IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Niwikingire ubugizi bwa nabi!
“Igihe naba ntashe bwije, akenshi abagenzi banje baramperekeza. Ariko umusi umwe ku mugoroba, nashimye gutaha n’itagisi kubera ko nari ndushe cane.
“Aho kuntahana i muhira, umushoferi yanjanye ahantu mu gahinga, aca agerageza kumfata ku nguvu. Naciye nkoma induru uko nshoboye kwose, aca arandeka. Asubiriye kuza kumfata, naciye nkoma induru nca ndiruka.
“Kera nahora nibaza nti: ‘Gukoma induru vyofasha iki?’ Ariko ubu ndazi ko bifasha cane!”—VYAVUZWE NA KARIN.a
MU BIHUGU vyinshi, ubugizi bwa nabi bwama bugeramiye abantu. Nk’akarorero, umucamanza wo mu gihugu kimwe yavuze ati: “Bitebe bitebuke umuntu wese aragirirwa nabi. Birababaje, ariko ni ko biri.” Mugabo mu bihugu bimwebimwe, usanga ubugizi bwa nabi butagwiriye cane. Naho ari ukwo, umuntu ntiyoca ashira agati mu ryinyo kuko bishobora gutuma ageramirwa.
Waba uba ahantu ubugizi bwa nabi bugwiriye cane canke aho butagwiriye cane, wokora iki kugira ngo wewe n’abawe murushirize kwikingira? Kimwe mu bintu vy’ingirakamaro wokora ni ugukurikiza iyi mpanuro dusanga muri Bibiliya igira iti: “Umunyamakenga iy’abonye ikibi kije, arīkinga, arikw imburabgenge zikomeza inzira zikī[bonerako].” (Imigani 22:3, Bibiliya Yera) Kukaba nkako, n’abakuru mu gipolisi bararemesha abantu kugira ivyo bakoze kugira birinde kugirirwa nabi.
Ubugizi bwa nabi ntibutuma gusa umuntu ababara ku mubiri canke atakaza utwiwe. Benshi mu bo bushikira barasigarana imvune ku mutima no mu bwenge. Ese ukuntu rero bihambaye ko tugira uko dushoboye kwose kugira ngo turushirize kwikingira! Ku bw’ivyo, reka turabe ivyo wokora kugira ngo wikingire ubu bwoko bune bw’ubugizi bwa nabi: ubwambuzi, gukubagurwa mu vy’igitsina, ubugizi bwa nabi bugirwa biciye kuri Internet, no kwiba amakuru aranga umuntu.
UBWAMBUZI
Ni iki? Ubwambuzi ni ugutwara utwa murundi ukoreshe inguvu canke iterabwoba.
Bugira ingaruka izihe ku bantu? Inyuma y’ibitero vy’abambuzi vyabaye mu Bwongereza, umushikirizamanza umwe yavuze yuko abo vyashikiye bose bahahamutse naho batagiriwe nabi ku mubiri. Yavuze ati: “Abatari bake muri bo bavuga yuko baguma bahagaritse umutima be n’uko bibagora gutora agatiro, kandi hafi bose bavuga yuko batagikora neza akazi kabo ka misi yose kubera ivyabashikiye.”
Wokora iki?
Abasuma baguma bareretse uwo boca mu ryahumye; niwiteho kumenya ibiri hirya no hino yawe
Nube maso. Abasuma baguma bareretse uwo boca mu ryahumye. Bakarira canecane abantu ata co binona. Nugume rero urereka abakurereka, witeho kumenya ibiri hirya no hino yawe, kandi ntunywe inzoga zirenze urugero canke ibiyayuramutwe kuko vyotuma ubwenge bwawe budakora neza. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi cerekeye ivy’amagara kigira giti: “Igihe umuntu yanyoye inzoga canke ibiyayuramutwe biramugora kwiyumvira neza no kubona ibintu bishobora gutera akaga.”
Nukingire utwawe. Nukingire imodoka yawe wongere ukomeze imiryango n’amadirisha vy’inzu yawe. Ntukigere uha ikaze mu nzu umuntu utazi. Ntugumize ibintu vyawe vy’agaciro aho bibonwa n’uwari we wese; nturondere kwiyerekana. Mu Migani 11:2 havuga hati: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.” Abasuma, ushizemwo n’urwaruka rwibabariye, barakarira canecane abantu berekana ibisharizo vyabo vyo kwambara bizimvye be n’utwuma twabo tuzimvye.
Nurondere impanuro. Bibiliya igira iti: “Inzira y’igipfu iragororotse mu maso yaco bwite, mugabo uwumviriza impanuro ni inkerebutsi.” (Imigani 12:15) Nimba uri ku rugendo mu karere kanaka, niwumvire impanuro uhabwa n’abantu baho b’abizigirwa bazi ivyaho uko vyifashe, ushizemwo n’abakuru. Barashobora kukubwira aho ukwiye kwirinda guca be n’ingene wokwikingira ugakingira n’utwawe.
GUKUBAGURWA MU VY’IGITSINA
Ni iki? Gukubagura mu vy’igitsina ntibigarukira ku gufata ku nguvu; birimwo no gukorakora umuntu umugobereye canke ubanje kumutera ubwoba.
Bigira ingaruka izihe ku bantu? Umuntu umwe yafashwe ku nguvu asigura ati: “Ikibabaje cane ni uko bitakugirako ingaruka igihe gusa biba biriko biragushikira. Birakugumamwo, bikamara igihe kirekire bikugaruka mu bwenge, bigahindura n’ukuntu ubona ubuzima. Biranahindura ubuzima bw’abawe.” Naho ari ukwo, uwakubaguwe mu vy’igitsina si we aba ari mu makosa. Ikosa riba ari iry’uwabikoze.
Wokora iki?
Ntiwirengagize amakenga ufise. Urwego rumwe rw’igipolisi rwo muri Caroline ya Ruguru, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rutanga iyi mpanuro: “Nimba ahantu hanaka canke umuntu kanaka biguteye amakenga canke bigatuma wumva udatekanye, nuce uhava. Nimba wumva utohaguma, ntureke ngo hagire uwukugondoza ngo uhagume.”
Nukore ibintu udatinyatinya; nugume urikanuye. Abakubagura abandi mu vy’igitsina usanga barondera abantu ata co bicura kandi badashoboye kwirwanira. Ku bw’ivyo, nutambuke udatinyatinya kandi ugume urikanuye.
Gira ico ukoze udatebaganye. Nukome induru. (Gusubira mu vyagezwe 22:25-27) Nuhunge canke wirwanire mu gukora ikintu uwo muntu atari yiteze. Vyongeye, nimba bishoboka, nuce wirukira ahantu hatagira inkomanzi hanyuma uhamagare inyamiramabi.b
UBUGIZI BWA NABI BUGIRWA BICIYE KURI INTERNET
Burimwo ibiki? Burimwo gukoresha amayeri kugira ngo umuntu ntarihe ikori canke yungukire ku mfashanyo atari akwiye kwungukirako; burimwo n’ubusuma bufatiye ku makarata y’ingurane be no gutanga amahera mu kugura ibintu kuri Internet mugabo ntibabikurungikire. Burimwo n’ukurya abantu amahera mu kubahenda ngo bazane imitahe canke mu kwigira uwugurisha ibintu icamunara biciye kuri Internet.
Bugira ingaruka izihe ku bantu? Butuma abo bushikira hamwe n’ikibano muri rusangi bahahombera amahera amamiliyaridi n’amamiliyaridi. Nk’akarorero, raba ivyashikiye Sandra. Yararonse ubutumwa biciye kuri Internet, aca yiyumvira ko burungitswe n’ibanki yabitsamwo. Ubwo butumwa bwamusaba gutanga amakuru ajanye n’ikonte yiwe kugira ngo bayahuze n’ayo bafise. Haciye iminuta mikeya arungitse nya makuru, yarakubiswe n’inkuba asanze amahera 4.000 vy’amadolari (nk’amarundi arenga 6.000.000) yo kuri konte yiwe yarungitswe mw’ibanki yo mu kindi gihugu. Sandra yaciye ubwo nyene atahura yuko bamwivye.
Wokora iki?
Niwiyubare! Ntuhendwe n’imihora iboneka ko itunganijwe neza, kandi wibuke yuko amashirahamwe yo kwizigirwa akora ibijanye n’amahera adashobora kugusaba ngo uyarungikire amakuru yawe ahambaye cane y’ibanga biciye kuri Internet. Imbere y’uko ugura ikintu mw’ishirahamwe kanaka biciye kuri Internet canke ngo urishiremwo umutahe, nubanze usuzume ukuntu rizwi. Mu Migani 14:15 havuga hati: “Umuntu atazi utuntu n’utundi wese yizera ijambo ryose, mugabo umunyabwenge ararimbura intambuko ziwe.” Vyongeye, niwiyubare igihe ugomba gukorana n’amashirahamwe ari mu bindi bihugu. Havyutse ingorane, vyokugora cane kuzitorera umuti.
Nusuzume iryo shirahamwe be n’ukuntu rikora. Niwibaze uti: ‘Ibiro vy’iri shirahamwe biri hehe? Izi nomero zaryo za telefone zoba ari zo? Ninagura iki kintu, ubwo sinzosanga hariko haragenda ayandi mahera ntabizi? Ivyo ngomba kugura biciye kuri Internet bizonshikira ryari? Vyoba bishoboka ko ndabisubiza bakabinkabira canke bakansubiza amahera?’
Niwiyubare igihe ubona ko ivyo bagusezeranira birenze ukwemera. Abagira ubusuma biciye kuri Internet usanga barondera canecane abantu b’abanyamwina be n’abipfuza kuronka ivyo batabiriye akuya. Boshobora kuguhenda nk’akarorero mu kukubwira yuko ushobora kuronka amahera menshi ata kigoro kanini ugize, canke ukaronka ingurane canke agakarata k’ingurane naho woba utari mu gitigiri c’abagenewe iyo ngurane, canke ugatanga amahera make ukunguka menshi cane. Urwego rumwe rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ruraba ivy’urudandaza (Commission fédérale du commerce) ruvuga ruti: “Nusuzume witonze urabe ko umugambi wose bagusavye gushiramwo umutahe utarimwo amahinyu. Uko inyungu bakwemerera irushiriza kuba nini, ni ko birushiriza kubamwo akaga. Ntureke ngo hagire uwuguhata gushira umutahe mu rudandazwa utarabona neza ko rwoba rurimwo amahinyu.”
KWIBA AMAKURU ARANGA UMUNTU
Ni iki? Kwiba amakuru aranga umuntu ni ukuronka mu buryo butemewe amakuru amuranga ugaca uyakoresha mu busuma canke mu bindi bintu bitemewe n’amategeko.
Bigira ingaruka izihe ku bantu? Abasuma barashobora gukoresha amakuru akuranga kugira ngo baronke ingurane canke amakarata y’ingurane canke kugira ngo buguruze amakonte mashasha. Baca rero barya amadeni kw’izina ryawe! Naho wobimenya ugaca uja gusaba ko ayo madeni afutwa, birashobora gutuma umara imyaka itari mike uzwi nabi n’ishirahamwe abo basuma basavyemwo ayo madeni. Umuntu umwe vyashikiye avuga ati: “Kumenyekana nabi mu mashirahamwe atanga ingurane birica vyinshi; wopfuma mbere ubona bagutwaye amahera hako umenyekana nabi.”
Wokora iki?
Nukingire amakuru yawe y’ibanga. Nimba uhora ukoresha Internet mu kubika amahera muri banki canke mu kugura ibintu, nuze urahindura uko haciye igihe amakode ukoresha mu mashini ya orodinateri, na canecane igihe iyo mashini yoba ikoreshwa na benshi. Nk’uko vyamaze kuvugwa, niwiyubare cane ku butumwa bwo kuri Internet bwoza bugusaba gutanga amakuru y’ibanga akwerekeye.
Abasuma mwene abo ntibakoresha orodinateri gusa. Barakoresha uburyo bwose bushoboka kugira baronke inkaratasi zihambaye, nk’impapuro urungikirwa n’ibanki, udutabu tw’amasheke, udukarata tw’ingurane, be n’inomero umuntu aronkerako amahera mw’ishirahamwe riraba ivy’abakukurutse canke abatishoboye. Nuzigame neza ivyo bintu, kandi imbere y’uko uta inkaratasi izo ari zo zose ziriko amakuru y’ibanga, nubanze uzitabagure uzigire ubunywenywe. Mugabo bishitse ukicura yuko hari urukaratasi rwatakaye canke rwibwe, nuce ubwo nyene ubimenyesha ababijejwe.
Nugume ukurikiranira hafi konte yawe. Rwa rwego rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika ruraba ivy’urudandaza rugira ruti: “Kumenya ingene konte yawe yifashe ni ikintu gifasha cane kurwanya . . . ubusuma bw’amakuru aranga umuntu.” Rwongerako ruti: “Kubona imbere y’igihe ibimenyetso vyerekena ko hashobora kuba hari uwakwivye amakuru akuranga ni kirumara cane.” Nuze rero urasuzuma inkaratasi urungikirwa na banki ubitsamwo amahera, n’imiburiburi ku kwezi ku kwezi, kugira urabe ko ata kintu kidasanzwe cabaye kuri konte yawe.
Ariko ntiwumve, mw’isi ya kino gihe nta wushobora kwikingira ijana kw’ijana. N’abantu biyubara barashikiwe n’ubugizi bwa nabi. Naho ari ukwo, kwisunga ubukerebutsi n’ubwenge dusanga muri Bibiliya vyama ari kirumara. Bibiliya ivuga iti: “Ntubuhebe, na bwo buzokurinda. Bukunde, na bwo buzokuzigama.” (Imigani 4:6) N’ikiruta ivyo, Bibiliya idusezeranira ko ubugizi bwa nabi buzokurwaho.
Ubugizi bwa nabi burimirije gukurwaho
Ni igiki kidukura amazinda yuko Imana izokuraho ubugizi bwa nabi? Rimbura ibikurikira:
Imana iripfuza gukuraho ubugizi bwa nabi. “Jewe Yehova nkunda ubutungane, nkanka ubwambuzi hamwe n’ibitagororotse.”—Yesaya 61:8.
Irafise ububasha bwo guhagarika ubugizi bwa nabi. “Ifise ububasha bunyomoje; kand’ica imanza zibereye, igira ukugororoka kwinshi: nta ho idendereza.”—Yobu 37:23, Bibiliya Yera.
Yarasezeranye yuko izokuraho ababisha ikazigama abagororotsi. “Inkozi z’ikibi zizorandurwa.” “Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”—Zaburi 37:9, 29.
Yarasezeraniye abasavyi bayo b’intahemuka isi nshasha y’amahoro. “Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”—Zaburi 37:11.
Ayo majambo yoba yagukoze ku mutima? Nimba yagukoze ku mutima, tukuremesheje gufata umwanya wo gusuzuma Bibiliya kugira ngo umenye n’ibindi ku bijanye n’umugambi Imana ifitiye abantu. Nta kindi gitabu kirimwo ubukerebutsi ngirakamaro nka Bibiliya. Kandi nta kindi gitabu gitanga icizigiro nyakuri co kuzobaho mw’isi itarangwamwo ubugizi bwa nabi.c
Imana idusezeranira isi nshasha y’amahoro itarangwamwo ubugizi bwa nabi
a Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.
b Abantu benshi bakubagurwa mu vy’igitsina usanga bazi ababibakoreye. Nimba wipfuza ayandi makuru, raba ikiganiro kivuga ngo “Nokwikingira gute abarondera kunshurashuza?”, ku rupapuro rwa 228 mu gitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1. Ico gitabu kiraboneka ku muhora wo kuri Internet www.pr418.com.
c Ayandi makuru yerekeye inyigisho nyamukuru zo muri Bibiliya, urashobora kuyasanga mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Ivyabona vya Yehova barashobora kukikuronsa ku buntu, canke ukacisomera ku muhora wo kuri Internet www.pr418.com.