2 Nube umuntu azi kuyaga
“Narize gutega yompi, gutega yompi no gutega yompi, naho mba ndushe gute.”—MIRANDA, WO MURI AFRIKA Y’EPFO.
Ingorane. Uwitwa Cristina avuga ati: “Jewe ikingora si ukuba turi kumwe n’umukobwa wanje; ikingora n’uko dushobora kuba turi kumwe mugabo ubwenge n’umutima wanje bikaba atari ho biri, kubera uburuhe n’ayandi mabanga njejwe.”
Inama ugiriwe. Nutume abana biborohera kukuyagira. Inabibondo w’abana batanu yitwa Elizabeth avuga ati: “Ndihatira gutanga akarorero keza, abana na bo bagaca banyugurukira. Ndabaremesha kandi kuyaga hagati yabo no kutigera baja kuryama bashavuriye uwo bavukana. Vyongeye, barazi yuko ivyo kwanka kuvugisha uwundi ntavyihanganira.”
Ntiwime ugutwi abana bawe. Umuvyeyi yitwa Lyanne yanditse ati: “Igihe umuhungu wanje yari akiri muto, yaravuga nk’iradiyo ku buryo kenshi namwima ugutwi. Ageze mu buyabaga, ntiyabaye akiyaga, nca ndatahura ko nari nihenze cane. Naragize uko nshoboye kwose, mbere ndarenza, kugira ngo ahebe asubire kuyaga. Naciye ndabiyagira umukurambere wo mw’ishengero ndimwo. Yampanuye gutekana hanyuma nkagerageza buhorobuhoro kuyagisha uwo muhungu wanje. Narashize mu ngiro iyo mpanuro maze buhorobuhoro bitangura kugenda neza.”
Niwihangane. Mu Musiguzi 3:7 havuga yuko hari “igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” Inabibondo w’abana batatu yitwa Dulce avuga ati: “Igihe naba mbona ko abana banje batipfuza kuyaga, naritwararika kubabwira yuko dushobora kuyaga igihe cose bipfuza ko tuyaga.” Egome, aho kugobera abana ngo muyage, nubaremeshe kuyaga ubigiranye igishika kandi wihanganye. Ni vyo Bibiliya iduhanura, kuko igira iti: “Ivyiyumviro vy’umuntu bimeze nk’amazi ari mw’iriba rirerire, mugabo umuntu afise ugutahura kwimbitse arashobora kubivoma.”—Imigani 20:5, Good News Translation.
‘Nutebuke kwumva, utebe kuvuga.’ (Yakobo 1:19) Lizaan, umwe twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, agira ati: “Vyarabaye ngombwa ko niga kugumya ururimi igihe abana banje baba bariko bantura ingorane. Nabwirijwe kandi kwiga kuba umuntu atihutira gutanga impanuro, ahubwo nkaba umuntu aturuye igihe hari ibibazo bitesha umutwe.” Inabibondo w’abana babiri yitwa Leasa na we yanditse ati: “Sinamye ndi umuntu azi gutega ugutwi. Kubera ko vyashika nkabona umengo ibibazo abahungu banje bantura ntibihambaye, vyarabaye ngombwa ko niga gutahura abandi kuruta uko nabigira.”
“Imvugo ya[we] yamane igikundiro.” (Abakolosayi 4:6) Lyanne avuga ati: “Kugira ngo sinsange nishe ikiyago, vyabaye ngombwa ko nza ndagira akigoro ko kuguma nturuye kandi ntekanye uko bishoboka kwose, n’igihe haba havyutse ibibazo bitoroshe.”
Hamwe utogira akigoro ko kuguma uturuye, woshobora gutwarwa n’ishavu ugakankama, ivyo bikaba vyokwica vyinshi! (Abanyefeso 4:31) Nk’akarorero, gukankamira umwana vyoshobora kwica ikiyago maze ibintu bikunyuka. Umuvyeyi umwe yitwa Heidi afise umukobwa w’umuyabaga, avuga ati: “Umwana ameze nk’ikiruka co mu mazi. Uvuganye umutima mwiza n’urukundo, arakwugurukira. Ariko umukankamiye ukongera ukamushira hasi, imihora y’ikiyago ica yiyugara, akamera nk’ikiruka ciyugaye. Kugira ngo ngume nibuka ico kintu, narashize kuri firigo yacu ifoto y’ikiruka co mu mazi cuguruye.”
Numenye abana bawe. Yasmin, umwe twavuga mu kiganiro ca mbere, avuga ati: “Abahungu banje babiri baratandukanye rwose. Umwe araganira cane, ariko uwundi wewe arahoze. Uwo atekereje, nasanze ntakwiye kumusatira. Ahubwo riho, ndamuyagisha iyo turiko turakorana ikintu kanaka, nk’iyo turiko turakina agakino canke iyo ariko aravuga ibijanye n’ikintu kimuryohera. Ico gihe, nca ndamubaza ico yiyumvira ku kintu kanaka, nkabigira nigengesera.”
Bite ho mu gihe umwana w’umuhungu yumva bimutera ubuyega kuyaga na nyina ku bintu kanaka bimuraba? Ivyo vyarashikiye umuhungu w’umuyabaga w’umukenyezi yitwa Misao. Uwo muhungu wiwe yamubwiye ati: “Wewe ntuntahura!” Uwo muvyeyi yaciye asaba umugabo umwe ahumuye kandi w’umwizigirwa wo mw’ishengero yarimwo ngo amufashe. Misao avuga ati: “Uwo mugabo asigaye ari we amfashiriza umwana, kandi ubu uwo muhungu wanje araturuye mu mutima.”
Kuba umuvyeyi ntuvyitiranye no kuba umugenzi. Inabibondo w’abana babiri yitwa Iwona avuga ati: “Umukobwa wanje naramugize umugenzi mbwira amabanga yanje. Nari nzi ko atari vyiza, mugabo nasanze naguye muri uwo mutego, bica biba ngombwa ko nikosora.” Naho wipfuza gushikirana cane n’umwana wawe, niwibuke ko uri umuvyeyi, ko ari wewe utanga ubuyobozi mu muryango. Ugumye wiyubahiriza kandi ukerekana ubuhumure n’ugutekana, biratuma abana bawe boroherwa no kukwubaha kandi bagashira mu ngiro iri tegeko Bibiliya ibaha rigira riti: “Bana, mugamburukire abavyeyi banyu.”—Abanyefeso 6:1, 2.
‘Nukunde abana bawe.’ (Tito 2:4) Abana barakeneye urukundo nk’uko nyene bakeneye ivyo bafungura n’ivyo banywa! Niwame rero ubibutsa ko ubakunda, ubigire mu mvugo no mu ngiro! Ivyo bizotuma barushiriza kwumva batekaniwe, bitume kandi barushiriza kwipfuza kukuyagira no kukugamburukira.
[Uruzitiro ku rup. 6]
Ubona wofasha umuvyeyi yireranye abana?
Inabibondo yireranye abana babiri yitwa Maki yanditse ati: “Biramaze gushika mvuye ku kazi narushe nahwereye, ata kindi numva nokora, ngasanga ku muryango hateretse ibifungurwa hamwe n’agakete. Agakete kamwe kavuga ngo: ‘Kaze i muhira. Utegerezwa kuba urushe.’ Nasanze nakoroye amosozi, nca ndashimira Imana.” Hoba hari umuvyeyi uzi yireranye abana akora atiziganya kugira yiteho abana biwe? Ubona gute umukeje ku twigoro agira, igihe bishoboka na ho ukamubwira ko woshima kugira ico umufashije?a Nk’akarorero, rimwe na rimwe womubwira ko ushobora kumufasha kuraba abana igihe atari ho ari canke ukabamujanira kw’ishure.
Abavyeyi bireranye abana usanga kenshi bagira irungu. Ubona gute none rimwe na rimwe ugiye uratumira mwene uwo muvyeyi hamwe n’abana biwe mugasangira akajumbu, canke bakiyunga ku muryango wanyu mukajana gutembera? Imiryango irimwo umuvyeyi umwe usanga ikeneye kugira abo twokwita abaryango, kandi murashobora kubabera abo baryango. Nimba umuryango wanyu urimwo serugo, abana b’uwo inabibondo yireranye abana boshobora kumwigirako ingene umuntu w’umugabo yifata.
Ubona gute ugize urutonde rw’abavyeyi uzi bireranye abana maze ukarabira hamwe n’umuryango wawe ico mwoshobora kubafasha?
1. ․․․․․
2. ․․․․․
3. ․․․․․
4. ․․․․․
5. ․․․․․
[Akajambo k’epfo]
a Kubera ko abavyeyi benshi bireranye abana usanga ari abakenyezi, ni bo twafatiyeko cane muri ibi biganiro.
[Ifoto ku rup. 5]
Nuhe umwanya umwana wawe igihe yipfuza ko muyaga