ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/13 rup. 3
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
  • Mu Bushinwa
  • Mu Bugiriki
  • Mu Buhindi
  • Mu Butaliyano
Be maso!—2013
g 8/13 rup. 3

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Buri musi, abantu barenga 20 mu bahoze mu gisirikare ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika bariyahura. Buri kwezi na ho, abasirikare nka 950 bakukurutse bitwararikwa n’urwego rwo muri ico gihugu rwitaho abakukurutse mu gisirikare baragerageza kwiyahura.

Mu Bushinwa

Ikinyamakuru kimwe co muri ico gihugu (China Daily) kivuga giti: “Hafi igice c’abigeme badashikana imyaka 30 bimukiye mu zindi ntara kuronderayo akazi baratwaye inda batarubaka izabo. Iryo ni iyongerekana rikomeye cane ry’igitigiri c’abakenyezi [b’Abashinwakazi] bafise abana kandi batubatse, tugereranije n’iyaruka riheruka ryonyene.” Bivugwa kandi ko mu Bushinwa “bataciyamiriza cane . . . ababana batubakanye.”

Mu Bugiriki

Mu Bugiriki indwara ya malariya yasubiye kwaduka, naho kuva mu 1974 bayihagurukiye bagahakwa kuyituza. Bivugwa ko iyo ndwara yagarutse bivuye ku ngorane z’ivy’ubutunzi no ku kuba amahera agenewe amagara y’abantu yaragabanijwe.

Mu Buhindi

Itohoza ryagizwe ryerekana ko naho ikibano c’Abahindi cahindutse ningoga kubera imico y’Abanyaburaya, ibice 74 kw’ijana vy’ababajijwe ibibazo bagishima yuko umuryango uba ari wo uronderera umusore canke inkumi uwo bazokwubakana, aho kuba ari bo bishimanira. Ibice 89 kw’ijana na bo bashima kubana n’incuti zabo aho kwibana ari umuryango ugizwe gusa n’abavyeyi be n’abana.

Mu Butaliyano

“Ekleziya iriko irayama, haba mu bihugu bitunze vy’i Buraya no muri Amerika. Imico yacu irashaje, insengero zacu ni nininini, ibigo vyacu vy’abihebeye Imana biragaragara, inzego nyobozi zacu ntizigikora neza, imigenzo yacu be n’ivyambarwa vyacu vyo gusomesha misa na vyo birangwa n’ukwiyerekana. . . . Ekleziya iri inyuma imyaka 200.”—Vyakuwe mu kiganiro Karidinali wo muri Ekleziya yitwa Carlo Maria Martini yahaye ikinyamakuru Corriere della Sera, kikaba casohotse amaze gupfa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika