Twisunze Bibiliya
Imana yoba ikoresha ivyago vy’ivyaduka mu guhana abantu muri iki gihe?
ABANTU bamwebamwe bemera ko Imana ikoresha ivyago vy’ivyaduka mu gutoza indero abantu. Abandi bariyamiriza ico ciyumviro. Abandi na bo ntibazi ico bokwemera. Umwigisha umwe w’ivyigwa bijanye n’idini yavuze ati: “Imigenzo myinshi ijanye n’idini iremeza ko ata n’umwe ashobora kwemeza ko Imana ari yo igomba ko haba ivyago vy’ivyaduka.”
Ariko rero, Bibiliya iratanga inyishu zimara akanyota. Irasigura neza nimba Imana irungika canke itarungika ivyago vy’ivyaduka kugira ngo ihane abantu muri iki gihe. Irasigura neza kandi igituma abantu benshi bashikirwa n’imibabaro.
Ivyanditswe biratanga akarorero
Bibiliya irahishura ibintu bibiri vy’ukuri vy’ishimikiro vyerekeye Imana, iyitwa Yehova. Ubwa mbere, ni yo Muremyi akaba ari co gituma ifise ububasha n’ubukuru bwo gucungera inguvu ziri mu bidukikije. (Ivyahishuwe 4:11) Ubwa kabiri, ivyo ikora vyama bihuye na kamere zayo be n’ingingo ngenderwako zayo. Ivuga muri Malaki 3:6 iti: “Ndi Yehova, sinahindutse.” Ufise ivyo vyiyumviro mu bwenge, rimbura ibintu bibiri vyabaye muri kahise: kimwe cerekeye isegenya ikindi na co cerekeye uruzuba. Uraza kubona mu nkuru zo muri Bibiliya yuko igihe Imana yaba ikoresheje inguvu ziri mu bidukikije kugira ngo ishitse imanza zayo, yama itanga (1) imburi, (2) imvo, (3) igakingira abasavyi bayo bagamburuka.
Isegenya ryo mu gihe ca Nowa
Imburi. Hagisigaye imyaka mirongo ngo iryo Segenya ribe, Yehova yabwiye Nowa ati: “Nayo jewe, ehe ngira nzane umwuzure w’amazi kw’isi kugira uhonye munsi y’amajuru ikiri n’umubiri cose.” (Itanguriro 6:17) Nowa, akaba yari “umwamamaji w’ubugororotsi,” yaraburiye abantu, mugabo “ntihagir[a] ico bitaho.”—2 Petero 2:5; Matayo 24:39.
Imvo. Yehova yamenyesheje ati: “Iherezo ry’ibiri n’umubiri vyose ryaje imbere yanje, kuko isi yuzuye ubukazi kubera vyo.”—Itanguriro 6:13.
Ugukingira abasavyi bayo bagamburuka. Yehova yarahaye Nowa ubuyobozi bw’ido n’ido bujanye no kwubaka ubwato bwo kurokokeramwo iryo Segenya. “Harokotse gusa Nowa n’ivyari kumwe na we mu bwato.”—Itanguriro 7:23.
Uruzuba rwateye muri Isirayeli
Imburi. Imbere y’uko Yehova Imana ateza uruzuba muri Isirayeli, umuhanuzi wiwe Eliya yamenyesheje ati: “Muri iyi myaka nta kime canke imvura bizohaba, kiretse kw’itegeko ry’ijambo [ry’Imana]!”—1 Abami 17:1.
Imvo. Ukuba Isirayeli yasenga imana y’ikinyoma Bayali vyatumye Yehova agira ico akoze. Eliya yasiguye ati: “Mwahevye amabwirizwa ya Yehova [mukurikira] za Bayali.”—1 Abami 18:18.
Ugukingira abasavyi bayo bagamburuka. Mu gihe c’urwo ruzuba, Yehova yararonkeje ibifungurwa abasavyi biwe bagamburuka.—1 Abami 17:6, 14; 18:4; 19:18.
Ico ubwo burorero buhishura
Muri iki gihe, nta kintu na kimwe cerekana ko ivyago vy’ivyaduka ari ikintu categekanirijwe guhana abantu. Kubera ko Yehova ari Imana y’ubutungane ntiyigeze ‘ahonereza hamwe umugororotsi n’umubisha.’ (Itanguriro 18:23, 25) Yarashiraho intunganyo ijanye no kurokora abamugamburukira. Muri iki gihe ivyago vy’ivyaduka bishikira abagabo, abagore be n’abana ata n’umwe avuyemwo.
Biragaragara ko ivyago vy’ivyaduka biba muri iki gihe bidahuye n’ivyo Imana yateje bivugwa mu Vyanditswe. N’ikindi kandi, ivyo bintu bipfa kwiyadukiza birahushanye rwose n’ukuntu Imana imeze. Muri Yakobo 1:13 havuga yuko Imana itagerageza abantu ikoresheje ibintu bibi, muri 1 Yohani 4:8 na ho hakerekana muri make ukuntu Imana imeze mu kuvuga ngo: “Imana ari urukundo.” Ntiyokwigera rero ibazwa amakuba ashikira abantu b’intungane atewe n’ibihuhusi bipfa aho biteye, vya nyamugigima be n’ibindi vyago nk’ivyo. None ivyo vyago vyoba bizokwigera bihera?
Imibabaro igiye kuvaho
Yehova Imana ntiyigeze yipfuza ko abantu bashikirwa n’ivyago vy’ivyaduka. Agomba ko abantu baba kw’isi ibihe bidahera mu mahoro. Nk’uko yabigize mu gihe ca Nowa, azogira ico akoze mu bibera kw’isi kugira ngo akureho ibintu vyose bibi. Nk’uko Yehova Imana yamye abigira, ariko aramenyesha imbere y’igihe ibigiye kuba mu gutuma ubutumwa bwo gutanga imburi bwamamazwa kw’isi yose, gutyo akaronsa abantu akaryo ko gutunganya ivyabo kugira ngo bazorokoke.—Zaburi 37:9, 11, 29; Matayo 24:14.
WOBA UMAZE KUVYIBAZA?
● Imana yoba ikoresha ivyago vy’ivyaduka mu guhana abantu?—Yakobo 1:13.
● Tuzi gute ko Imana itazotikiza abantu b’intungane?—1 Yohani 4:8.
● Imibabaro iterwa n’ivyago yoba izokwigera ihera?—Ivyahishuwe 21:4.
[Ifoto ku rup. 11]
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 11]
Imana si yo ibazwa amakuba ashikira abantu