanye n’umusore yitwa Mark, uwabonye yuko kugira ivyo ahinduye ku vyo akunda gufungura vyatumye arushiriza kugira amagara meza no kumererwa neza. Yiyemerera ati: “Narigeze kuba mfungura ibifungurwa bitari intungamagara.” Ikinyamakuru Be maso! caraganiriye na Mark kugira ngo kimenye ivyo yahinduye.

Ingorane yawe ijanye no gufungura yatanguye ryari?

Igihe naheza amashure yisumbuye. Nko muri ico gihe, naratanguye gufungura cane mu maresitora. Hafi y’aho nakorera hari amaresitora abiri anyarutsa gutegura ibifungurwa, ari co gituma imisi nka yose nivuna umusase muri imwe muri ayo maresitora. Nasanga binyorohera kuja muri mwene ayo maresitora kuruta kwikinjikira akavunamusase.

Bite ho igihe utari ukiba i muhira?

Ibintu vyaciye vyunyuka. Sinari nzi gukinjika, kandi nta mahera akwiye nari mfise; mugabo iresitora nakunda cane inyarutsa gutegura ibifungurwa yari ku nyubakwa igira gatatu uvuye aho naba. Gufungurira ng’aho vyasa n’uko ari bwo buryo bunyorohera kuruta kandi buzimbutse kuruta. Uretse ko nafungura ibifungurwa bitabereye, nafungura vyinshi cane. Sinahazwa na mwene za mfungurwa zitegurwa mu mwanya muto zisanzwe. Naratumako amafiriti y’ibiraya menshi, ibinyobwa bisosa vyinshi, be n’izindi nyama ziburungushuye (bita hamburger), emwe vyinshi bishoboka naba nshoboye kugura.

Ni ryari none wagize ivyo uhinduye?

Igihe nari mfise imyaka 20 irenga gato, naratanguye kwiyumvira ibijanye n’amagara yanje kuruta. Nari mvyibushe birenze. Igihe cose numva ndi ikinebwe, kandi narikengera. Narabona ko nkeneye kugira ivyo mpinduye.

Washoboye gute none kuza urafungura mu buryo buri ku rugero?

Nagiye ndabigira intambwe ku yindi. Ubwa mbere, naragabanije urugero rw’ivyo nafungura. Naribwira nti: “Nta wupfa abimaze; no hanyuma hariho.” Rimwe na rimwe vyaraba ngombwa ko mva ku meza. Mugabo mu nyuma numva merewe neza, nk’aho natahukanye intsinzi.

Vyoba vyarabaye ngombwa ko ufata ingingo ruhasha?

Hariho ibintu nahevye buhere. Nk’akarorero, narahevye ibinyobwa bisosa, nza ndanywa amazi gusa. Ntihari aho gutuma umwana. Narakunda ibinyobwa bisosa nkanka amazi. Igihe naba mpejeje kunywa ikirahuri c’amazi, naca nywa agatobe gakeyi, ivyo bikaba vyatuma nsoserwa. Haciye igihe gito, amazi yari asigaye andyohera.

Turetse ko wahevye ibifungurwa bitari intungamagara, hari ikindi wakoze?

Nabisubirije ivy’intungamagara. Natanguriye ku vyamwa: amapome, imihwi, inkere z’ubwoko butandukanye be n’ivyamwa vyitwa melons. Narafungura kandi imfungurwa zitarimwo ibinure vyinshi, nk’inkoko canke ifi. Nahavuye nkunda cane ivyo bifungurwa. Ndagerageza gufungura imboga nyinshi, ibindi bifungurwa na vyo bikaba bike. Iyo mbaye ndafungura udufungurwa ntungamagara two gusama umutima, nsanga ntafunguye vyinshi mu gihe co gufungura. Uko igihe cagiye kirahaca, naragabanije gukunda mwene vya bifungurwa bitari intungamagara.

Woba warahevye buhere gufungura muri resitora?

Oya, birashika nkajayo. Mugabo iyo ngiyeyo, ndaraba neza ivyo mfungura ukuntu bingana. Iyo mpawe ibifungurwa vyinshi cane, ndasaba ico kubitekeramwo. Nca ntekera ica kabiri cavyo imbere y’uko ntangura gufungura. Muri ubwo buryo, mfungura ibiri ku rugero aho kurira agahokero kubera gusa numva niyagirije iyo nsize ibifungurwa kw’isahani.

Wungukiye gute ku kuba waragize ivyo uhinduye?

Naratakaje ibilo, kandi mfise inguvu nyinshi. Numva merewe neza. N’ikiruta vyose, ndahimbawe no kumenya yuko mu kwitwararika amagara yanje, mba ndiko ndatera iteka Imana yampaye ingabirano y’ubuzima. (Zaburi 36:9) Nahora niyumvira ko kubaho gutyo vyoba birambira. Mugabo ubu ko natanguye gufungura mu buryo bubereye, naho wompa iki nta co nobiguza!b

[Utujambo tw’epfo]

a Ikinyamakuru Be maso! ntigishigikira ibifungurwa binaka. Umwumwe wese arakwiye gusuzuma yitonze ivyo yohitamwo akongera akitura umuganga imbere y’uko afata ingingo zijanye n’ivyo yofungura. Niwirinde ibifungurwa biharawe vyoshobora kuguteza ingorane.

b Imvugo ngo “ukuvyibuha birenze mu bwana” yerekeza ku ngorane y’amagara ishikira abana be n’imiyabaga. Abahinga bavuga yuko abakiri bato bavyibushe birenze bishoboka ku bice 70 kw’ijana ko banavyibuha birenze bamaze gukura.

[Ifoto ku rup. 10]

[Ifoto ku rup. 11]

[Ifoto ku rup. 11]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika