ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 9/13 rup. 4-5
  • Guhuza ibitsina n’uwo mutubakanye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Guhuza ibitsina n’uwo mutubakanye
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Vyoba ari bibi guhuza ibitsina n’uwo mutubakanye?
  • Vyoba ari bibi ko abantu batubakanye bakorana ikintu na kimwe kijanye n’igitsina?
  • Wokwirinda gute ubushegabo?
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’igitsina?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • “Nimuhunge ubusambanyi”
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Ni ryari umuntu aba yarenze akarimbi?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Bibiliya yoba ibuza kuryoherwa mu vy’igitsina?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Be maso!—2013
g 9/13 rup. 4-5

TWISUNZE BIBILIYA

Guhuza ibitsina n’uwo mutubakanye

Vyoba ari bibi guhuza ibitsina n’uwo mutubakanye?

“Kuko ico Imana igomba ari iki: ni uko . . . [mwi]rinda ubusambanyi.”—1 Abatesalonika 4:3.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Imico kama imwimwe ntibona nabi ibintu bijanye n’igitsina bigirwa n’abantu bakuze bavyiyumvikaniye mugabo batubakanye. Mu mihingo imwimwe, abantu babona ko ata kibi kirimwo igihe imiyabaga itubakanye ikoranye ibintu bimwebimwe bijanye n’igitsina.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya irakoresha ijambo “ubusambanyi” mu kuvuga ibintu bimwebimwe bijanye n’igitsina bigirwa n’abatubakanye. Imana yiteze ko abayisenga ‘birinda ubusambanyi.’ (1 Abatesalonika 4:3) Ubusambanyi buharurwa mu bicumuro bikomeye nk’ukurenga ibigo, ubupfumu, akaborerwe, gusenga ibigirwamana, ukwicana no kwiba.—1 Abakorinto 6:9, 10; Ivyahishuwe 21:8.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Kimwe coco, Bibiliya iragabisha yuko “Imana izocira urubanza abasambanyi.” (Abaheburayo 13:4) N’igihambaye kuruta, iyo tugamburutse amategeko y’Imana agenga inyifato runtu mu vy’igitsina, tuba twerekanye ko dukunda Yehova Imana. (1 Yohani 5:3) Abitondera amabwirizwa yiwe araheza akabahezagira.—Yesaya 48:18.

Vyoba ari bibi ko abantu batubakanye bakorana ikintu na kimwe kijanye n’igitsina?

“Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe.”—Abanyefeso 5:3.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Abenshi babona ko ata kibi kirimwo igihe abantu batubakanye bakoranye ibintu bijanye n’igitsina, bakire gusa kudahuza ibitsina.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Igihe Bibiliya ivuga ingeso z’ubushegabo, ntivuga gusa ubusambanyi, ariko kandi iravuga “ubuhumane” n’ “ubushirasoni” mu vy’igitsina. (2 Abakorinto 12:21) Biragaragara rero ko hariho ibintu bitandukanye bijanye n’igitsina abantu batubakanye bokora bikababaza Imana, n’igihe batoba bahuje ibitsina.

Muri rusangi, Bibiliya yerekana ko umugabo n’umugore bubakanye ari bo gusa barekuriwe gukorana ibintu bijanye n’igitsina. Bibiliya iriyamiriza kandi “inambu y’ivyipfuzo bibi.” (1 Abanyatesalonika 4:5, Ubwuzure Bushasha) None ivyo bisobanura iki? Raba ibishobora gushikira umusore canke inkumi: Umukobwa yoshobora kwiyemeza kudahuza ibitsina n’umuhungu bakundanye, ariko agakorana na we ibindi bintu bijanye n’igitsina. Babigenjeje gutyo, baba bariko baripfuza ibitari ivyabo. Ku bw’ivyo rero, baba bafise “inambu y’ivyipfuzo bibi.” Bibiliya iriyamiriza mwene ukwo kunohokera ivy’igitsina.—Abanyefeso 5:3-5.

Wokwirinda gute ubushegabo?

“Nimuhunge ubusambanyi.”—1 Abakorinto 6:18.

KUBERA IKI WOVYITAHO?

Bibiliya yerekana ko abakorana ibintu bijanye n’igitsina kandi batubakanye bashobora gutakaza ubucuti bafitaniye n’Imana.—Abakolosayi 3:5, 6.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Bibiliya ihanura abantu iti: “Nimuhunge ubusambanyi.” (1 Abakorinto 6:18) Ivyo bisobanura yuko umuntu akwiye guca kure ikintu cose cotuma akora ivy’ubushegabo. (Imigani 22:3) Nk’akarorero, kugira ngo umuntu agume atanduye mu vy’inyifato runtu, birahambaye ko yirinda kwifatanya cane n’abantu batisunga ingingo ngenderwako z’Imana zijanye n’ivy’igitsina. Bibiliya igabisha iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.”—Imigani 13:20.

Kwiyumvira ivy’ubushegabo na vyo nyene birashobora gutuma umuntu yigenza nabi mu vy’igitsina. (Abaroma 8:5, 6) Ni co gituma ari vyiza kwirinda imiziki, amavidewo, ibitabu n’ikindi kintu ico ari co cose cerekana mu buryo butabereye ivy’igitsina canke kiremesha mu buryo na bumwe ikintu kibabaza Imana kijanye n’igitsina.—Zaburi 101:3.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika